Igendereza rya BBC ryashize ahabona umurwi ukokeza urwanko ku banyamahanga

Patriotic Alternative bagira uruhara mu myiyerekano ku bibazo vy'akarere biteje impari nk'iyi iriko ibera imbere y'inzu y'uburaro bw'abasaba ubuhungiro i Llanelli
    • Umwanditsi, Abanyamakuru ba BBC Wales Investigates
    • Igikorwa, BBC News

Uragaba: Iyi nkuru irimwo imvugo ikaze kandi ibabaza

BBC yabwiwe ko umuhari ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'amacakubiri no kwanka abanyamahanga ukwiye gufutwa kandi abawugize igipolisi kikabagirako amatohoza, ni inyuma y'aho BBC, mw'ibanga, ifatiye amashusho y'abantu bo muri uno murwi bavuga ko abimukira bakwiye kuraswa.

Dame Sara Khan yahoze ari komiseri ajejwe kurwanya ivyiyumviro vy'amacakubiri yemeza ko reta y'Ubwongereza ikwiye guhindura vuba bwango amategeko kugira ngo imirwi nka Patriotic Alternative icibwe imbere y'amategeko.

Umunyamategeko Ramya Nagesh yarihweje amwe mu mashusho hanyuma agira ati: "Hari ivyemezo birenze urugero vyotuma igipolisi gikora amatohoza kikayashikiriza umushikirizamanza mukuru".

Umunyamakuru wa BBC yamaze umwaka wose ariko aratohoza mw'ibanga uno murwi w'intagondwa zegamiye ku vyiyumviro bikaze vy'iburyo mu ntwaro no muri sosiyete -extrême-droite /far-right - uno nawo ukaba usigurwa nk'umurwi wanka abanyamahanga, w'ivangura ruhu, ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini n'ibindi vyiyumviro vy'urwanko - abawugize na bo bafatwa amajwi bakoresha amajambo atyoza abandi ashingiye ku ivangura ruhu.

Umwe mu banywanyi b'umurwi Patriotic Alternative (PA) yavuze ko intambara ishingiye ku moko ari ngombwa kandi ko uno muhari ukwiye gukoresha amayeri asa n'ay'umugambwe w'Abanazi mu Budagi kugira ngo ushikire ubutegetsi.

Mu mategeko asanzwe ahari ubu, uno muhari ntushobora gufutwa kubera udakokeza iterabwoba ariko Dame Sara, komiseri wa mbere w'Ubwongereza yari ajejwe kurwanya ivyiyumviro vy'amacakubiri, yumva ko uno muhari "uriko urashiraho icuka kibi kiganisha kw'iterabwoba".

Umukuru wa Patriotic Alternative Mark Collett avuga ko ata vyiyumviro vy'amacakubiri bibarimwo, ko badakokeza ubugizi bwa nabi, ahubwo ko baharanira uburenganzira bw'abo yita Abongereza kavukire.

Uno muhari, ubonwa mu Bwongereza nk'umurwi wa mbere munini w'aba bantu bagendera ku vyiyumviro bikaze ukaba ufise abanywanyi 500 kandi ibihumbi n'ibihumbi bakaba bawukurikirana ku mbuga hwaniro, uvuga ko uriho kugira ngo "uhimirize abanyagihugu" ku bijanye n'abimukira hamwe no guteza imbere "indangagaciro z'imiryango".

Patriotic Alternative bagira uruhara mu myiyerekano ku bibazo vy'akarere biteje impari nk'iyi iriko ibera imbere y'inzu y'uburaro bw'abasaba ubuhungiro i Llanelli
Insiguro y'isanamu, Patriotic Alternative bagira uruhara mu myiyerekano ku bibazo vy'akarere biteje impari nk'iyi iriko ibera imbere y'inzu y'uburaro bw'abasaba ubuhungiro i Llanelli
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikiganiro BBC Wales Investigates ca BBC gikora amatohoza ku makuru ashobora kugira ingaruka ku banyagihugu bo muri Pays de Galles (kimwe mu bihugu bigize Ubwami bw'Ubwongereza, UK) cumvise amajambo avugwa na bamwe mu banywanyi b'uno muhari abahinga bavuga ko ari amajambo abiba urwanko rushingiye kw'ivangura ruhu.

Umuhari Patriotic Alternative ufise amashami mu Bwongereza hose kandi ugahimiriza abanywanyi - muri bo harimwo abahoze ari abigisha n'abaganga – gukora imyiyerekano, gushira ahabona ibibazo bijanye n'abimukira, gufata amashusho y'ibikorwa vyabo kandi bagashira amavidewo ku mbuga hwaniro.

Umunyamakuru wa BBC yaracengetereye uno murwi muri Pays de Galles akoresheje izina ritari ryo, Dan Jones, maze amara imisi abana n'abagenzi biwe i Cardiff.

