Kenya: Ruto na Odinga barahuza mu kunegura ingingo ya sentare ku ba LGBT

    • Umwanditsi, Ferdinand Omondi
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Umukuru wa Kenya William Ruto n’indongozi y’abatavuga rumwe na reta Raila Odinga bavuze rumwe mu kunegura ingingo ya sentare ntahinyuzwa yo mu ndwi iheze yemereye abagiranira imigenderanire mpuzabitsina babisangiye (LGBT) kwemererwa kwandikisha mu mategeko amashirahamwe yo guharanira uburenganzira bwabo muri Kenya.

Prezida Ruto yarahiye ko atazokwigera yemera ko abahuje ibitsina bubakana (bagira ubugeni canke bashinga urwabo) mu mategeko muri Kenya, avuga ko "biteye kubiri n’imico y’igihugu hamwe n’ukwemera kw’amadini".

Ni vyo bineguro vya vuba bigizwe n’abantu bakomeye kuri iyo ngingo ya sentare, abatari bake bafashe ukutari ko mu kwibaza ko ije guha aba LGBT uburenganzira bwo kwubakana muri Kenya.

Ku wa gatanu uheze, sentare ntahinyuzwa yashinze ko ingingo y’urwego rwa Kenya rujejwe amashirahamwe ategamiye reta yo kwanka kwemera iyandikwa ry’umugwi w’igihugu w’aba 'gay' n’aba 'lesbian' ujejwe agateka ka zina muntu (National Gays and Lesbians Human Rights Commission) – canke irindi shirahamwe ryose ririmwo amajambo 'gay' na 'lesbian', iteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Sentare yavuze ko kuvyanka ata kindi ari ku mvo z’inyifato ijanye n’imigenderanire mpuzabitsina ari uguhonyanga uburenganzira butangwa n’ibwirizwa shingiro ku bijanye no gushinga amashirahamwe n’ukudakumirwa.

Ariko kuva ico gihe, iyo ngingo imaze kwiyamirizwa cane n’abanyagihugu, inzego nshingamateka, amasengero, abategetsi bakomeye b’igihugu harimwo umukuru w’inama nshingamateka, ubu naho n’umukuru w’igihugu ubwiwe.

Ku wa gatatu inama nshingamateka yarafashe umwanya ukwiye wo kwiga iyo ngingo, benshi mu bafashe ijambo bakaba bibajije igituma sentare yatanze uburenganzira bwo gushinga ishirahamwe ku co babona ko ari ikintu giteye kubiri n’amategeko.

Ibwirizwa shingiro rya Kenya ritegekanya ukwubakana hagati y’abadasangiye ibitsina gusa, mu gihe igitabo mpanavyaha naco gihana imibonano mpuzabitsina "iteye kubiri n'itunganywa kamere" gushika ku myaka 14 yo gupfungwa.

Izo ni zo ngingo abashingamateka bafatiyeko mu kunegura urwaciwe na sentare.

Ku wa kane, icegera c’umukuru w’igihugu Rigathi Gachagua yavuze ko kwemerera ishirahamwe riharanira uburenganzira bwo kwubakana hagati y’abasangiye ibitsina ari inzira yo kugerageza kwemera mu mategeko ibikorwa vy’aba LGBT muri Kenya, ivyo navyo bikaba biteye kubiri n’imibereho yo muri iki gihugu.

Prezida Ruto – akomerwa amashi n’abanyagihugu – yavuze ko hari isekeza ry’abanyamahanga ryo kuzana mu gihugu "imico y’ahandi", yarahiye ko atazokwemera muri Kenya.

Nawe indongozi y’abatavuga rumwe na reta Odinga yasubiwemwo avuga ko gushinga amategeko atari igikorwa c’ubutungane.

Muri iyi minsi, agatima ko kuterekwa aba 'gay' karakomeye cane muri Kenya no mu karere, ku mbuga hwaniro hakaba harengewe n’ubutumwa bw’abarwanya iciyumviro cose co hagati na hagati kuri ico kibazo.

Ku munsi sentare yashikiriza iyo ngingo, umushingamateka Peter Kaluma yatanze inyandiko y’icese yo gusaba ko itegeko risubirwamwo kugirango hategekanywe igihano co gupfunga ubuzima bwose abantu bagiriwe n’imibonano mpuzabitsina babisangiye canke kuvyamamaza.