Jewe ndahumira abitwaza ivanguramoko - Vinicius Jr avuga ku bamuhohoteye bakatiwe gupfungwa

Umukinyi w'imbere wa Real Madrid Vinicius Jr

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vinicius Jr yafashije Real Madrid gutwara ibikombe vya La Liga na Champions League muri uyu mwaka w'inkino waraye uheze

Umukinyi w'imbere canke umusatirizi wa Real Madrid Vinicius Jr avuga ko ''ahumira abitwaza amacakubiri y'ubwoko'' inyuma y'aho abafana batatu ba Valencia baciriwe amezi umunani yo gupfungwa kubera bamutyoje mu rukino.

Izo ndirimbo z'amacakubiri afatiye ku rukoba zari zigenewe Vinicius mu rukino rwa La Liga mu kibuga Mastella ca Vellencia ku wa 21 Rusama (5) mu 2023.

Abo bafana bagiriwe n'''icaha co kudakora ibibereye'' hagiyeko ''inyongeracaha yo gukumira ishingiye ku mvo z'ivanguramoko''.

''Jewe si ndi uwuhura n'ivyago vy'ivanguramoko. Ahubwo ndahumira abitwaza ivanguramoko. Kuba hari uwagiriwe n'icaha ubwa mbere muri kahise ka Espagne si [intsinzi] rwanje. Ni iy'abirabure bose'', niko Vinicius yanditse kuri X (yahoze ari Twitter).

''Abandi nk'abo ni bagire ubwoba, bamaramare hanyuma binyegeze. Ahandi ho nzobegeranya. Ndashimiye La Liga na Real Madrid kuba barafashije ngo urwo rubanza rucibwe.''

Ni ubwa mbere muri Espagne hacirwa urubanza rufatiye kw'ivanguramoko mu mupira w'amaguru kandi rwavuye mu kirego ca La Liga.

Igihano ca mbere c'amezi 12 cahavuye kigabanywa gushika ku 1/3 kubera umwumvikano wabaye amatohoza akiri ku ntango.

Abo bafana barabujijwe kandi kwinjira ikibuga ahazoba hariko harabera inkino za La Liga/Urwego rw'umupira w'amaguru muri Espagne RFEF mu kiringo c'imyaka itatu, mu nyuma cahavuye kigabanywa kigashirwa ku myaka ibiri.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukinyi wa Brezil Vinicius yifatanije na La Liga, Real Madrid na RFEF mu gushingisha urwo rubanza muri sentare. Abagirizwa barasomye ikete ryo gusaba imbabazi igihe intahe yari ishashe.

Umukuru wa La Liga Javier Tebas yavuze ati: ''Uru rubanza ruciwe ni inkuru nziza cane kw'ivanguramoko muri Espagne, kuko rukosoye icaha cakorewe Vinicius Jr kandi rutanze ubutumwa kuri abo bantu baza mu kibuga c'umupira w'amaguru gutukana.

''La Liga izobamenya, ibashengeze kandi hazoba ingaruka z'ivyaha.

''Ndatahura ko hari abashobora kubabazwa n'umwanya bifata kugira bene ivyo bihano bifatwe, ariko ico ni icerekana ko Espagne yubahiriza ubucamanza buzira agatosi.

''Twebwe muri La Liga dutegerezwa kwubahiriza umurindi w'ubutungane, ariko n'ubu nyene turasubiye gusaba ko La Liga ihabwa ububasha bwo guhana kugira kurwanya ivanguramoko bishobore kunyaruka.''

Real Madrid bavuze ko ''bazobandanya bakora kugira bakingire indangagaciro z'umugwi wabo no kurandurana n'imizi inyifato yose ishingiye ku moko mu mupira w'amaguru n'iyindi mikino''.

Umukuru wa Fifa Gianni Infantino yashimye ivyo bihano nk'''intambwe nziza '' no kuba hafashwe ''ingingo ikomeye''.

Ku rubuga rwiwe Instagram Story, Imfantino yavuze ati: ''Ubutumwa bwacu ku bantu aho bari hose kw'isi bagifise inyifato y'ivanguramoko ku vyerekeye umupira w'amaguru buratomoye: ntitubakeneye. Bene abo bantu bategezwa kwigizwayo, ntibagize umuryango wacu kandi ntibari mu mupira wacu.''