Abanje kwigira umunywanyi mushasha, uno munyamakuru w'ibanga yarafashe mu mpisho amasanamu yo mu myiyerekano y'umuhari Patriotic Alternative, yo mw'ikoraniro ryabo ry'ici, no mu nama y'umwaka y'ibanga mu kiringo c'umwaka wose, aho yumvise abanywanyi bamwebamwe bashikiriza ivyiyumviro biturira.

Imyiyerekano n'ivyapa: Isura uwo mugwi ugaragaza

Dan yaritabiriye imyiyerekano itari mike mu bumanuko bwa Pays de Galles, harimwo ahitwa Merthyr Tydfil aho uno muhari wari wateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ko abimukira bahabwa amazu y'uburaro.

Yaritabiriye imyiyerekano yarimwo n'ivyapa ku mabarabara akoreshwa n'abanyagihugu benshi, aho uwo mugwi wari uramutse ugira imyiyerekano ku bibazo vy'akarere, uhimiriza abashoferi kuvuza amahona mu kuwushigikira.

Imyiyerekano nk'iyi iremewe n'amategeko kandi irakunze kwitabirwa n'abantu atari abanywanyi ba Patriotic Alternative.

Hagati aho, ni muri iki gihe nyene c'iyi myiyerekano Dan yashoboye guhura n'abantu nka Roger Phillips.

Naho yavuze ko atari umunywanyi wa Patriotic Alternative, Phillips yarifatanije n'uno muhari mu myiyerekano maze mu mwiherero abwira Dan ko "35 gushika kuri 40 muri twebwe turiko turitegura, turondera n'ibirwanisho" inyuma yo kwitabira imyiyerekano yo kurwanya ko ihoteri y'ahitwa Llanelli ikoreshwa nk'uburaro bw'abasaba ubuhungiro.

Dan yabonanye na Roger mu myiyerekano ya Patriotic Alternative
Insiguro y'isanamu, Dan yabonanye na Roger mu myiyerekano ya Patriotic Alternative

"Ubu ndiko ndagura inkoho ntoya", niko Phillips yabwiye uno munyamakuru wo mw'ibanga.

"Wibaza ko ari nde wundi azorwanya aba bimukira? Ni twebwe twese".

Yavuze ingene yariko arahinyanyura amasasu kandi ko inkoho yariko ararondera yashobora "kukwica uri ku metero zababa 140".

Mu nyuma Phillips yabwiye Dan ko yari yamwiketse ko yari maneko hanyuma akamuha amakuru atari yo kandi ko n'izi nkoho yavuga ko zari izikoreshwa mu rukino ruzwi nka paintballing.

Umunyamakuru wacu akorera mu mpisho yarabonanye na Joe Marsh, umukuru wa Patriotic Alternative muri Pays de Galles, inyuma yo kuvugana na we mu 2023 imigumuko ya Llanelli imaze kuba
Insiguro y'isanamu, Umunyamakuru wacu akorera mu mpisho yarabonanye na Joe Marsh, umukuru wa Patriotic Alternative muri Pays de Galles, inyuma yo kuvugana na we mu 2023 imigumuko ya Llanelli imaze kuba

Joe Marsh ajejwe gutegura ibikorwa vya Patriotic Alternative muri Pays de Galles kandi yahoze arongoye umuhari urwanya Abasilamu, yaratumira Dan mu makoraniro.

"Iyaba tutari dufise Abanyafrika n'abanya-Jamaica batera ibisu abantu hano, nta bukozi bw'ikibi buba buvugwa hano bw'abantu bakoresha imbugita", niko uno yahoze ari umunywanyi w'umugambwe British National Party (BNP) akaba kandi yahoze mu murwi watera akajagari mu nkino z'umupira w'amaguru (hooligan) yafashwe amashusho ariko aravuga.

Insiguro ya video, Raba imisi indwi y'akajagari mu 2024 - ingene imigumuko yateguwe n'abagendera ku vyiyumviro vy'urwanko yakwiragiye

Inyuma y'aho abana b'abigeme bacumitiwe imbugita muri Southport muri Mukakaro (7) 2024, Marsh yabwiye abanywanyi biwe ati: "Abantu ntibakwiye kugirira imyiyerekano ku misigiti... nimba hari iyitegurwa ikwiye kubera imbere y'ihoteri y'abimukira canke mu gisagara hagati".

Ku musi wakurikiye, amahoteri yari ahaye indaro abimukira hafi y'ahitwa Rotherham n'i Tamworth yaraturiwe. Nta wuzi nimba mu bari muri iyo migumuko harimwo abanywanyi ba Patriotic Alternative canke abanywanyi ba Marsh.

Marsh yabwiye BBC ko atigeze akokeza urwanko rushingiye ku macakubiri, ko yitavye imyiyerekano iciye mu mategeko kandi ko ata banywanyi bashasha bafise ivyiyumviro vy'amacakubiri yizege yakira.

