Abagabo b’abirabure bagiriza American Airlines ko yabasohoye mu ndege ngo kubera ko 'banuka'

Ahavuye isanamu, CBS
- Umwanditsi, Max Matza
- Igikorwa, BBC News
Abagabo batatu b’abirabure bitwariye ikompanyi y’indege American Airlines yo kwunguruza abantu bayagiriza ivangura ruhu, bakavuga ko yabakuye mu ndege umwanya muto bitewe n’abidoze ko bumva umunuko w’umubiri.
Aba bagabo batatu, batari banicaranye kandi ata n’umwe yari azinanye n’uwundi, bavuga ko umwirabure wese yari muri iyo ndege yava i Phoenix mu ntara ya Arizona itera ija i New York ku wa 5 Nzero (5) uno mwaka yasohowe.
Mw’itangazo basohoreye hamwe ejo ku wa gatatu bavuga bati: "iAmerican Airlines yaraturobanuye kubera turi abirabure, iduteza isoni kandi iradusuzuguza".
Iyi kompanyi ifise icicaro mu ntara ya Texas ivuga ko iriko iratohoza iki kibazo kuko ibi birego bitajanye n’indangagaciro yayo.
Nk’uko biri muri uru rubanza rwugurujwe n’ishirahamwe ry’abaguzi, Public Citizen, muri sentare y’igihugu, aba bagabo bari bamaze gufata ivyicaro, indege igomba ihaguruke iva i Phoenix igihe umukozi w’indege yegera umw’umwe amutegeka gusohoka.
Alvin Jackson, Emmanuel Jean Joseph, na Xavier Veal bavuga ko, igihe bariko barasohoka, babonye ko "buri mwirabure wese yari muri iyo ndege yariko arasohorwa".
Aba bagabo bose bari bavuye i Los Angeles ata ngorane n’imwe.
Bageze ku muryango w’indege, aba bagabo batatu, bari kumwe n’abandi batanu, babwiwe n’umukozi w’iyi kompanyi ko bari "basohowe kubera hari umukozi w’iyi ndege w’umuzungu yidoze avuga ko hari umuntu atazwi anuka".
Mw’iri tangazo, aba bagabo bavuga bati: "Nta zindi nsiguro atari ukubera ibara ry’urukoba rwacu. Biragaragara neza ko iri ari ivangura ruhu".
Abakozi ba American Airlines baragerageje kubaronderera amatike mu zindi ndege ariko nta zindi zariko zija i New York muri iryo joro. Niho bahava bemererwa gusubira mu vyicaro vyabo muri iyo ndege nyene.
Mw’itangazo ryayo, American Airlines ivuga iti: "Dufata nka nkama ibirego vyose bijanye n’ivangura kandi dushaka ko abakiriya bacu biyumva neza mu gihe bahisemwo kujana natwe.
"Abakozi bacu bariko baratohoza iki kibazo, kuko ibi birego bitajanye n’indangaciro yacu canke intego yacu yo gutunganiriza abantu".
Uru rubanza ruvuga kandi ko mu gihe aba bagabo bari bakiri hanze barindiriye, umudereva yasohoye itangazo amenyesha ingenzi ko indege yacerewe guhaguruka kubera hari ikibazo c’“umuntu anuka”. Abitwaye bavuga ko iki kirego c’umunuko ari ikinyoma.
Ruvuga kandi ruti: "Muri urwo rugendo rwose – kuva basubiye mu ndege, mu gihe cose bavugana n’uno mukozi w’indege w’umuzungu, gushika bururuke – abitwaye barerekanye ko bamaramajwe bikomeye, basuzugujwe, bagira umwikomo, ishavu n’umubabaro.
"Igihe bariko basubira mu vyicaro vyabo, baca iruhande y’ingenzi z’abazungu ari na zo zari nyinshi, mbere izitari nke muri zo zibarabana uburakari n’urwikeko rudasiguritse, vyiyongereye ku gasuzuguro bakorewe".
Uru rubanza ruvuga ko iyi kompanyi yategerezwa gutegekwa kuriha indishi y’akababaro itavugwa ingene ingana kw’"ihahamuka" aba bagabo bagize.
Umwe muri aba bagabo bitwaye, Joseph, yabwiye BBC ko iri “nenwa” rimwibutsa intwari Rosa Parks yaharanira uburenganzira bwa muntu yategetswe kwicara inyuma muri bisi (bus) yo muri Alabama mu 1955 kubera ivangura ruhu ryari rihagarariwe n’ubutegetsi bw’iyi ntara.
Ati: “Birateye isoni kandi ni ubujuju kwumva ko mu 2024 tugikorerwa ibintu nk’ibi”.
Avuga kandi ko uru rubanza rukenewe kugira ngo American Airlines ironke igihano nyaco.
Mu 2017, ishirahamwe NAACP riharanira uburenganzira bwa muntu, ryasohoye itangazo rivunira akagohe Abanyamerika b’abirabure kwirinda American Airlines kubera ivangura.
Iri tangazo ryagiye kuvanwa ku rubuga umwaka wakurikiye inyuma y’aho ino kompanyi itangarije ko yagize impinduka mu buryo bwayo bwo gukora.
















