Umugambi wo kugandagura Papa waburijwemwo n'igendereza ry'Ubwongereza

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Christy Cooney
- Igikorwa, BBC News
Umugambi wo kugandagura Papa François igihe yari mu rugendo muri Iraq waratekurujwe bivuye mu kwibirwa akabanga n'igendereza ry'Ubwongereza, nk'uko biri mu gitabo ku buzima bwiwe cimirije gusohoka.
Papa yandika ko, amaze kwururuka indege i Bagdad muri Ntwarante (3) mu 2021, yabwiwe ko ahari kubera urubanza vyari bitegekanijwe ko yitaba hari abihevyi babiri baturitsa amabombe bari bafise umugambi wo kuhatera.
Abo bitegurira kugaba ico gitero bompi mu nyuma barategerewe baricwa, nk'uko biri mu bicebice vyashizwe ahabona n'ikinyamakuru co mu Butariyano Corriere della Sera.
Urwo rugendo, rwamaze iminsi itatu mu gihe c'ikiza ca coronavirus, rwari urwa mbere kuva rugizwe n'umupapa muri Iraq rwaranzwe n'igikorwa gikomeye c'umutekano.
Imyaka myinshi imbere y'aho yari yaranzwe n'intureka ifatiye ku macakubiri y'utudumbidumbi tw'amadini muri Iraq, harimwo ukurwana hagati y'aba Islam b'aba Shia n'aba Sunni hamwe no kuburabuza abo mu madini y'inkehwa.
Abakristu bo muri ico gihugu bari bagabanutse cane, mu gihe batotezwa vyihariye n'umugwi Islamic State n'izindi ntagondwa z'aba Sunni.
Muri ivyo bicebice, Papa avuga ko ''hafi abantu bose bampanuye kutaja'' muri urwo rugendo ariko yumvise ategerezwa kurugira.
Avuga ko uwo mugambi wagunduwe n'igendereza ry'Ubwongereza, naryo ryaciye ryibira akabanga igiporisi ca Iraq, naco gica kibibwira abajejwe umutekano wiwe amaze kwururuka indege.
''Umugore yiboheyeko ibiturika, umwihevyi akiri muto aturitsa amabombe, yariko araja Mosul kwiturikirizako amabombe muri urwo rugendo rwa Papa,'' niko avuga.
''Kandi hari n'imodoka yari yahagurukanye umuvuduko munini ifise uwo mugambi nyene.''
Papa yongerako ko ku munsi ukurikira yabajije abajejwe umutekano wiwe ico abari bateguye kugaba igitero babaye.
''Uwo yabajije yamwishuye mu majambo make cane: 'Ntibakiriho'. Igiporisi ca Iraq cari cabategereye kirabaturitsa,'' nk'uko yandika.
Ico gitabo, citwa Hope, citezwe gusohoka ku wa 14 Nzero (ukwezi kwa mbere).
Icicaro ca Papa (Vatikano) nticashotse cishura ku busabe bwo kugira ico kivuze, ku bw'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.













