Vinicius Jr 'ntashobora kurwanya ivanguramoko ari umwe' muri Espagne

Vinicius Jr yinjiye muri Real Madrid avuye mu murwi Flamengo wo muri Brezili mu 2018, afise imyaka 18

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vinicius Jr yinjiye muri Real Madrid avuye mu murwi Flamengo wo muri Brezili mu 2018, afise imyaka 18
    • Umwanditsi, Isaac Fanin na Sara Menai
    • Igikorwa, Igisata c'isi ca BBC

Umusatirizi wa Real Madrid Vinicius Jr "ntashobora kurwanya ivanguramoko ari umwe" muri Espagne, nk’uko bivugwa n’umukinyi yahagaritswe vy’agateganyo inyuma yo kwitera mu barorerezi guhangana n’umufana yiketse inyifato y’ivanguramoko.

Vinicius ni umwe mu bantu bifatanije n’umunyegori wa Sénégal, Cheikh Kane Sarr, yahawe ikarata itukura ava mu kibuga inyuma y’ivyari bihejeje gushika mu rukino rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca gatatu muri Espagne.

Mu kwezi guheze, uno musatirizi wa Brezili yararize igihe yavuga ku ngaruka z’ihohotera rishingiye kw’ivanguramoko mu bibuga vy’umupira vya Espagne.

Umumenyereza wa Real Carlo Ancelotti avuga ko atarigera abona "umukinyi atotezwa" nk’uwo mukinyi wa Brezili.

Mu kiganiro Newsday ca BBC, Sarr yavuze ati: "Vinicius akora igikorwa kidasanzwe mu kurwanya ivanguramoko muri Espagne. Ndashaka kumushimira.

"Iyaba abandi bakinyi bari bameze nkawe, si novuga ko ivanguramoko ryohera, ariko ryozimangana bukebuke. Ntiryosubira kuvugwa cane.

"Akora igikorwa kidasanzwe".

Vinicius yashikirije ubutumwa ku mbuga hwaniro bwo gushigikira Sarr na bagenziwe bo mu murwi Rayo Majadahonda, vyabaye ngombwa ko bava mu kibuga nk’ikimenyetso co kwifatanya na we mu gihe uno murwi wariko ukina na Sestao River mu kwezi guheze, baranka no gusubira mu kibuga.

Vinicius ati: "Abashira imbere ivanguramoko bategerezwa kwiyamirizwa kandi inkino ntizishobora kubandanya bakiri mu kibuga.

"Tuzoronka intsinzi mu gihe abakoresha ivanguramoko bazoba bavuye mu bibuga hanyuma bakajanwa mw’ibohero, ni co kibanza kibabereye."

Sarr arishimira ingene afashwe mu mugongo n’umukinyi amaze guhura n’ivanguramoko incuro cumi, aho hose abarongoye ihiganwa rya Espagne, La Liga, bakaba barabishikirije abashikirizamanza.

Saar w’imyaka 23 agira ati: "Ni umuntu mwiza, azi ico ashaka. Ariko ntashobora kurwanya ivanguramoko ari umwe. Akeneye gufatwa mu mugongo.

"Ivanguramoko nta kibanza rifise kw’isi be no mu mupira w’amaguru.

Ingingo yo kumuhagarika inyuma yo gushwana 'ni akarenganyo'

Cheikh Kane Sarr yahagaritswe inkino zibiri inyuma yo guhangana n'umufana yoketse ko yariko aramutuka ibitutsi bishingiye kw'ivanguramoko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Cheikh Kane Sarr yahagaritswe inkino zibiri inyuma yo guhangana n'umufana yiketse ko yariko aramutuka ibitutsi bishingiye kw'ivanguramoko
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Sarr ntabona ko abarongoye igisata c‘umupira w’amaguru bafata nka nkama urugamba rwo kurwanya ivanguramoko uravye ingene ikibazo ciwe cafashwe.

Inyuma y’ivyabaye igihe umurwi wiwe wahura na Sestao ku wa 30 Ntwarante (3), ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne (RFEF) ryamuhagaritse inkino zibiri, rimuca n’ihadabu y’ama-euro 600 - igihano Sarr afata ko ari "akarenganyo".

Rayo Majadahonda yaciye itsindwa impaga y’ibitsindo 3 ku busa (3-0), ica yakwa n’amanota atatu, yongera icibwa ihadabu y’ama-euro 3006 ku caha co kutarangiza urukino.

Sarr ati: "Nimba koko twiteguye kurwanya ivanguramoko, ni ngombwa gukingira uwurikorewe no kumuha inguvu.

