Gaza: Ingabo za Israel zishe abantu 67 baje gutora imfashanyo kubera inzara - ubutegetsi bwa Hamas

    • Umwanditsi, Yolande Knell
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu Buseruko bwo Hagati
    • Yakoze inkuru ari, Jerusalem
    • Umwanditsi, Jack Burgess
    • Igikorwa, BBC News

Igisirikare ca Israel cishe abantu nibura 67 bari barindiriye amakamyo ya ONU y'imfashanyo mu buraruko bwa Gaza, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.

Ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi, PAM, rivuga ko amakamyo yaryo 25 "yarashwe mu gihe yahura n'isinzi rinini cane ry'abasivire bashonje", inyuma y'akanya gato ajabutse urubibe rwa Israel arenganye n'amabariyeri.

Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko "carashe amasasu yo gukangira" kugira ntihabe "akaga kashobora kwaduka muri uwo mwanya". Kirahakana igitigiri c'abantu bavuga ko bishwe muri ico gikorwa.

Ku wa gatandatu ubwo bushikiranganji bwagabishije ko inzara iriko yiyongera muri Gaza kandi ko abantu benshi "barushe cane kandi bacitse intege" babandanya bisukira ku bigo vyabwo.

Bugira buti: "Amajana n'amajana y'abanyagihugu bagoyagoya bashobora gupfa". ONU nayo nyene ivuga ko abasivire muri Gaza bashonje, rigasaba imfashanyo yihuta cane y'ivyankenerwa.

Ku wa Mungu, ubwo bushikiranganji bwavuze ko abantu 18 "bishwe n'inzara" mu masaha 24 aheze.

Benshi mu nkomere mu buraruko bwa Gaza bajanywe mu bitaro vya Shifa mu gisagara ca Gaza. Umukuru w'igisata kijejwe ubuvuzi, Dr Hassan al-Shaer, yabwiye igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'Icarabu ejo ku wa Mungu ko ibi bitaro vyari "vyarengewe".

Hanze y'ibi bitaro, umugore umwe yabwiye BBC ko "abanyagihugu bose bariko barapfa".

Ati: "Abana bariko baricwa n'inzara kubera ataco baronka bahereza umunwa. Abantu babeshejweho n'amazi n'umunyu…amazi n'umunyu gusa".

Ibitigiri vya nyuma vy'abapfuye bitangwa n'igisata ca Gaza kijejwe ubutabazi kivuga ko ibitero vya Israel vyishe abantu 93 bose hamwe bikomeretsa n'abandi batari bake muri Gaza ku wa Mungu.

Rivuga ko 80 bishwe mu buraruko, icenda nabo bicwa barashwe muri Rafah, bane nabo muri Khan Younis, hafi y'ibigo vy'imfashanyo muri utwo turere twompi turi mu bumanuko bwa Gaza.

Mu gisagara ca Gaza, Qasem Abu Khater yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko yagerageje gutora umufuko w'ifu ariko agahura n' "umusunikano w'abantu benshi uteye ubwoba".

Ati: "Ibimodoka vy'intambara vyariko biturasa mu rudavagi abarashi nabo b'igisirikare ca Israel baturasa nk'uko umengo bariko bahiga inyamaswa mw'ishamba.

"Abaharurwa muri mirongo bapfiriye imbere yanje kandi nta n'umwe yashobora kurokora umuntu n'umwe".

PAM ivuga ko ubu bukozi bw'ikibi ku basivire barondera imfashanyo budashobora kwihanganirwa na gato".

Mw'itangazo yacishije ku rubuga rwa X, PAM ivuga ko "ikibazo c'ugufungura nabi kiriko kirenga urugero aho abagore n'abana 90.000 bakeneye ubuvuzi bwihuta".

Riti: "Hafi ica gatatu baramara imisi badafunguye".

Imisi hafi yose hama amakuru y'Abanyapalestina bicwa bariko barondera indya kuva mu mpera za Rusama (5).

