''Nta hantu na hamwe hatekanye muri Gaza''-Umutegetsi wo muri ONU

Gaza

Ahavuye isanamu, EPA

Umutegetsi wo muri ONU agabisha ko iryo shirahamwe ritagishoboye gukingira abantu bahunze ingo zabo muri Gaza.

Thomas White, umuyobozi w'ishami rya ONU riraba impunzi z'Abanye-Palestina (UNRWA) avuga ko ONU ata vyinshi igishobora gukora kugira ikingire Abanye-Palestina barondera aho bahungira intambara.

''Reka tubivuge mu majambo atomoye, nta hantu na hamwe hatekanye muri Gaza muri iki gihe,'' niko yavuze.

Yavuze ko abantu ibihumbi n'ibihumbi barondera aho bokwikinga mu nyubakwa za ONU badashobora kwizezwa umutekano mu gihe ibirenga 50 mu bibanza vya ONU navyo ''vyakozweko'' n'iyo ntambara ibandanya - bitanu muri ivyo bibanza bikaba ''vyagemwe mu buryo butaziguye''.

White yavuze ko UNRWA itagishiboye kwizeza umutekano ''munsi y'ibendera rya ONU'' ku bantu 600.000 barundanye mu bibanza vyayo.

Yavugiye mu butumwa bwa video ko abantu 38 bishwe mu bibanza vya ONU ariko ntiyavuze uruhande rwabikoze.

Hagati aho umuyobozi mukuru w'ishami rya ONU riraba amagara (OMS ), Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuzwe ko ''yashegeshwe bikomeye'' no kuba hari ikintu caturikiye hanze ya Al-Shifa, ibitaro vya mbere binini mu gisagara ca Gaza.

"Abarwayi, abakozi bo kwa muganga, inyubakwa na ambulance zitegerezwa gukingirwa ibihe vyose,'' niko Ghebreyesus yavuze.

Ubushikiranji bujejwe amagara y'abantu muri Hamas itegeka Gaza bwavuze ko hapfuye abantu 13, bwegeka ivyashitse ku gitero co mu kirere ca Israel.

Umutegetsi wo muri Hamas avuga ko ingabo za Israel ''zatumbereje ku rukurikirane rw'imodoka zitwara abarwaye [ambulances] zari zitwaye abakomeretse bavanywe mu bitaro vya Al Shifa bajanwa Rafa mu bumanuko bw'intara ya Gaza.

Igisirikare ca Israel, IDF, cemeye ko cateye ambulance, kivuga ko yariko irakoreshwa n'intasi za Hamas. Ariko nticavuze aho ico gitero cabereye.

Mark Regev, umujenama w'umushikiranganji wa mbere wa Israel yabwiye radiyo Channel 4 yo mu Bwongereza ko Israel yibaza ko Hamas yubatse ''aho igenzurira intambara'' musni y'ibitaro vya Al-Shifa.

Regey yabandaije avuga ko iyo umugwanyi ashize ikintu nk'ico munsi y'inyubakwa y'imirimo isanzwe, ico kibanza gishibora kuba mu birondererwa guterwa.

Abanye-Palestina bahunze ingo zabo mw'ishure ryo muri Khan Younis mu bumanuko bwa Gaza n Gaza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, ONU ivuga ko muri Gaza ubu ata na hamwe ishobora kwizeza umutekano w'abantu 600.000 bahunze

Netanyahu yanse ko haba agahengwe

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yiyamirije abasaba ko haba ihagarikwa ry'intambara Israel iriko iragwana na Hamas.

Mu gihe iyo ntambara ubu igire yinjire mu ndwi igira gatanu, Netanyahu yabonanye n'umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken i Tel Aviv.

Mu vyo bavuganye harimwo icifuzo ca Amerika ko Israel yemera ko haba akaruhuko mu bitero iriko iragaba kuri Gaza kugira imfashanyo ishobore kwinjizwa muri Gaza. Ariko Netanyahu yavuze ko mu gihe cose abagizwe imbohe batazoba bararekurwa, umwumvikano nk'uwo udashobora kuboneka.

Mu gitero cayo muri Israel co ku wa 7 ukwezi kw'icumi, Hamas yagiye itwaye imbohe zirenga 200.

Hagati aho, umutegetsi -atashatse ko umwidondoro wiwe umumenyekana- wo mu nama ijejwe umutekano mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika, yavuze ko uguhagarika intanbara bishoboka gusa ari uko Israel yumva ko itekanye kandi ko ibitero nk'ico Hamas yagavye ku wa 7 Gitugutu (10) bitazokwigera bisubira.