Menya ibi bitaro biriko biravurirwamwo Papa François

Umubikira ariko araraba icibutso ca Papa Yohani Paul II imbere y'ibitaro vya Gemelli i Roma

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Icibutso ca Papa Jean Paul II kiri imbere y'ibitaro vya Gemelli aho Papa François ariko aravurirwa
    • Umwanditsi, Bethany Bell
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Rome

Imbere y'ibitaro vya Gemelli i Roma hari icibutso c'umwe mu babaye abarwayi bavyo rurangiranwa, Papa Yohani Paul II.

Ico cibutso cubatse mw'ibuye rya marbre yera, cerekana uwo mupapa mu myaka yiwe y'ubusaza yunamitse umutwe afashe umusaraba, ibigohe vyiwe vyerekana ko afise ububabare.

Abanganga bo ku bitaro vya Gemelli barafashije kurokora ubizima bwa Papa Yohani Paul II, inyuma y'aho yari ahejeje kuraswa n'uwashaka kumugandagura mu kibanza ca Petero Mweranda mu kwezi kwa Rusama (5) mu 1981. Yakozwe amasaha atandatu kugira bamukuremwo urusasu rwari rwamwinjiye mu nda.

Bwari ubwa mbere umu Papa yari avuriwe muri ivyo bitaro vya mbere binini i Roma.

Mu barwayi ivyo bitaro bifise muri iki gihe harimwo Papa François, yinjiye ivyo bitaro ku ndwi iheze afise indwara yamufatiye mu bice vyo guhumeka. Yatowe umusonga mu mahaha yompi.

Umuhisi Papa Yohani Paul II mu rugendo muri Irlande
Insiguro y'isanamu, Umuhisi Papa Yohani Paul II, aboneka kuri iyo foto ari mu rugendo muri Irlande, yarwariye incuro 10 mu bitaro vya Gemelli

Mu myaka 25 y'ubupapa bwiwe, Yohani Paul yagiye mu bitaro incuro 10, rimwe na rimwe agatebayo. Yaravuwe indwara zitandukanye, harimwo ikivyimba mu mara, ifyinga ryavunitse yongera arakorerwa tracheostomie (uguca intoboro mu muhogo kugira hace umuringoti wo gushikana impwemu mu mahaha) igihe indwara yiwe ya Parkinson yari igeze kure.

Gemelli, ibitaro vya Katolika birimwo ishuri ry'ubuganga, vyuguruwe mu mpera z'imyaka ya 1960. Ku bitanda birenga 1500, biri mu vya mbere binini vy'abikorera ku giti cabo i Buraya.

Ivyo bitaro vyubatswe mu kibanza Papa Pio XI yagabiye umuganga n'umuhinga mu vyigwa vy'imenyeshamana Agostino Gemelli mu 1934, vyahavuye bimenyekana nk'''Ibitaro vya Papa.'' Papa Yohani II we yahavuye abitazira ''Vaticano ya Gatatu,'' mu gihe Ikibanza ca Petero Mweranda ari yo Vaticano ya Mbere, aho papa aba naho i Castel Gandolfo, ikaba Vaticano ya Kabiri.

Mu myka ya 1980, ibitaro vya Gemelli yarateguye icumba kidasanzwe c'aba Papa. N'ubu kikaba kigikora.

Umuhisi Papa Yohani II ariko aratanga umuhezagiro acishije mw'idirisha ry'ibitaro vya Gemelli i Roma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuhisi Papa Yohani Paul II ku bitaro vya Gemelli

Ni inzu ntoya iri kw'igorofa ya 10, icumba cera hose kirimwo ibintu bibayabaye. Irimwo aho kuryama n'ubwongero, ubwicaro, n'intebe y'igitanda y'abamurwaje hamwe n'agasengero gafise ico gufukamako n'umusaraba munini, aho Papa ashobora gukurikira canke gusomera imisa no kuvugira ibisabisho.

Umukingo muremure ushikayo ucunzwe n'abaporisi b'Ubutaliyano, ikijandarume ca Vaticano hamwe n'abajejwe umutekano w'ibitaro.

Ico cumba c'aba papa kigenewe ba papa nyene, ariko kuri iyo gorofa hariho abandi barwayi.

Hariho ibaraza aho Papa ashobora kuboneka akaramutsa abemera akongera akavuga igisabisho ca buri ndwi Angelus.

Abaza kumwifuriza gukira hari igihe bakoranira mu kibanza kiri hanze imbere y'ibitaro kugira basengere amagara ya Papa. Amashurwe, amakarata, amafoto n'ama buji rimwe na rimwe birashirwa ku cibutso ca Yohani Paul II.

Pope Francois amaze kuvurirwa kenshi mu bitaro vya Gemelli

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Pape François ashitse gutanga umubonano wa buri ndwi i Vaticano

Ku bizwi icese, Papa Benedicto XVI ntiyigeze avurirwa muri ivyo bitaro mu myaka 8 yamaze ari papa, ariko yarabigendeye igihe uwo bavukana yaharwarira mu 2014.

Papa François amaze kuvurirwa mu bitaro vya Gemelli kenshi. Mu 2013, yarakozwe ku rusogi runini. Yarahavuriwe indwara y'agahehera ko mu nzira y'uguhumeka mu 2023, yongera arabagwa mu nda muri uwo mwaka nyene.

Yarabonetse ariko arashimira abaganga n'abandi bakozi bo mu bitaro. Igihe kimwe asohotse ibitaro, yarabatije umwana yavutse, yongera arasangira piza n'abaganga biwe, abaforoma, ababafasha n'abajejwe umutekano ba Vaticano.