N'ibiki bavuga mu kinyegero?

Ano mashusho yafashwe mw'ibanga arashira ku mugaragaro ingene ivyiyumviro vy'agahomerabunwa vy'abanywanyi bamwe bamwe vyagiye ahabona, nk'igihe Aaron Watkins yaha Dan akazi ko kwisumamwo.

Watkins ubu akora ibiraka inyuma y'aho atakarije akazi ko gutoza amakori mu kigo HMRC kijejwe kwegeranya amakori ahowe amajambo y'ivangura yacishije ku mbuga hwaniro akaboneka no mu myiyerekano.

Mu gihe aba bompi bari mu bikorwa vyo gushariza inzu, Watkins yabwiye Dan ati: "Dukeneye kubanza kwikurako imiryango y'imvange, bibaye ngombwa hakoreshejwe ubugizi bwa nabi".

Aaron Watkins avuga ko abimukira ari udukoko twateye igihugu igihe yari mu bikorwa vyo gushariza inzu ari kumwe n'umunyamakuru wacu akorera mu kinyegero
Insiguro y'isanamu, Aaron Watkins avuga ko abimukira ari udukoko twateye igihugu igihe yari mu bikorwa vyo gushariza inzu ari kumwe n'umunyamakuru wacu akorera mu kinyegero

"Kubakonganiriza mu makambi, banse tukabarasa. Abantu baza ngaha ni udukoko".

Watkins yabwiye Dan ko abapolisi bajejwe kurwanya iterabwoba batigeze baronka icemezo na kimwe igihe bamukorako amatohoza ku majambo y'ivangura kubera yari afise terefone nshasha iya kera nayo akaba yari yarayisambuye.

Yariyemereye mu mwiherero ati: "Iya kera nari nayituriye, neza neza ku mbabura. Rero, ntaho bashobora kunca".

Igihe BBC yegera Watkins yaranse kugira ico avuga kuri ibi.

Uno munyamakuru wo mw'ibanga yaratumiwe kwinjira mu mirwi yo ku mbuga hwaniro aho yashoboye kubona ubutumwa bwahanahanwa buri musi buvuga ukungene abimukira bariko "baratera" Ubwongereza.

Dan yaratumiwe na Patriotic Alternative mw'ikambi y'akaruhuko ko mu ci i Derbyshire no mu nama yabo y'umwaka aho yabonaniye na Patrick – uno yahoze ari umwigisha yigisha kahise yava ahitwa Bristol akaba yavuze ko umuhari wabo ukwiye kwigana amayeri y'umugambwe w'Abanazi mu myaka ya 1920 mu Budagi.

Ati: "Uravye ivyo umugambwe w'Abanazi wakoze mu Budagi… gutunganya ikibano, kuganira n'abanyagihugu ku bibazo vy'aho babaye, atari nk'abanyapolitike... ibi ni vyo vyabahaye inzira yabashikana ku rwego rwo hejuru mu matora yo kuva mu 1929 n'inyuma yaho".

Niho Patrick yabwira Dan ko intambara y'ubwoko ari "ngombwa" kandi ko abimukira batavuye mu gihugu: "Inzira yonyene yo kubikurako izoba ari ukubica bose".

Patrick yahoze ari umwigisha ava i Bristol, avuga ko Patriotic Alternative ikwiye gukoresha amayeri yakoreshejwe n'Abanazi bo mu Budagi
Insiguro y'isanamu, Patrick yahoze ari umwigisha ava i Bristol, avuga ko Patriotic Alternative ikwiye gukoresha amayeri yakoreshejwe n'Abanazi bo mu Budagi

Abajijwe ico abivugako, Patrick yagirije ahubwo BBC ko ihengamiye ku barwanya abazungu no "guhohotera abanyagihugu b'Abongereza basanzwe bitaho cane ituze n'imibereho myiza ya ba kavukire bacu".

Dan yasangije abandi ikiyago yagiriraniye n'umwe mu bateguye iyo nama akaba yahoze aharanira uburenganzira bw'abagendera ku vyiyumviro vy'urwanko kandi yagiriwe n'icaha yamuka muri Australia, Blair Cottrell.

Yafashwe amashusho ariko agereranya Abanyafrika n'imbwa kandi ko abacakara bari bishimiye gukorera abazungu.

"Umutamakazi yaracumiswe imbugita n'umurwi w'abana b'inkozi z'ikibi b'Abanyafrika. Uravye ingene ibintu bimeze muri Afrika, ururimi rwonyene batahura ni ubukozi bw'ikibi", niko yabwiye Dan n'abandi bagize uwo mugwi.

