Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
William Ruto mu Budagi kuronderera akazi abanya-Kenya 200.000
Umukuru wa Kenya William Ruto avuga ko ashaka kuronderera abanya-Kenya amahiwe yo kuronka akazi mu Budagi, mu gihe igihugu ciwe cugarijwe n'ubushomeri buguma bwiyongera.
Ivyo yabivuze imbere y'uko afata urugendo aja i Buraya mu nama y'ibihugu 20 vya mbere bikize cane kw'isi G20.
Abakuru b'ibihugu vya Afrika barenga 10 bitavye iyo nama ibera ku murwa mukuru w'Ubudagi, Berlin, bagiye kurondera icofasha ubutunzi bwavyo, harimwo kurungika abakozi gukora hanze no kwongereza gushora imitahe mu butunzi bwa Afrika.
''Umukuru w'Ubudagi yaheruka ngaha muri Kenya haraheze amezi atatu canke ane. Ngiye mu Budagi uyu munsi kuko yatwemereye ko dushobora kuronkayo ubuzi 200.000. Ntegerezwa kugendayo gukurikirana ayo mahirwe,'' niko Ruto yavuze ku wa mungu.
Chancelier (umushikiranganji wa mbere) Olaf Scholz, urugendo rwiwe muri Afrika rwamushikanye muri Kenya na Nigeria, yerekanye ko yifuza kwongereza imitahe muri Afrika, na cane cane mu butare nkoramutima no mu gisata c'umuyagankuba (amashanyarazi).
Iyo nama, igendera ku civugo G20 Compact with Afrika, igamije gukomeza imigenderanire y'ubutunzi hagati ya Afrika n'ibihugu bigize G20.
Ibihugu 13 vyo muri Afrika biri muri uwo mugambi - Benin, Burkina Faso, Côte d'Ivoire, Repuburika ya Demokarasi ya Congo, Misiri, Ethiopia, Ghana, Guinée, Maroc, Rwanda, Sénégal, Togo na Tunisia.
Abategetsi b'ibindi bihugu bka Kenya na Nigeria bitavye iyo nama nk'abatumire.