"Mumufatiye ibihano, ntaco muba muriko murafasha.

"Mutegerezwa guhana uwo murwi wundi canke umurorerezi atukana afatiye kw’ivanguramoko.

"Iyaba nari narakiniye Real Madrid, sinibaza ko mba narafatiwe ibihano. Ni vyo abakinyi barazwi cane, ariko ibihano bitegerezwa kuba bimwe kuri bose."

Sestao irahakana ko habaye indirimbo z’ivanguramoko, zitajanye n’urukino, ariko uno murwi na wo nyene warafatiwe ibihano na RFEF, birimwo kwugarirwa ikibuga hamwe n’ihadabu.

Sarr yashaka ko 'videwo izunguruka hose'

Rayo Majadahonda yari imaze guterwa 2-1 igihe Sarr ava mu kibuga ku munota wa 83.

Asigura ati : "Intagondwa yamanutse ava mu bwugamo aca atangura kuntuka.

"Iyo aba yari umuyabaga, umwana, kumbure nari kuvyumva, ariko umviriza, umutama ni we yariko aratukana.

"Nk’umukinyi naje gukina i Bulaya kugira ngo ngaburire umuryango wanje uri muri Afrika, birababaje cane."

Sarr yibaza ko ivyo yakoze vyari gushira ku mugaragaro uwakoze icaha kandi bigashira ahabona ivanguramoko.

Ati: "Sinashaka kuba umunyamahane canke umugumutsi.

"Nashaka gusa kumufata kubera nipfuza ko videwo izunguruka hose igahanahanwa ku mbuga hwaniro, kugira ngo abantu bamenye ibiriko biraba."

Muri Espagne, Sarr amaze gukinira imirwi ya Gimnastic, Real Oviedo Vetusta, Recreativo Granada hamwe na CD Castellon

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri Espagne, Sarr amaze gukinira imirwi ya Gimnastic, Real Oviedo Vetusta, Recreativo Granada hamwe na CD Castellon

RFEF yanzuye ko inyifato ya Sarr "iteye kubiri n’ingendo nziza iranga inkino", ariko ikaba yabonye ko hari "imvo nyoroshacaha", ari nazo zafatiweko mu gufata ingingo zijanye n’igihe igihano cari kumara kubera "imvo zumvikana z’agasotoro gatewe n’ibitutsi bishingiye kw’ivanguramoko".

Sestao yahawe igihano co gukina inkino zibiri ku kibuga cayo ata barorerezi bahari, yongera icibwa ihadabu ry’ama-euro 6001 kubera "yananiwe no gukora hakiri kare canke kudafashanya mu kurwanya inyifato z’ubugome, z’ivanguramoko, z’urwanko ku banyamahanga canke zo kutihanganirana".

Sarr avuga ko yahuye n’ivanguramoko mu gihe amaze akina muri Espagne, ariko ko ihohotera aheruka gukorerwa ryari ku rundi rwego.

Ati: "Haraciye imyaka ibiri, umufana yari mu barorerezi yerekanye ibimenyetso, ariko ico gihe naritwengeye.

"Ubu sinavyihanganiye kuko ryari ivanguramoko nyaryo. Ni ubwa mbere mu buzima bwanje nshobora kuvuga ko koko nahohotewe."

'Nzova mu kibuga kuko ivanguramoko ntirishobora kwihanganirwa'

Sarr abona ko ingene bagenziwe bavyifashemwo ari ikintu "kidasanzwe".

Ati: "Ni bwo bwa mbere muri Espagne umurwi wanse kubandanya urukino.

"Mfashe aka kanya ngo nkeze uno murwi, umukuru wawo, abakozi kuko vyankoze ku mutima."

Avuga ko Rayo Majadahonda yagaragaje "umubabaro mwinshi no kutishimira ingene abantu bavyifashemwo" igihe asohorwa mu kibuga.

Ariko uno murwi wafashe ingingo yo kutitwara kuri iki gihano cafatiwe umunyegori wayo ariko ikabona ko igihano umurwi wafatiwe "kirenze urugero".

Sarr avuga ko azokwifata ukundi muri kazoza, ariko ko ivanguramoko iryo ari ryo ryose rizokwama rigira ingaruka mbi.

Ati: "Ndahigiye vyinshi, ariko sinzi ingene nzoshobora guhangana na vyo bisubiriye.

"Ni vyo ko ntazosubira gusimbira mu bwugamo. Ariko nzohagarika gukina. Nzova mu kibuga kuko ivanguramoko ntirishobora kwihanganirwa.

"Umupira w’amaguru wategerezwa kuba ikintu gihuza abantu. Twategerezwa kuba umuryango."