Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Uwuharanira uburenganzira bw'aba-LGBTQ yatowe ikiziga mu gikarato
Igiporisi muri Kenya kiriko kirakora amatohoza ku rupfu rw’umunyamideri akaba n’uwuharanira uburenganzira bw’abagira imigenderanire mpuzabitsina mu buryo butamenyerewe [bwo hagati y’umugabo n’umugore], LGBTQ (lesbian, gay, bisexual, transgender, queer canke questioning) Edwin Chiloba inyuma y’aho ikiziga ciwe gitorewe mu gikarato c’icuma ku nkombe z’ibarabara hafi y’igisagara ca Eldoret.
Imvo y’ubwo bwicanyi ntizwi, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Star gisubiramwo umuvugizi w’igiporisi.
Ariko amashirahamwe aharanira uburenganzira muri Kenya, aho bene izo nyifato zitemewe n’amategeko, bafatanya ubwo bwicanyi n’inyifato yari afise mu bijanye n’igitsina.
Rimwe muri ayo mashirahamwe rigereranya ko abarenga 50% b’aba LGBTQ b’abanya-Kenya bamaze guhohoterwa.
“Nta n’amajambo ahari yo gusigura ingene twebwe nk’abameze gutyo tumerewe muri iki gihe,“ ivyo vyandikwa kuri Instagram n’ishirahamwe ry’aba LGBT National Gay and Lesbian Human Rights Commission.
Abantu benshi banditse ku mbuba hwaniro bavuga Chiloba nk’‘umuntu w’igitangaza‘‘ kandi nk’‘umunyamuderi w’igihangange‘‘.
Ku wa mbere uheze Chiloba yanditse kuri Instagram ko ‘‘agiye kurwanira abantu bose bakumirwa‘‘, avuga ko nawe ubwiye yakumiriwe.
Ikiziga ciwe catowe ku wa gatatu.
Uwabibonye yasubiwemwo avuga ko umuntu afise imodoka itagira imparati yabonywe ataye ico gikarato c’icuma ku nkombe z’ibarabara.
Vyaramenyeshejwe igiporisi , kigiye kwugurura ico gikarato gica gisangamwo ico kiziga.
Umuvugizi w’igiporisi Resila Onyango yasubiwemwo avuga ati: ‘’Gushika ubu ntituzi igituma yishwe gutyo’’.
Abari muri uwo murwi w’aba-LGBTQ mu gihugu bahanzwe no gukumirwa no gutungwa agatoki, kandi utwigoro tw’uko kuba umu-LGBTQ kitoba icaha n’ubu ntaho turashika.
Mu mwaka uheze , iyicwa ry’umugore wo muri uwo mugwi Sheila Lumumba ryatumye haba isekeza ryo ku mbuga hwaniro ryo kurondera ubutungane kuri Sheila, #JusticeForSheila.
Harabaye amasekeza nk’ayo mu 2021 inyuma y’iyicwa rya Erica Chandra na Joash Mosoti barwanira uburenganzira bw’aba LGBTQ.
Njeri wa Migwi ati: ''Edwin Chiloba yari umuntu w'igitangaza. Yararinda, agakunda umwuga cane, inguvu ziwe nta gatotsi zari zifise. Yiyumvawo umuderi. Hari uwamwishe bunyamaswa, ashira ikiziga ciwe mu gikarato hanyuma arajugunya ikiziga ciwe.
''Edwin turavuga izina ryawe. Amaras yawe ntaze apfe ubusa. Hagarika kwica aba LGBTQ''.