Korea ya Ruguru ivuga ko ikigendajuru ca maneko yarungitse mu kirere cakorokeye mw'ibahari

Isanamu yasohowe na Korea y'Epfo yerekana ibisigarira mu nyanja

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Isanamu yasohowe na Korea y'Epfo yerekana ibisigarira mu nyanja
    • Umwanditsi, Jean Mackenzie i Seoul & Oliver Slow i Londres
    • Igikorwa, BBC News

Korea ya Ruguru ivuga ko habaye isanganya igihe yari irungitse ikigendajuru ca mbere mu kirere, bituma gikorokera mu nyanja.

Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yari yatangaje ko yategura kurungika ikigendajuru bitarenze ku wa 11 Ruheshi (11) gucungera ibikorwa vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ivuga ko vuba bishoboka izogerageza kurungika ica kabiri.

Irungikwa ry’iki kigendajuru ryatumye umugwa mukuru wa Korea y’Epfo, Seoul, wihenda usohora ubutumwa bwo kugabisha, mu gihe mu Buyapani habaye igabisha ku banyagihugu ba Okinawa iri mu bumanuko.

Muri Seoul habaye akajagari abantu barata imitwe igihe bakangurwa n’inzamba zo kugabisha ko hagomba habe igitero c’indege, hanasohoka n’ubutumwa bubabwira kwitegurira gukura meza – ariko inyuma y’iminota 20 bakabwirwa ko bwarungitswe mu kwihenda.

Ibi bishobora kugira ingaruka mbi mu karere kose ka Korea, ahasanzwe harangwa icuka kibi hagati y’ibi bihugu bibiri kuva imyaka 70 iheze, iri gabisha ribaye mu kwihenda rigashobora gutuma abantu batera icizere ubuhinga bw’igabisha.

Korea ya Ruguru irabangamiye Korea y’Epfo, kandi muri kazoza haramutse habaye igabisha ikibazo abantu bibaza ni ukumenya nimba abantu bazorifata nka nkama, canke naho bakaryihoza bibaza ko ari irindi kosa.

Kim, umugore w’imyaka 33 aba i Seoul, yabwiye BBC ko yagize “ubwoba bwinshi cane” igihe yaronka ubutumwa bwihuta bumugabisha, aca atangura kwegeranya utuntu twiwe kugira ngo akure meza.

Ati: “Sinibajije ko hashobora kuba intambara, ariko mfatiye ku ntambara yo muri Ukraine, vyatumye nibaza ko Korea ya Ruguru canke Ubushinwa bishobora gutera Korea y’Epfo”. Avuga kandi ko yibajije ko Pyongyang yoba yari “yataye umutwe” igatangura igitero.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru w’igisagara ca Seoul, Oh Se-hoon, yemeje ko mu kurungika ubu butumwa bw’igabisha “hashobora kuba habaye uguhuruduka” ariko akavuga ko “ku kibazo c’umutekano ata kinya”.

Avuga ko igisagara kizokomeza ubuhinga bwaco bwo kugabisha kugira ngo ntihabe ukujuragirika, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.

Igisirikare ca Korea y’Epfo kivuga ko iki kigendajuru gishobora kuba caturitse kiri mu kirere canke kigakoroka ama-radar amaze kukibura. Iki gisirikare casohoye amasanamu y’ibisigarira vyatowe mw’ibahari.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Fumio Kishida, avuga ko Korea ya Ruguru yasa n’iyarashe igisasu ca misire kiraswa kure kandi ko reta yariko irihweza amakuru arambuye.

Avuga kandi ko ata makuru bararonka ko hoba hari ivyahononekariye. Imbere y’aha, Ubuyapani bwari bwavuze ko bwari bwiteguye kurasa ikintu ico ari co cose cobangamira ubutaka bwabwo.

Ejo ku wa kabiri, Ri Pyong Chol, icegera c’umurwi wa gisirikare mu mugambwe uri ku butegetsi muri Korea ya Ruguru, yari yatangaje uwo mugambi wo kurungika iki kigendajuru, avuga ko ari ukwihora “ibikorwa vya gisirikare vy’ugwangara” vya Amerika na Korea y’Epfo.

Yagiriza ibi bihugu “kwerekana ku mugaragaro imigambi yavyo yo gutera intambara bitiyumviriye”.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifatanije na Korea y’Epfo n’Ubuyapani mu kwiyamiriza irungikwa ry’iki kigendajuru, bivuga ko ari “ihonyanga ryeruye” ry’ivyemezo bitari bike vy’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano.

Umuvugizi w’inama y’igihugu ijejwe umutekano ya Amerika, Adam Hodge, avuga ati: "Umuryango w’ibiganiro uracuguruye ariko Pyongyang itegerezwa vuba bwango guhagarika ibikorwa vy’agasotoro igahitamwo inzira ibereye”.

Yongerako y’uko Amerika izofata “ingingo zose nkenerwa” zo kwikingira no gukingira incuti zayo.

Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres na we nyene ariyamiriza iyi ngendo, avuga ko irungikwa iryo ari ryo ryose ry’ikigendajuru hakoreshejwe ubuhinga bwa misire iraswa kure riteye “kubiri” n’ivyemezo vy’inama nkuru y’umutekano kw’isi.

Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un avuga ko uguhingura ibigendajuru vya gisirikare kiri mu vya nkenerwa mu mugambi wo kwivuna abansi.

Leif-Eric Easley, umwigisha kuri kaminuza ya Ewha y’i Seoul, avuga ko reta ya Korea ya Ruguru “ishobora kuba yibona ko iri mu rugamba rwo kurondera ikibanza mu kugenzura ikirere” kandi ko uwu mugambi wayo wo kurungika ikigendajuru, wanka wemera, “ishobora kuwukoresha muri 'propaganda' ya poritike ku bushobozi bwayo mu bijanye no kugenzura ikirere”.