Malema wa Afrika y'Epfo yagiriza umukuru w’igihugu ca Kenya kunanirwa gukora ivyo yiyemeje

Umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Afrika y’Epfo Julius Malema yaneguye Perezida William Ruto wa Kenya ko yananiwe no gushira mu ngiro ivyo yemereye Abakenya igihe yariko yiyamamariza amatora mu mwaka uheze.

Mw’ijambo yashikirije ejo ku wa kane mw’iyugururwa ry’ikigo Pan African Institute muri Kenya, Malema yagirije Perezida Ruto ko yisubiyeko ku vyo yemeye vyo kwiganzura idorari ry’Abanyamerika mu bijanye n’ubudandaji, akaba yerekanye igihushane mu mvugo za Perezida Ruto n’ibikorwa vyiwe.

Ati: “Sinzi nimba Perezida William Ruto avyiyumvira, kuko yavuze ibintu vyinshi ku buryo ntashobora kubona aho ahagaze muri ino misi kuko ivyo yavuze mu gihe c’amatora n’ivyo ariko arakora ni ibintu bibiri bitandukanye”.

Ubutegetsi bwa Ruto bubandanya bunegurwa cane kubera ubuzima buzimvye ku rugero ruteye ubwoba kandi yari yatsinze amatora mu mwaka uheze yemereye abanyagihugu gutorera umuti ikibazo c’ubuzima buzimvye.

Ariko, Perezida Ruto yisigura ashigikira imigambi yiwe mu vyo ubutunzi itabonwa ryiza, avuga ko ariko aragabanya amadeni ya reta.

Malema, umukuru w’umugambwe EFF (Economic Freedom Fighters) muri Afrika y’Epfo, aranegura kandi Perezida Ruto kubona yakirije yompi Umwami Charles III n’Umwamikazi Camilla mu rugendo rwabo baheruka kugira muri Kenya.

Avuga ko Umwami "atigeze yerekana ko ababajwe" n'amabi yakozwe mu gihe c’ubutegetsi bw’igikoloni bw’Ubwongereza muri Kenya.

Malema yagiriza Perezida Ruto ko yananiwe no kugendera ku “vyaharaniwe n’abarwanyi b’Abanyafrika barwanira ubwigenge bishwe bakongera bakaborezwa igufa n’abakoloni”.

Yaneguye kandi uno mutegetsi wa Kenya kubera ashigikiye Israel mu ntambara yo muri Gaza.