Ku wa gatandatu, abantu nibura 32 barishwe barashwe n'ingabo za Israel hafi y'ibigo bibiri bitangirwako imfashanyo mu bumanuko bwa Gaza, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Gaza bujejwe amagara y'abantu.

Vyinshi mu bitero vyabereye hafi y'ibigo vyegukira ishirahamwe ry'ubutabazi riteje impari, Gaza Humanitarian Foundation (GHF), rishigikiwe na Amerika na Israel, rikaba rikoresha abazamu rikota mu gutanga imfashanyo ku bibanza biri mu turere tugenzurwa n'ingabo za Israel, ariko hari bimwe bibera hafi y'imfashanyo zazanywe na ONU.

Hagati aho, igisirikare ca Israel casohoye itangazo ritegeka abantu kuva mu karere kuzuye isinzi ry'abantu, akarere kitarigera gikoreramwo igitero co ku butaka muri iyi ntambara na Hamas imaze amezi 21.

Ku wa Mungu, cavuze ko abasanzwe baba mu gisagara ca Deir al-Balah hamwe n'abahahungiye bategetezwa kuhava bidatevye bakimukira al-Mawasi ku nkengera y'ikiyaga Mediterane.

Iri tegeko ribahamagarira kwimuka, rishobora kuba ryerekana ko hari igitero cimirije, ryateje ubwoba bwinshi mu bihumbi n'ibihumbi vy'Abanyapalestina, co kimwe n'imiryango y'Abanya-Israel bafashwe bugwati ifise ubwoba ko abayo bapfungiwe muri ico gisagara.

Igisirikare ca Israel kiramaze gukora ibitero vyo mu kirere muri ico gisagara, ariko nta ngabo zirwanira hasi kirarungikayo.

Ku wa Mungu, indege zaco zakoraguriye inzandiko mu turere tutari duke mu bumanuko bushira uburengero bwa Deir al-Balah zihamagarira abantu kuhava bakaja hirya mu bumanuko.

"Igisirikare ca Israel kibandanya gukora n'inguvu zose kugira gisambure ibibanza vy'umwansi n'ivy'iterabwoba muri ako karere", niko iki gisirikare kivuga, kikongerako ko kitari bwigere cinjira muri utu turere muri iyi ntambara.

Uturere tw'igisagara ca Deir al-Balah twuzuye abateshejwe izabo baba mu mahema.

Amasoko yo muri Israel yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko bibaza y'uko igituma igisirikare kitari bwinjire muri utu turere gushika ubu ari uko Hamas yoba igipfungiyeyo abafashwe bugwati.

Bivugwa ko nibura 20 mu mfungwa 50 zigipfungiwe muri Gaza boba bakiri bazima.

Abanyagihugu hafi bose barenga imiriyoni zibiri baba muri Gaza baramaze guteshwa izabo nibura incuro imwe muri iyi ntambara ya Israel na Hamas, aho uturere tutari duto tw'iyi ntara twama turiko duterwa akamo na Israel ibategeka guhunga.

Ku wa Mungu, Papa Leo XIV yasavye ko "ubu bunyamaswa bw'iyi ntambara buhagarara vuba bwango", anasaba n'ihagarikwa ry'ikoreshwa ry'inguvu mu rudavagi.

Avuze ibi inyuma y'imisi mike habaye igitero ca Israel kw'isengero rimwe rudende rya Katorika riri muri Gaza, igitero umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko igihugu ciwe cicuza.

Israel yatanguye intambara yayo muri Gaza mu kwihora ibitero vyakozwe na Hamas ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, vyahitanye abantu bababa 1200 abandi 251 bagafatwa bugwati.

Gushika ubu, ibitero vya Israel bimaze guhitana abantu barenga 58.895 muri Gaza, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.

Ibi bitigiri vy'ubu bushikiranganji ni vyo bisubirwamwo n'ishirahamwe ONU hamwe n'ayandi nk'ibitangwa n'igisata cizewe ku bapfa n'abakomereka.