Bilateral pneumonia' – umusonga wafashe Papa Francis n'ingwara ki?

Pope Francis

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwungere mukuru wa Ekleziya Gatolika amaze igihe mu bitaro vya Gemelli kuva kuwa 14/02/2025, aho yajanywe n'ingwara ya bronshitis ifatira mu bihimba vy'ubuhumekero, n'ingorane zo guhumeka.

"Ijoro ryagenze neza, Papa Francis yarasinziriye n'ijoro kandi araruhutse", uko niko itangazo rya Vaticano ryo muri kino gitondo ryavuga.

Ubutegetsi bwa Vaticano bumenyesha ko Papa yari afise akajisho keza kandi afungura bisanzwe. Ubu butumwa butanga ihumure gatoya ugereranije n'ubwari bwashikirijwe mu mpera z'indwi yaraye irangiye, inyuma y'aho uwo mwungere wa Ekleziya afatiwe n'ikibazo co kunanirwa guhumeka neza ku munsi wa gatandatu.

Ku munsi wa gatandatu nyene, ubutegetsi bwa Vaticano bwari bwavuze ko Papa yagize ikibazo co guhumeka, kandi atari ameze neza na mba, ariko mu nyuma, ejo kuw'Imana, bavuga ko atasubiye kugira ico kibazo.

Mu gatondo k'ejo, Papa yarungitse ubutumwa busaba abanywanyi ba Ekleziya kumusabira, aho vyankiye ko ayobora igisabisho kizwi nka Angelus iyindi ndwi igira kabiri yikurikiranya.

Ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere, isaha zitatu z'i Roma (20:00 GMT), aba cardinals bari i Roma baraja gukorana mu nkuka y'imisa kw'isengero Basilica ryitiriwe Petero mutagatifu, barongore igisabisho co gusabira Papa, kumwe n'abandi bo mu butegetsi bwa Ekleziya bari Vaticano, baturuka muri Diyosezi y'i Roma.

Bazokomeza gukorana buri mugoroba, kugirango basomere hamwe irozari.

Igisabisho co kuri uyu wa mbere ku mugoroba kiza kurongorwa na cardinal Parolin, ari nawe mushikiranganji w'imigenderanire wa Vaticano.

Uyu muhumure w'imyaka 88 yababajwe n'ingwara yandukiye ibihimba vy'ubuhumekero, amaranye indwi irenga, yatumye ashirwa mu bitaro vya Gemelli mu muji wa Roma.

Ubutegetsi bwa Vaticano bumenyesha ko ibipimo 'vyo mw'iradiyo' vyakorewe igikaraza ciwe vyerekenya ko afise ubwandu bukiri mu ntango bw'ingwara ya 'bilateral pneumonia', vyasaba ko agirirwa ayandi masuzuma.

Ariko none bilateral pneumonia ni ingwara ki, ni iki gituma umuntu akarirwa nayo?

Ingwara y'umusonga canke 'pneumonia' n'iki?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ingwara y'umusonga iterwa n'ubwandu butuma udusaho turi mu mahaha twakira impwemu twononekara (inflamation). Utu dusaho dushobora guca twuzura amazi, bigaca bituma haboneka ibimenyetso vyo gukorora, umuntu agasohora igikororwa canke amashira, ubushuhe, gusuhererwa, uburibwe mu mubiri, kudashobora gushira hamwe ivyiyumviro no kunanirwa guhumeka neza.

Hari utunyabuzima twinshi two mu bwoko bwa bacteries, ifira n'utundi nk'utwo dushobora gutera umusonga.

Utunyabuzima dutera umusonga dushobora gukwiragira biciye mu guhumeka canke mu muyaga, canke utuma tw'amate ataruka mu gihe uwurwaye ariko arakorora canke yasamuye, uwukoze aho utwo tuma twaguye akikora ku mazuru, ku maso canke ku munwa, nawe arashobora kwandura.

Ijambo 'bilateral' risobanura ko ubwo burwayi buba bwabonetse mu mahaha yompi uko ari abiri, bitandukanye n'iyo bufashe urubavu rumwe.

Ariko rero, ibi ntibisobanura ko ingwara ica ikara gusumba, nk'uko abashakashatsi bo muri kaminuza yigisha ubuhinga, University of Technology ya Sydney babivuga.

Umusonga wandukiye abantu baharurwa mu miliyoni 344 kw'isi yose mu mwaka wa 2021, muri abo miliyoni 2.1 barapfa, muri abo harimwo abana 502,000 batarenza imyaka itanu, nk'uko ibiharuro vyegeranijwe n'ikigo the Global Burden of Diseases cabikozeko icirwa, bibigaragaza.

Ivyageranyo vy'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amagara y'abantu OMS/ WHO vyerekana ko ingwara zifata hepfo mu myanya y'ubuhumekero ziza ku mwanya wa gatanu, mu zahitanye abantu benshi muri uyo mwaka wa 2021, zaretse kurusha gusa ingwara y' umutima ifatira mu kugabanuka canke kwipfunga kw'imiheha y'amaraso (ischemic heart deasease), Covid-19, ingwara yo mu bwonko iterwa no gudashikirwa n'amaraso (stroke), canke izindi ngwara zibuza impwemu gushika mu mahaha -COPD (chronic obstructive pulmonary disease).

Muganga ariko araba ifoto (cliché ya Rayon-X)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifoto y'imbere ifatwa n'imishwarara ( X-ray, Rayon-X) irafasha kwerekana neza aho ubwandu buherereye

Umusonga usuzumwa gute, ni bande bakarirwa gusumba abandi?

