Menya ivyo ibinyamakuru vy'Uburengero bivuga ku mubonano wa Trump na Zelensky

Umubonano wo ku wa gatanu hagati ya Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine watumye havugwa vyinshi mu binyamakuru vy'Uburengero. Abatari bake baribaza ukuntu Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yashoboye gutuma Trump yongera kwisubirako ku ngingo ziwe.

Ikinyamakuru Axios, gisubiramwo amasoko yaco avuga ko uno mubonano hagati y'aba bategetsi babiri muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) wari "ugoye". Trump yari "arakaye cane" nubwo ikiyago vyashika hakazamwo "ibigumbagumba gatoya".

Yamenyesheje Perezida Zelensky ko Amerika muri iki gihe idashobora guha Kyiv ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Tomahawk, nubwo mu ntango z'indwi yasa n'uwerekana ko yashobora kubitanga.

Ikinyamakuru co mu Budagi, Der Spiegel, kivuga ko uwo mubonano wo ku wa gatanu wari akandi karyo ko kurondera ko umukuru w'igihugu ca Amerika yosubira kugirira icizere Ukraine.

Ku bw'umwanditsi w'iyi nkuru, mu ntango z'uno mubonano, Zelensky yagumye akoresha imvugo yerekana ubwitonzi, mbere mu vyo yavuga hafi vyose yama ashiramwo ijambo ngo "urakoze", ariko aya majambo yo "guhendahenda ntiyari ku rugero Donald Trump asanzwe amenyereye".

Iki kinyamakuru candika kiti: "Kumbure ni urugero rwiwe ruto rw'icongereza. Canke naho akaba kumbure atagira amayeri yo kumuhayagiza. Mu gihe abandi bategetsi basa n'abasanzwe bamenyereye gushimagiza Trump, uno mukuru w'igihugu ca Ukraine wewe yasa n'uwuriko arahatirako".

Iciyumviro ca Trump c'uko Uburusiya na Ukraine vyompi vyotangaza ko vyatsinze hanyuma "bihagarikire aho bigeze" kiboneka nk'ikitagira ishingiro, kandi cerekana kudatahura ibintu neza, nk'uko umwanditsi abivuga: "Nk'uko umengo twoba turiko tuvuga nk'ababanyi babiri bariko barashwana bapfuye akantu ataco kamaze - kuri we kikaba atari ikibazo comuraza ishinga".

Nk'uko ikinyamakuru The New York Times kivyandika, ikintu nyamukuru gishobora kuba carahinduye inama yo ku wa gatanu ni ikiyago kirekire co kuri terefone hagati ya Trump na Perezida Putin, gisa n'icahinduye iciyumviro ca Trump co kurungikira Ukraine misire za Tomahawk. Iki kinyamakuru kibona ko aka ari akandi karorero k'ukungene Trump aba mahindagu iyo aramutse avugana na Putin.

Abajijwe n'umunyamakuru ku wa gatanu nimba Putin yoshobora kumukoresha ku nyungu ziwe bwite, Trump yavuze ko "bishoboka".

"Mu buzima bwanje nagiye ndengerwa n'abantu b'amayeri menshi kunsumvya, ariko namye nivyukiranya", niko Trump avuga, akongera ko ati: "Rero birashoboka. Ariko ndibaza ko mu bintu nk'ibi ntari mubi. Nibaza ko yipfuza amasezerano kanaka".

Ikinyamakuru Washington Post candika ko gushika ubu Uburusiya bwashoboye kubuza Trump kubufatira ibihano bishasha canke kurungikira Ukraine ibirwanisho rutura bindi, bugakoresha amayeri yo kwerekana ko bwipfuza amasezerno y'amahoro ariko aho nyene bugaca bwongereza akariro mu bitero vyabwo.

Iki kinyamakuru candika kiti: "Ikiyago ca Putin na Trump kuri terefone ku wa kane cabaye akandi karorero k'ukungene iyi ndongozi y'Uburusiya yama igerageza gutevya canke kworosha ingingo ruhasha za Trump mu kumwiyegereza canke kumwizeza inyungu mu vy'ubucuruzi".

