'Impinduka y'amasaha y'akazi yarandokoye, ariko bagenzanje banyurujwe na Hamas'

Ahavuye isanamu, Ezekiel Kitiku
- Umwanditsi, Na Priya Sippy
- Igikorwa, BBC News
"Iyo nza kuba ntari mw'iraro ico gitondo, mba ndi mu baburiwe irengero”, uko niko Ezekiel Kitiku yabwiye BBC aho ari mu bumanuko bwa Israel.
Babiri mu bandi ba Tanzania - Joshua Loitu Mollel na Clemence Felix Mtenga – bari mu bantu 230 banyururijwe muri Gaza, ubu kari mu minwe ya Hamas, umugwi ufatwa n’Ubwongereza hamwe n’ibindi bihugu nk’uwo iterabwoba.
Abo banyeshure batatu bari bagiye muri Israel mu kwezi kw’icenda, banezerejwe no gutangura ivyigwa mu gisata c’uburimyi bisigaje amezi 11.
Kuva bagishika, Ezekiel Kitiku na Mtenga baba mu kigwati ca Nir Oz bagakora mw’iraro mu masaha y’inyuma y’umutaga.
Mugenzi wabo Mollel yaba kandi agakorera ku birometero 30, mu kigwati ca Nahal Oz.
Ivyo bigwati vyompi bifise abanyagihugu baharugwa mu 700 kandi vyegereye cane agace ka Gaza.
Kitiku yabwiye BBC ati: "Muri iyo ndwi, hasohotse integuro nshasha y’amasaha y’akazi, izina ryanje riza rigaragaza ko nagenywe gukora ijoro, nayo Clemence yagumijwe ku masaha yo ku mugoroba.
Mollel nawe yari gukora amasaha yo ku murango ku rindi raro.
Nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro ku wa 07/10/2023, Kitiku avuga yamenye igicugu, afata urugendo kw’ikinga ryiwe, rwamutwaye iminota itanu gushika kuri iryo raro agiye ku kazi.
Yamaze amasaha yo mu gaturuturu akama yongera avura inka.
Ariko nk’isaha cumi na zibiri zo mu gatondo, izuba riserutse, yariko yitaho inka ziri imbere mw'iraro.
Niho yaja yumva inyuma y’iminota mirongo itatu, ikintu gituritse cane.
Aho nico gihe Hamas yari itanguye kurasa vya muzinga bituruka muri Gaza.
Yagize ati: "Numvise urwamo, ndibuka ko batubwira ko twumvise urwamo rw’amasasu canke amabombe, duca tuja mu bwihisho, rero n’uko nabigenje. Nari mfise ubwoba. Bwari ubwa mbere numvise urwamo nk’urwo”.
Mu gihe yariko atera aja mu bwihisho, yabonye imyotsi myinshi n’imbeya zibengerana hafi y’ikigwati yabamwo, ubwo nyene aca ahamagara abo bagenziwe.

