Israel – Hamas: Israel irashobora gutuma ‘bose bahaguruka’ – perezida wa Irani

Umugore

Ahavuye isanamu, Reuters

Umukuru w’igihugu ca Irani Ebrahim Raisi avuga ko ibitero vya Israel “vyarenze umurongo utukura, bigatuma bose bahaguruka”.

Mu butumwa yacishije kuri X (yahoze yitwa Twitter) kuri uno wa Mungu, Raisi yonyegeko ati: "Washington idusaba kudakora ikintu na kimwe, ariko ibandanya iha Israel imfashanyo z’ubwoko bwose. Amerika yarungikiye ubutumwa imirwi yishize hamwe mu kwirwanira [Axis of Resistance] ariko yahawe inyishu itomoye ku rubuga rw’intambara".

Imirwi yishize hamwe mu kwirwanira, ikizwi nka Axe de la Résistance/Axis of Resistance, ni umurwi w’imihari ya gisirikare yo mu Buseruko bwo hagati ifashwe mu mugongo na Irani, Hamas ikaba ari imwe muri yo.

Abategetsi ba Amerika bagabisha Irani ko itohirahira ngo yivange mu ntambara ya Israel na Hamas mu gihe barondera ko ino ntambara itokwira mu karere kose.

Umuhari Hezbollah ufise icicaro muri Libani ukaba ufashwe mu mugongo na Irani, umaze imisi uterana ibisasu na Israel kuva mu ndwi nkeya ziheze.

Hamas iremeza ko yatanye mu mitwe n’ingabo za Israel muri Gaza

Ikimodoka c'intambara

Ahavuye isanamu, EPA

Ni mu gihe Hamas yemeza ko iriko iratana mu mitwe n’ingabo za Israel mu bice bitari bike muri Gaza. Izzedine al-Qassam Brigades, ishami rya gisirikare rya Hamas, yanditse kuri konte yayo yo ku rubuga rwa Telegram ko yatanye mu mitwe n’ingabo za Israel n’ibimodoka vyabo mu buraruko bushira uburengero bwa Gaza.

Ubu butumwa bukurikiye ubwa nijoro nk’ubu nyene, bwavuga ko abarwanyi ba Hamas bariko baratana mu mitwe muri ako karere nyene.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yaraye atangaje, mw’ijambo ryiwe ryacishijwe ku mboneshakure, ko Israel yinjiye mu ntambwe ya kabiri mu ntambara yayo na Hamas, kandi ko yarungitse ingabo n’intwazangabo hose muri Gaza.

Avuga ati: “Iyi izoba intambara ndende kandi igoye. Tuzoyitsinda. Intsinzi ni rwacu”.

"Tuzorwana kandi ntituzomanika amaboko. Ntituzosubira inyuma. Mu kirere no mu kuzimu”.

IDF ivuga ko indege z’intambara zateye ‘ibibanza vya gisirikare 450’ ku musi w’ejo

Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko indege z’intambara zaco zakubise “ibibanza birenga 450 vya gisirikare vyegukira umuhari w’iterabwoba Hamas muri Gaza” ku musi w’ejo.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, IDF ivuga ko ibibanza vyagemwe harimwo ibiro bikuru vya gisirikare, ibigo vya maneko hamwe n’ibirindiro birasirwako vya muzinga bisambura ibimodoka vy’intambara.

Ubu butumwa buvuga kandi ko ingabo zirwanira ku butaka nazo nyene zagize uruhara mu ntambara.

Iyi si intambara yatangujwe na Israel-umuvugizi wa reta

Uyu mugore w'umunya-Palestina ariko yiririra inyuma y'ibitero vy'indege vyasenyaguye amazu mu buraruko bwa Gaza

Ahavuye isanamu, MOHAMMED SABER/EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Uyu mugore w'umunya-Palestina ariko yiririra inyuma y'ibitero vy'indege vyasenyaguye amazu mu buraruko bwa Gaza

Eylon Levy, umuvugizi wa reta ya Israel ashimangira ko igihugu “kirwaye ubwoba” gifitiye abantu banyurujwe na Hamas, haraciye indwi zitatu.

Yabwiye iradiyo BBC Radio 5 Live ya BBC ko igitero ca Hamas co ku wa 07 Gituguru (10) ari “kimwe mu bwicanyi butangaje cane muri kahise ka kiremwamuntu”, kandi ko Israel “yiyemeje ko ibi bizatokwigera bisubira kubaho”.

Levy ati: “Iyi si intambara yatangujwe na Israel. Iyi si intambara yari initeze. Ni intambara Hamas yatanguje yongera iradutangariza”.

Levy asubiramwo amajambo yo guhiga “gusambura Hamas” – aca asaba abasivire bo muri Gaza “gukura meza”.

Amaterefone na internet vyasubiye gukora muri Gaza

Amaterefone hamwe na internet biriko biragaruka buke buke muri Gaza, inyuma y’amasaha atari make bidakora.

Itumatumanako muri Gaza ryarahagaze ku wa gatanu ku mugoroba, ivyatumye isi imara igihe itamenya ivyariko biraberayo mu gihe Israel yatangaza ko yari itanguye intambwe ya kabiri muri ino “ntambara ndende kandi igoye na Hamas”.

Ejo ku wa gatandatu, umuhanuzi mukuru wa Benjamin Netanyahu, Mark Regev yabwiye BBC ko vyari “ibisanzwe” guca itumatumanako ry’umwansi.

Abajijwe na BBC nimba Israel ari yo yari yaciye n’ibigirankana itumatumanako muri Gaza, Regev yishuye ati: "Ivyo nta vyo navuze. Navuze gusa ko ari ibisanzwe ku bisirikare vyo mu bihugu vy’uburengero gukora gutyo”.