Uwari arongoye inama ya Patriotic Alternative yo mu 2024 yari Blair Cottrell, yagiriwe n’ivyaha vyo kwiba, guturira no gukokeza urwanko ku Basilamu mu gihugu ciwe ca Australia
Insiguro y'isanamu, Uwari arongoye inama ya Patriotic Alternative yo mu 2024 yari Blair Cottrell, yagiriwe n'ivyaha vyo kwiba, guturira no gukokeza urwanko ku Basilamu mu gihugu ciwe ca Australia

Yafashwe amashusho agira ati: "Uburyo bumwe bwonyene bwo kwishura neza ubukozi bw'ikibi bakoze mu kwerekana urwanko nk'ubwo navuze ni ukubakurako urukoba".

"Umanika bimwe mu biziga vyabo ku matara y'ibarabara canke ikintu nk'ico. Ariko ni mu majambo gusa, sinobishigikira".

BBC iguma isaba Blair Cottrell kugira ico ashikirije ku majambo yiwe – yarishuye, ariko yaranse kwishura ibibazo vyacu.

Dan ubu yaravanye na Patriotic Alternative n'ano mashusho yafashwe mw'ibanga yarahawe umunyamategeko avuga ko ibi bintu BBC yabonye bikwiye gutuma igipolisi gikora amatohoza kuko, ku bwiwe, amwe mu majambo ashobora guteza urwanko rushingiye kw'ivanguraruhu.

Birasabwa ko P A ikorwako amatohoza

"Inyuma y'imigumuko y'i Southport, twabonye abantu banditse ku mbuga hwaniro ubutumwa bumwe canke bubiri, barengutswa", bivugwa n'umunyamategeko mpanavyaha Ramya Nagesh, yanditse igitabo ku majambo abiba urwanko.

"Kandi ubwo butumwa si uko bwari ubwo guturira gusumba ubwo unyeretse".

Dame Sara avuga ko imirwi nka Patriotic Alternative iriko "igerageza guteza urwanko mu gihugu cacu".

Umunyamakuru wa BBC akorera mu mpisho Dan Jones yaracengetereye Patriotic Alternative kugira ngo amenye vyinshi kuri uno murwi akaba yahawe ikarata y'abanywanyi yari ifise inomero 430 ku banywanyi bababa 500
Insiguro y'isanamu, Umunyamakuru wa BBC akorera mu mpisho Dan Jones yaracengetereye Patriotic Alternative kugira ngo amenye vyinshi kuri uno murwi akaba yahawe ikarata y'abanywanyi yari ifise inomero 430 ku banywanyi bababa 500

Dame Sara ati: "Ntikwiye na gato kwemererwa gukora ivyo yishakiye uko nyene.

"Twarabonye ibikorwa vyabo biheruka n'uruhara rwabo mu ruhagarara rwaranze imigumuko yo mu ci".

Ubu asaba Ubwongereza gushiraho amategeko mashasha yo kubuza imirwi nk'iyi.

"Birihutirwa cane... kiretse hari igihindutse, mfise ubwoba ko tugiye kubandanya tubona imirwi nka PA itera imitima mibi mu bana bacu dusange twabaye igihugu kigoyagoya kandi kitakigira demokarasi".

Reta y'Ubwongereza ivuga ko urwanko ata "kibanza rufise mu gihugu" kandi ko iriko irakora kugira ngo "yihweze yongere yiyumvire uburyo bwiza" bwo gutorera umuti ico kibazo.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati agira ati: "Turakorana cane n'abajejwe umutekano, abarongoye inzego zo hasi, n'incuti ku rwego mpuzamakungu kugira ngo turwanye imirwi n'abantu ku giti cabo babiba amacakubiri n'urwanko".

umukuru wa Patriotic Alternative, Mark Collett, yarakoze ibiganiro n'abantu basanzwe bagendera ku vyiyumviro birwanya abanyamahanga nk'uwahoze arongoye umurwi witwa Ku Klux Klan.
Insiguro y'isanamu, umukuru wa Patriotic Alternative, Mark Collett, yarakoze ibiganiro n'abantu basanzwe bagendera ku vyiyumviro birwanya abanyamahanga nk'uwahoze arongoye umurwi witwa Ku Klux Klan

Umukuru wa Patriotic Alternative avuga ko ivyavuzwe vyose vyavuzwe mu mwiherero.

Mark Collett, yashinze uwo mugwi inyuma yo kuyobora igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu mugambwe BNP, agira ati: "Turi abantu baharanira uburenganzira bw'Abongereza kavukire kandi ubu turi mw'isekeza ryo kurwanya ibiriko biraba muri iki gihugu".

Abajijwe ku banywanyi biwe bakoresha imvugo iteye isoni, Collett avuga ko ibi bibujijwe mu mategeko ngenderwako y'uwo murwi.

Ati: "Nimba abantu barahonyanze aya mategeko ngenderwako, tuzobitorera inyishu ibereye".