Ahavuye isanamu, Ezekiel Kitiku
Avuga ko bamubwiye ko hari ibisasu vyinshi vya rokete vyaturuka muri Gaza, kandi ko nabo bari bagiye mu bwihisho.
Ico atari azi ariko, ni uko Hamas yaja yatanguye umukwabu mu bigwati bibiri aho abo bagenziwe bari bihishije.
Inyuma y’amasaha nk’abiri, yabonye ubutumwa bugufi arungika ndetse n’ubwo yandika kuri WhatApp, budashikira terefone zabo.
Kitiku agira ati: "Nibajije kumbure ko terefone zabo zahezemwo umuriro. Mu butumwa bwa nyuma narungitse nababajije nti: ‘Muri amahoro?"
Nta n’umwe yishuye, aho hari nk’igihe c’isaha zine. Kandi nta kandi gakuru kabo yasubiye kwumva kuva ico gihe.
Mu gihe ibisasu vyabandanije bisekera umunsi wose, Kitiku yagumye muri iryo raro, agerageza kuryama mu bwihisho.
Bukeye bwaho, ibisasu vyasa n'ivyacureshe, kandi kubera ishaka ryo kumenya uko begenziwe vyabagendeye, yasengasenze umukoresha wiwe ngo amujane mu kigwati yabamwo.
Niho yabona ko ingabo za Israel -Israel Defense Forces (IDF) - zahageze.
Agira ati: “Ku marembo y’ikigwati hari abasirikare ba IDF benshi cane. Barampakaniye kwinjira bambwira ko mbwirizwa gusubira inyuma kw’iraro kuko ariho hari umutekano kuruta”.
Yagumye mu bwihisho bwo ngaho kw’iraro, kumwe n’abandi babiri bahamara iyindi minsi ibiri, ata co gufungura bafise, ijoro rikurikira iyo minsi ibiri, ahasigara we nyene.
Mu nyuma abasirikare ba IDF bahavuye bamubwira ko bitagikunze ko asubira mu kigwati yabamwo, bamuherekeza mu kindi kibanza nko ku birometero 30 vy’uburaruko bwa Gaza.
Igihe yava muri iryo raro, yaguye mugahundwe abonye ibiri hanze y’amarembo yaryo.
Yavuze ati:"Imiringoti y’amazi yari yatewe ibisasu, amazi yisesa ahantu hose. Nabonye ibiziga mw’ibarabara. Ubwoba bw’ivyoba vyashikiye bagenzi banje buranshwara”.
Abo bagabo uko ari batatu bari bahuriye i Dar es Salaam, umugwa mukuru w’ubutunzi wa Tanzania, aho bakurikirana ivyigwa vy’uburimyi n’ubworozi, imbere yo gufatana urugendo ruja muri Israel.
Harinze guca indwi zitatu zose inyuma y’igitero ca Hamas, kugira ngo Kitiku amenye amakuru ya begenziwe.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Israel bwamenyesheje ko bafashwe bunyagano muri Gaza.

Ahavuye isanamu, Isoko: MISHAV ISRAEL
Avuga ko yanezerejwe no kumenya ko bakiri bazima, ariko ko agifise umwitwarariko w’uko bamerewe.
Arazi kandi n’abandi banyeshure bari kumwe muri iryo shure ry’uburimyi n’ubworozi, nabo nyene bafashwe bunyagano, harimwo umwe aturuka muri Thailand.
Hejuru y’abo bafashwe bugwati, abayoboke ba Hamas barishe abantu bagera ku 1400 kuwa 07/10/2023, abenshi muri bo baba mu bigwati vy’Abayahudi.
Kuva ico gihe, ibitero vya Israel kuri Gaza ni urutavanako.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buyobowe na Hamas bumenyesha ko abagera ku 9000 bamaze kwicwa.
Kitiku avuga ko atekewe n’ubwoba bwa bagenziwe bakiri mu karere ka Gaza.
Agira ati: "Hari ibisasu vyinshi kandi abantu bafise bike cane vyo kubaramira. Ngerageza kwishira mu kibanza cabo, ariko sinshobore gutahura ivyo bariko baracamwo muri kino gihe".
Avuga ko iciyumviro c’uko nawe yahatswe kugwa mu gitero kibandanya kuremera ubwonko bwiwe.
Avuga ko mu minsi yambere atari atekanye mu mutwe na gato. Ariko ngo ageregeza gushira ivyiyumviro hamwe, no kwihangana.
Ati: "Iyo ntaba ndi kw’iraro uwo munsi, nanje mba ndi mu baburiwe irengero."
Ubu akorera ku rindi raro.
Avuga ko abagetsi ba Israel babahumurije ko ubu bafise umutekano kandi bashobora kubandanya ivyigwa vyabajanye.
Avuga ko we n’abandi banyeshure b’aba Tanzania – bagereranywa mu 260 aho muri Israel – bemerewe ubufasha n’ubuserukizi bw’igihugu cabo, kugira ngo abavyifuza basubire mu gihugu.
Mugabo agira ati: "Ariko nosubira gute mu gihugu mu gihe ntazi bagenzanje bandi babiri uko bamerewe muri Gaza?"