Aho kwongerereza imfashanyo Ukraine canke gufatira Uburusiya ibihano bishasha, Trump yatangaje uwundi mubonano na Putin, nk'uburyo bwo gukeza iyi ndongozi y'Uburusiya, "kugira ngo turabe nimba iyo ntambara iteye isoni hagati y'Uburusiya na Ukraine ishobora guhera".

Iki kinyamakuru candika ko ivyo guhagarika ibitero vy'Uburusiya ku masoko ntanganguvu ya Ukraine imbere y'igihe c'ubukonje (hiver/winter) bitavugwa.

Candika kandi ko, nk'uko vyagenze inyuma y'umubonano wa Trump na Putin i Alaska, Trump yahevye gutera igitsure Uburusiya kugira bwemere amasezerano yo guhagarika intambara, mbere Moscou ica irongereza ibitero vyayo, n'aho Amerika yasaba ko Putin abonana na Zelensky.

Ingene umubonano wa Trump na Zelensky wagenze i Washington wabaye "iyindi ngendo mahindagu mu bijanye n'imigenderanire muri ano mezi, aho ivyiyumviro vya Trump vyagiye bihindagurika cane — igihe kimwe akerekana impuhwe, ikindi gihe naco ugasanga impande zompi zarakaniraniye".

Amajambo ya Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya), nk'uko bivugwa n'iki kinyamakuru, yerekana kandi ko ata cahindutse mu bijanye n'aho Uburusiya buhagaze, aho isubiramwo ibisanzwe bivugwa ko ibintu bigoye cane kandi ko ari ikibazo gishobora gutorerwa umuti vuba, igashira ku ruhande ivyo guhagarika intambara, ibi bigatuma intambara ibandanya.

Iki kinyamakuru cerekana ko kuva Trump atorewe ikiringo ca kabiri, Putin abandanya akoresha amayeri menshi kandi y'ubuhinga kugira ngo amwigarurire, harimwo amakuru atari yo, kuririmba intsinzi mu ntambara, gushimagiza umugore wa Trump n'ibindi, ariko hejuru ya vyose, kumuryosharyosha. Gisubiramwo umunyamakuru wa Kremlin Dmitry Smirnov, yanditse ku muhora wiwe wa Telegram ati: "Ivyavuye mu rugendo rwa Zelensky muri make: Putin yasubiye gutsinda bose".

Ikinyamakuru El Pais co muri Espagne cibanda cane ku mubonano wimirije hagati ya Trump na Putin, avuga ko guhitamwo kubonanira i Budapest (umugwa mukuru wa Hongrie) ari "ukumaramaza Ubulaya".

Ubumwe bwa Bulaya bwari bwashatse kuja muri ibi biganiro, uretse ko butatumiwe, "buzotegerezwa kuriha uburyo buzokoreshwa", nk'uko iyi nkuru ibivuga.

Mu gihe kandi abategetsi ba Bulaya bavugira ku mugaragaro ko umubonano hagati ya Trump na Putin ushobora kuba ngirakamaro mu gihe woza ufasha guhagarika intambara, hari abatari bake babwiye iki kinyamakuru mu mpisho ko ari "akaga kabi cane ka poritike" ku Bulaya.

Umwe mu bakora mu bijanye n'ubuserukizi bwa Bulaya yabwiye iki kinyamakuru ati: "Ico kibanza catowe n'ibigirankana – ku Burusiya ni akarusho kuko bituma imigaga mu Bumwe bwa Bulaya ibandanya yaguka ku bijanye n'ubucuti na Kremlin".

Umushakashatsi Alberto Alemanno wo kuri kaminuza ya Harvard yabwiye El País ati: "Uno mubonano hagati ya Putin na Trump i Budapest werekana ukungene Hongrie ikoreshwa mu mikenyuro kubera ubucuti bwayo bugoyagoya hagati yayo n'ibindi bihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya".

"Werekana kandi ukungene umusuku Orbán, [Viktor Orbán, umushikiranganji wa mbere wa Hongrie] yiyegurira cane Uburusiya na Amerika kurusha Ubumwe bwa Bulaya ubwabwo, aho nyene agashimagizwa iyo aramutse anegura cane iryo huriro rya Bulaya mu kurondera kurokora kazoza kiwe ka poritike".