Iyo muganga aketse ko umurwayi yoba afise umusonga, amaze kumupima, araheza agaca amutuma ibindi bipimo vy'amaraso kugira amenye ubwandu bwamuteye umusonga ubwo aribwo, gutyo abone akanyabuzima (organism) koba kari inyuma y'ubwo bwandu, naho atari igihe cose ashobora kubitora. Ivyo ni ibisobanurwa n'ikigo Mayo Clinic, kiri imbere muri Leta zunze Ubumwe za Amerika mu bijejwe amagara y'abantu.

Ibipimo vyo mu gikiriza hakoreshejwe imishwarara, benshi bakunze kwita 'guca mw'iradiyo', biba bikenewe kugirango umuganga amenye neza aho ubwandu bwaturutse, hamwe no gupima igikororwa umuntu aciriye canke bakuye mu mahaha bakoresheje akaringoti, kugirango bamenye amamuko y'ubwandu.

Urugero rw'impwemu za oxygen umuntu afise mu maraso narwo nyene ruba rukenewe, bakarutora bifashishije igipimo bita oximeter, kubera umusonga ushobora kubuza amahaha kurungika oxygen ikwiye mu maraso.

Umusonga ushobora gukarira umuntu uwo ariwe wese, ariko ku muntu ashaje nka Papa, impungenge ziba ari nyinshi cane.

Umusonga ufata imbavu zompi canke bilateral pneumonia, utera ibibazo vyo guhumeka, uburuhe, urugero ruke rwa oxygen mu maraso, ibi bigashobora kuganisha ku bindi bibazo vy'amagara bikomeye cane cane iyo muntu asanzwe ari 'magaramake'.

 Ifoto y'igikiriza c'umuntu yaciye mu gipimo ca x-ray yerekana umusonga w'imbavu zompi (bilateral pneumonia)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifoto y'igikiriza c'umuntu yaciye mu gipimo ca x-ray yerekana umusonga w'imbavu zompi (bilateral pneumonia)

Abahinga mu uvuzi bavuga ko imyaka ari kimwe mu bitera abantu gukarirwa n' ingwara zandukira, cane cane abarenza imyaka 65 canke abari munsi y'imyaka ibiri.

Ibindi bishobora gutuma umuntu akarirwa uretse imyaka birimwo kwononekara amahaha bivuye ku zindi ndwara aba yaranduye mbere, ingwara zifata amahaha ubwayo nka emphysema, canke izo twavuze hejuru za COPD, canke kunywa itabi, ndetse no kugabanuka kw'ubwirinzi bw'umubiri.

Kuri Papa Francis, hejuru y'imyaka yiwe yitereye, harimwo n'ibindi bibazo bituma akarigwa n'umusonga, kuko yigeze ingwara zo mu mahaha kera harimwo pleuresy- ingwara yo kwononekara kw'agasaho (membrane) gakingira amahaha, igihe yari akiri muto.

Kubera ivyo, igice kimwe c'amahaha yiwe carabazwe gikurwaho, ivyo bigatuma noneho aca akarigwa n'ubwandu gusumba.

Ubwa mbere, Papa yari yarungitswe mu bitaro gusuzumwa no kwivuza bronchitis, hari kuwa 14/02/2025.

Yari yarigeze kugira ibimenyetso nk'ivyo kumara igihe c'iminsi itari mike, atuma abamusubirira mu gishingo mu bikorwa bitandukanye yari akeneye vyo gushikirizamwo amajambo.

Bronshitis ni ingwara ifata uturingoti canke uduheha twinjiza impwemu mu mahaha.

Umusonga uvugwa gute?

Umusonga ushobora kuvugwa hakoreshejwe imiti yo mu bwoko bwa antibiotics iyo utewe n'utunyabuzima bita bacteries, canke antivirals iyo itewe n'utundi two mu bwoko bwa virusi (virus)

Imiti n’igipimo c’ubushuhe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyo umuganga adashoboye gutora neza utwo tunyabuzima twayiteye utwo ari two, aca akoresha imiti ishobora kwica ubwoko bwinshi bw'utunyabuzima (broad-spectrum antibiotics)

Iyo ubwandu bwatewe n'utunyabuzima dutandukanye, umugwayi aca ahabwa umuti ushobora kwica ubwoko bwinshi bunyuranye bw'utwo tunyabuzima.

Ariko rero, kuvura umusonga uterwa na virus biragoye gusumba, na burya imiti ivura za virusi usanga idakora neza kandi idatumbera kamwe mu buryo bwihariye muri utwo tunyabuzima.

Mu bitaro, abarwayi binjiye bafise umusonga usanga bahabwa uburyo bwo kubongerereza amazi mu mubiri (serum) hamwe na oxygen.

Bashobora kandi gukoregwa ubundi buvuzi bubafasha gukura mu mahaha yabo, ibiba vyarazibiye nk'amazi (atega hagati y'agasaho gakingira amahaha n'amahaha nyene), cane cane mu gihe badashobora kugendagenda.

Ubutegetsi bwa Vaticano bwari bwamenye ko, ubwandu bwa Papa ari "polymicrobial," bisigura ko bwatewe n'ibituma bitandukanye (utunyabuzima tw'ubwoko burenze kamwe).

Kubera ivyo, kumuvura si ibintu vyoroshe, akaba ariko ahabwa imiti ya antibiotics n'iyindi yo mu bwoko bw'ama corticosteroids – ubwoko burinda ibihimba vy'umubiri kwononekara (kwankirizwa) biturutse ku ngwara.