Korea ya Ruguru ivuga ko yagerageje misire ‘ya mbere ikomeye’ gushika ubu

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Kelly Ng na Jean Mackenzie
- Igikorwa, Singapore na Seoul
Korea ya Ruguru ivuga ko yagerageje igisasu gishasha ca misire cambukiranya imigabane (missile balistique intercontinental/intercontinental ballistic missile, ICBM) kirasishwa roketi ikoresha ibitoro bikomeye (solid-fuel missile) – igisasu ca misire “ca mbere gikomeye” gushika ubu.
Ibinyamakuru vya reta birashimagiza igerageza rya nijoro ku wa kane, ivyatumye mu Buyapani haba ivyo kwimura abantu mu kanya gato, “intambwe y’igitangaza”.
Ibisasu vya misire biraswa na roketi ikoresha ibitoro bikomeye bishobora kunyaruka cane gusumba ibiraswa na roketi ikoresha igitoro c’amazimazi (missiles à combustible liquide/ liquid-fuel misiles), ibi bituma bigorana kuzirasa. Ariko abahinga bavuga ko bidashobora kubura agahaze.
Korea y’Epfo ivuga ko Korea ya Ruguru igikeneye umwanya utari muto kugira ngo ihingure misire yambukiranya imigabane ikoresha ibitoro bikomeye.
Ni bwo bwa mbere Korea ya Ruguru irashe ubwoko bw’iki gisasu inyuma y’imyaka itari mike igerageza ibisasu vya misire vyo ku ntera ngufi biraswa na roketi ikoresha ibitoro bigumye. Iramaze kugerageza misire zitari nke zambukiranya imigabane ariko izi ziraswa na roketi ikoresha igitoro c’amazimazi.
Abahinga bavuga ko iyi ari intambwe ikomeye mu mugambi wayo wo guhingura ibirwanisho, kuko ubwoko bw’ibi bisasu vyambukiranya imigabane birekurwa na roketi ikoresha ibitoro bigumye bizoha ubushobozi Korea ya Ruguru bwo gutera Amerika atavyo kurinda kugabisha.
Kuri uno wa gatanu, umushikiranganji wa Korea y’Epfo ajejwe kwivuna abansi yavuze ko ubu buhinga atari bushasha, akavuga kandi ko igerageza ry’iki gisasu ca Korea ya Ruguru ari “intambwe yo hagati na hagati” mu guhingura igisasu nyaco ca ICBM kirekurwa na roketi ikoresha ibitoro bigumye.
Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong Un, ari na we yahagarariye ibikorwa vy’igerageza ry’iki gisasu ari kumwe n’umukobwa wiwe, umugore wiwe na mushikiwe, ngo yoba yavuze ko iri gerageza rizotuma abakeba “bazoba mu bwoba bwinshi n’amaganya menshi”.
Yavuze kandi ko iki kirwanisho cageragejwe, kikaba kizwi nka Hwasong-18, gishigikiye umugambi wa gisirikare wa Korea ya Ruguru.
Igerageza ry’iki gisasu ryateje uruhagarara mu buraruko bw’Ubuyapani, aho haciye hatangwa itegeko ryo kwimura abantu mu nyuma rigahagarikwa haciye iminota 30.
Amashure mw’izinga ry’Ubuyapani rya Hokkaido yacerewe kwugurura, mbere n’ingendo zimwe zimwe za gari ya moshi zirahagarikwa mu kirino gito.
Abategetsi b’Ubuyapani, ba Korea y’Epfo n’aba Amerika bariyamiriza bikomeye iyi ngendo ije inyuma y’aho Kim avugiwe ko yategetse igisirikare gukoresha “uburyo bufadika kandi buteye ubwoba” mu kuzibira intambara.
Misire ziraswa na roketi ikoresha ibitoro bigumye zishobora gusumvya inguvu zigenzi zazo zikoresha ibitoro vy’amazimazi, ariko ziragoye kubika no kubungabunga, nk’uko bivugwa na Ankit Panda, umuhinga mu bijanye n’ibirwanisho vy’ubumara mu kigo Carnegie Endowment for International Peace. Zirakarirwa n’akabombera n’ubushuhe kandi zishobora no gutituka uko imyaka igenda ziri mu bubiko.
Iyi ni indwi ikomeye kuri Korea ya Ruguru mu gihe ihimbaza imyaka 11 Kim ashitse ku butegetsi – igihugu kikaba kirondera guhimbaza imisi mikuru nk’iyi mu kugaragaraza intambwe za gisirikare cagezeko.
Korea ya Ruguru ibandanya yongereza ibirwanisho vyayo vy’ubumara mbere ikanahingura ibirwanisho bigezweho. Iranegura kandi imyimenyerezo ya gisirikare hagati ya Amerika na Korea y’Epfo, ikavyagiriza ko biriko biratuma ibintu vyunyuka.
Ibikorwa vy’igerageza ry’iki kirwanisho bibaye kandi hasigaye imisi ibiri ngo bahimbaze isabukuru y’amavuka y’indongozi yashinze Korea ya Ruguru Kim Il Sung – umusi mukuru ukomeye cane gusumba iyindi yose mu mwaka mu kirangamisi c’iki gihugu.










