Papa Francis yitavye Imana, abategetsi ba Afrika barahoza abakatolika

Ahavuye isanamu, Reuters
Amakuru ava i Vaticano avuga ko Papa Fransisko yitavye Imana mu gatondo ko kuri uno wa mbere ku myaka 88.
Kardinali Kevin Ferrell ajewe ibiro vya Vaticano yatangaje ati: "kw'isaha imwe n'iminota 35 [7:35] muri kano gatondo, Musenyeri wa Roma, Francis, yasubiye mu nzu kwa Data. Ubuzima bwiwe bwose yari yabuhebeye gukorera Umukama na Ekleziya yiwe".
Yaratwigishije kubaho dukurikiza indangagaciro z'Injili mu budahemuka, n'umutima rugabo no mu rukundo rusangijwe bose, cane cane aboro kurusha abandi na ba ntahonikora.
"Tuzirikanye dushimitse cane akarorero kiwe nk'umwigishwa w'ukuri w'Umukama Yezu, turashize umutima wa Papa Fransisiko mu rukundo rw'imbabazi rudashira rw'Imana Imwe kandi Nyeranda".
Urupfu rwa Papa Fransisko ruje inyuma y'amasaha adashika 24 yiyeretse izinsi ry'abantu mu kibanza citiriwe Petero Mweranda i Vaticano ku wa Mungu wa Pasika.
Yaje asunikwa ku ntebe y'abamugaye, aramutsa abantu ari ku rubaraza rwa Bazilika ya Petero Mweranda, abwira insinzi ry'abantu bari banezerewe no kumubona ati: "Bavukanyi, Pasika nziza".
Mu kiringo ciwe habaye ibintu vyinshi bishasha, kandi nubwo atahengeshanya kuzana impinduka muri Ekleziya Katorika, yari akunzwe cane mu bantu bagendera ku mico ya kera.
Yari we mupapa wa mbere yamuka ku mugabane wa Amerika canke mu gice c'ubumanuko bw'isi.
Kuva ku munya-Syria Grégoire III (wa gatatu) apfuye mu mwaka wa 741, nta wundi yari bwigere asubira kuba Musenyeri wa Roma atari Umunyabulaya.
Yari we wa mbere kandi wo mu muhari w'aba-Jesuit yagenywe kuri iyi ntebe - aba-Jesuit kuva kera bakaba bari basanzwe batabonwa ryiza na Roma.
Uwo Fransisko yari yasubiriye Benedicto XVI, umupapa wa mbere yatanze imihoho ku gushaka kwiwe inyuma y'imyaka yababa 600, hakaba haraciye imyaka hafi cumi ikigo ca Vaticano kibamwo abapapa babiri.
Papa Fransisko, yari mu myaka ya 70 igihe yatirwa ngo abe papa mu 2013, ico gihe yitwa Kardinali Bergoglio wa Argentina.
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yabaye mu bategetsi b'isi ba mbere bahaye icubahiro Papa Fransisko, aho amwita "umuntu yicisha bugufi, yari ku ruhande rwa ba ntahonikora n'abagoyagoya".
Urupfu rwa papa, uretse ko ruje inyuma y'umusi uhambaye cane ku bakatolika, ruje kandi mu mwaka udasanzwe wa yubile, wama uba uko imyaka 25 iheze.
Iyi yubile yatanguye igihe Papa yugurura Urugi Rweranda muri Bazilika ya Petero mweranda kw'igenekerezo rya 24 Kigarama (12). Amamiriyoni n'amamiriyoni y'ingenzi baragiye i Vatikano kugira ngo binjire muri uwo muryango kugira basabe imbabazi ku vyaha vyabo.
Muri uno mwaka udasanzwe, ibihumbi mirongo vy'abakatolika bari bakoraniye muri iyo nyubakwa mu Misa ya Pasika.

Ahavuye isanamu, @GeneralNeva
Urupfu rwa Papa Francisko ni inkuru y'incamugongo ku ba Katolika benshi kw'isi, cane cane muri Afrika, umugabane uharurwamwo abakatolika benshi, mbere abategetsi batari bake bakaba bariko bagira ico bashikiriza ku rupfu rwiwe.
Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi avuga ko ababajwe no kwumva urupfu rwa Papa Francisko, agahoza Ekleziya Katolika y'Uburundi no kw'isi yose.
Ati: "Nzokwama nibuka ubutumwa bwiwe bw'ukwemera n'ubuntu mu gihe c'urugendo rwanje i Vaticano muri Ntwarante 2023".
Eka n' umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abey Ahmed yahojeje abakatolika ku rupfu rwa Papa Francis.
Ati: "Imana imwakire mu bwami bwayo, iragi ryiwe ry'impuhwe, ukwicisha bugufi n'ukwitangira kiremwamuntu ribandanye ribera umuco urunganwe ruri imbere".
Perezida William Ruto wa Kenya, na we nyene ntiyatanzwe guhoza umuryango w'abakatolika kw'isi yose.
Ati: "Turifatanije na Ekleziya Katolika n'umuryango w'abemera bose kw'isi yose mu gihe bagandariye urupfu rwa Papa Francisko.
"Uru ni uruhombo runini mu kwemera kwa Katolika n'abakritsu kw'isi yose. Papa Francisko azokwama yibukwa ku kungene yihebeye gukorera Imana, Ekleziya na kiremwamuntu.
"Yabaye akarorero k'ubuyobozi biciye mu kwicisha bugufi, guharanira atiziganya ukudakumira no kurwanira ubutungane, hamwe n'impuhwe ziwe zidasanzwe ku bakene n'abatishoboye.
Perezida Abdel Fattah el-Sisi wa Misiri na we nyene avuga ko urupfu rwa Papa Francis ari "uruhombo rukomeye cane kw'isi yose, kuko yari ijwi ry'amahoro, urukundo n'impuhwe".
Papa Fransisko yari umuntu "yakora atiziganya mu gukomeza ukwihanganiranira no kwubaka ibiraro vy'ibiyago...kandi yavugira cane Abanyapalestina, agaharanira uburenganzira bwabo kandi agatera akamo ko indyane zihagarara".
Eka na Perezida Cyril Ramaphosa arahoza abakatolika ba Afrika y'Epfo no kw'isi yose, aho avuga ko Papa Fransisko yari indongozi yarondera kunywanisha abantu bose.
Ati: "Abakatolika n'abanyagihugu bo mu madini yose barababajwe uyu musi n'urupfu rw'indongozi w'imitima yaharaniye guhuza abantu bose no kubona isi iyoborwa n'indangagaciro shingiro za kiremwa muntu.
"Nk'indongozi ya Ekleziya ... Papa Fransisko yaraharaniye isi idakumira, uburinganire no kwitaho abantu n'imirwi ikumirwa, hamwe no kubungabunga ibidukikije mu buryo bubereye kandi burama.
"Inkuru y'ubuzima bwiwe budasanzwe n'ukungene yashitse ku Ntebe y'Ubweranda vyaranzwe no kwicisha bugufi hamwe n'ukwitwararika ko Ekleziya n'isi yose vyoba ahantu heza kuri bose".
Kuva abaye Papa muri Ntwarante 2013, Fransisko yaragendeye Afrika incuro zitari nke harimwo muri Kenya, Uganda, Centrafrique, Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Misiri na Sudani y'Epfo.













