Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: ushobora gupfungwa uvuze ko uri umutinganyi mu nteguro y’itegeko rishasha
- Umwanditsi, Patience Atuhaire
- Igikorwa, BBC News, Kampala
Inama nshingamateka igiye kwiga integuro y’itegeko rihana umuntu uwo ari we wese yemera ku mugaragaro ko ari mu bahuza ibitsina babisangiye, bazwi nka LGBTQ+, aho ashobora gupfungwa imyaka cumi.
Iyi nteguro y’itegeko itegekanya kandi ko abakodesha amazu ku bantu bahuza ibitsina babisangiye nabo bashobora gucirirwa umunyororo.
Umukuru w’inama nshingamateka Annet Anita Among yakoresheje amajambo yo kwanka no kwankisha abahuza ibitsina babisangiye igihe yashikiriza ijambo abashingamateka iyi nteguro ishikanywe imbere yabo.
Ni ikindi kimenyetso cerekana urwanko rugenda rwiyongera ku batinganyi mu gihugu imibonano mpuzabitsina ku babisangiye itemewe n’amategeko.
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch (HRW) rivuga y’uko rifata ko mu gihe iri tegeko ryokwemeza, Uganda yoba ibaye igihugu conyene ca Afrika cemeje ko abemera ku mugaragaro ko ari aba-LGBTQ+ bazohanwa n’amategeko.
Iri tegeko kandi rizoshobora guhagarika imfashanyo z’amafaranga canke ukwamamaza ibikorwa vy’aba-LGBTQ+.
Iri tegeko kandi rihanisha umunyororo w’imyaka cumi umuntu uwo ari we wese ahuje igitsina canke yubakanye n’uwo bagisangiye. Umwumvikano ntuzoba icitwazo.
Umuntu uwo ari we wese ahuje igitsina n’umwana basangiye igitsina azopfungwa imyaka cumi.
Integuro y’iri tegeko yashikanywe imbere y’inama nshingamateka n’umushingamateka atavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi Asuman Basalirwa, ariko ntibiratomoka nimba Perezida Yoweri Museveni n’umugambwe wiwe National Resistance Movement (NRM) – ari na wo ufise intebe nyinshi mu nama nshingamateka - bazoshigikira iyi nteguro.
Hagati aho, Perezida Museveni araherutse kwiyamiriza ubutinganyi, kandi umukuru w’inama nshingamateka ni uwo mu mugambwe NRM.
Yakoresheje ijambo ry’agasuzuguro mu gusigura abahuza ibitsina babisangiye, ariko akavuga ko bashobora kwemererwa gushikiriza ivyiyumviro vyabo “ku mugaragaro” kuri iyi nteguro.
Abanyaporitike n’abandi bashigikiye iyi nteguro bagiriza amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye ko bariko bararonderera mu bana, babahendahenda, bamwe bakabahendesha amafaranga no kubarihira amashure. Ariko nta vyemezo batanga bishigikira ibi birego.
Frank Mugisha aharanira agateka k’aba-LGBTQ+ akaba aba muri Uganda, avuga ko abantu bariko “barumvishwa” ko uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye ari akaga ku mico n’imigenzo ya Afrika, kandi ko ari “igisizimwe amahume cazananye mu bihugu vy’Uburengero”.
Ati: "Tumaze kwakira imanza nyinshi cane zijanye n’ihonyangwa [ry’uburenganzira bw’umuryango w’aba-LGBTQ+]. Tumaze kubona benshi cane bahagarikwa, baburabuzwa, bakakwa amafaranga, rero ibi bigiye kwiyongera”.
Mu 2014, sentare yubahiriza ibwirizwashingiro muri Uganda yarahagaritse itegeko-bwirizwa rihana abahuza ibitsina babisangiye, ryari iryo gukomeza amategeko ahana umuryango w’aba- LGBTQ+.
Ryavuga ko biteye kubiri n’amategeko kwamamaza no gufasha mu buryo bw’amafaranga amashirahamwe n’ibikorwa vy’aba-LGBTQ+, rigashimangira kandi ko ibikorwa vy’ubutunganyi bikwiye guhanishwa umunyororo w’ubuzima bwose.
Sentare yategetse ko iri tegeko rifutwa kubera ryari ryemejwe n’inama nshingamateka ibitigiri vyasabwa bidakwiye. Iri tegeko ryariyamirijwe bikomeye n’ibihugu vy’Uburengero.
Igihano c’umunyororo w’ubuzima bwose ku bahuje ibitsina babisangiye gisanzwe kiri mw’itegeko mpanavyaha ry’ico gihugu. Ntibizwi neza nimba iri tegeko rishasha ririko ririgwa rizokuraho iki gihano.
Imibonano mpuzabitsina ku babisangiye irabujijwe mu bihugu vyababa 30 vya Afrika, aho abanyagihugu benshi bubahiriza imico y’amadini n’ikibano.