Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore w'imyaka 36 yamizwe n'isato
Ntibikunze kuba kenshi kubona abantu bariwe n’inzoka, ariko iyi nkuru y’umugore yariwe n’isato, igize kabiri mu kwezi kumwe.
Uyu mugore w’imyaka 36 yitwa Siriati, yari yaburiwe irengero kuva ku munsi wa kabiri 02/07/2024, inyuma yo kuva muhira agiye kugura umuti w’umwana, nk’uko bimenyeshwa n’igipolisi.
Umugabo wiwe, Adriansa, yahamagaye abatware amaze gusanga ibirato vyiwe n’impuzu ku metero amajana atanu uvuye ku nzu yabo, mu kirwati ca Siteba, mu bumanuko bw’intara ya Sulawesi.
Mu kiganiro yahaye BBC ishami ritangaza amakuru muri Indonesia, umukuru w’igipolisi muri ako karere, Idul, yavuze ko umugabo w’uwo mugore yari yaburiwe irengero yabonye iyo nzoka yo mu bwoko bw’isato, ayica umutwe kugira yugurure inda yayo yabona ivyimvye, ari na ko kubona ibisigarira vy’umugore wiwe.
Mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu, uwundi mugore yarishwe n’inzoka y’imetero zitanu, mu kandi karere ko mu bumanuko bwa Sulawesi.
Igipolisi cari cagabishije abahaba, kibahanura kwama bitwaje inkota kugira ngo bitange ibitero vy’isato, inyuma y’icaheruka gutwara uwo mugore wa mbere.
Abaharanira ibidukikije mu kigo kijejwe ibidukikije mu bumanuko bwa Sulawesi, bibaza ko hari isano rikomeye hagati yo gutakaza ibice vy’amashamba n’ivyo bitero vy’ibikoko.
Umuyobozi w’ico kigo, Muhammad Al Amin, yabwiye ‘BBC News Indonesia’ ko umuvuduko wo gutema amashamba bashaka kwimba ubutare no kurima muri ako karere utera wiyongera: “Ingaruka n’uko iyo ivyo bikoko bigiye gushaka icorirenza, bija guhiga mu duce dusanzwemwo abantu, ndetse bikanabagabako ibitero”, ni ko Al Amin avuga.
Umukuru w’igipolisi, Idul, yavuze ko ababa muri ako gace baketse ko iyo sato yariko iriyerereza ku nzira kubera yarondera ingurube zo mw’ishamba, ari na co gifungurwa cayo. Ariko rero muri ino minsi izo ngurube zo mw’ishamba ntizikiboneka.
Idul, asaba ababa muri ako gace ko atawohirahira ngo yifatane urugendo wenyene.
Inzoka irya umuntu gute?
Isato zikunda kwica abantu muri Indonesia ni isato z’amabara y’amagagwe.
Zishobora gushikana imetero cumi kandi zirakomeye cane.
Mu gutera zibanza gutega umutego, zikizingira kuwo zafashe, zikamukamvya, zigakomeza kumunyukanga uko agenda ahumeka asohora impemu.
Uwo zafashe aca abura impemu zikwiye, umutima ugahagarara mu kanya gato.
Isato zimira mirungu igikoko canke umuntu zafashe wese. Imisaya yazo ifatanijwe n’udutsi dukweguka neza, rero zirashobora kwagura umunwa, ico zafashe kikinjira mu kanwa bitagoranye.
“Iyo rero bigeze ku kurya abantu, ahayigora usanga ari amagufa yo mu bitugu, kuko idashobora kuyegeranya”. Uko ni ko Mary-Ruth Low, umushakashatsi ku bijanye no kubungabunga ibidukikije mu kigo kijejwe kubungabunga amashamba n’ivyayo muri Singapore, akaba n’umuhinga mu kwiga izo sato z’amagagwe, yabwiye BBC.
“Isato mu bisanzwe zikunda kurya ibinyabuzima vyo mu muryango w’ibivyara bikonsa (mamiferes/ mammals), ariko rimwe na rimwe zirashobora kurya ivyo mu muryango w’ibinyabuzima vyikwega hasi (Reptiles), harimwo n’ingona.
Akenshi zirya imbeba n’utundi dukoko duto duto, ni ko Mary-Ruth avuga.
Yongerako ko hari urugero zishikako iyo zimaze gukura, ntizibe ziciruka inyuma y’imbeba, kuko zidakuramwo ingaburo izikwiye.
Ati:” zishobora gukakama zikangana n’igikoko zafatishije mu ruhigi”.
Aha ni ukuvuga ko zishobora kungana n’ingurube ndetse n’inka.