'Gwanya amacakubiri y'urukoba nka Logan' - Reta ya Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Twitter/@Natenoged
Reta ya Afrika y'Epfo yateye akamo abantu ko bategerezwa gukurikiza akarorero k'umugabo w'umuzungu yafashwe video yakwiragiye henshi, ariko ariyamiriza amacakubiri ashingiye ku rukoba.
Iyo video imwerekana ahanganye na ba nyene akabare b'abazungu mu gisagara ca Cape Town, ababaza impamvu babujije mugenzi we w'umwirabire kukinjiramwo.
Itangazo rya reta ryasohotse ku musi wa kabiri, ririyamiriza ryivuye inyuma "iyo nyifato y'amacakubiri ashingiye ku rukoba yabaye igihe Thabiso Danca w'imyaka 25 yabuzwa kwinjira mu bunywero w'aba Irlandais, Hank's Olde, mu gisagara ca Cape Town, kubera gusa ari umwirabure, kandi akaba adaherekejwe n'umuzungu".
Iyo video ubu imaze kurabwa n'abantu ibihumbi amajana, yatanguye gukwiragizwa ku musi wa gatanu. Yerekana umugenzi wa Danca, Christopher Logan, aja muri ubwo bunywero guhangana n'umwe muri banyene akabare kuri ivyo vyavugwa ko ari amacakubiri ashingiye ku rukoba.
Yabwiye nyene akabare ko uwucungera umutekano yabwiye umugenzi wiwe: "Ntushobora kwinjira ngaha, atawuguherekeje, ata muzungu muri kumwe."
Nyene ubunywero yishuye ko ivyo ata kibazo vyari bwatere mu myaka 18 amaze adandaza.
Ubwo bunywero bwaciye busohora itangazo buhakana kugira inyifato y'amacakubiri ashingiye ku rukoba, bashira n'ikimenyetso hanze cerekana ko ata macakubiri n'amwe aharangwa.
Ico kimenyetso canditseko: "Dushaka kwemeza ko mu myaka 30 iheze dukorera urudandaza aha muri Cap Town, twebwe nka banyene aka kabare, tutarigera, canke ngo dutegeke abakozi bacu, kwinuba umuntu hitwaje ikintu ico ari co cose, haba igitsina, kamere k'uburyo umuntu ahuza igitsina n'uwundi, canke urukoba."
Reta yasavye ko haba "amatohoza yihuta kuri ivyo vyabaye, kandi n'ubutungane bukore."
Reta "yahamagariye abanye Afrika y'epfo bose gukurikiza akarorero ka Logan no kwiyamiriza amacakubiri afatiye ku rukoba".










