Korea ya Ruguru yarashe igisasu ca ICMB imbere y’ibiganiro vy’Ubuyapni na Korea y’Epfo

Iki gisasu carasiwe i Pyongyang kiza kugwa mw'ibahari

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iki gisasu carasiwe i Pyongyang kiza kugwa mw'ibahari
    • Umwanditsi, Na Laura Gozzi na Kelly Ng
    • Igikorwa, BBC News

Korea ya Ruguru yarashe igisasu cambukiranya imigabane (ICBM) amasaha makeya imbere y’uko abategetsi ba Korea y’Epfo n’Ubuyapani babonana mu biganiro bidasanzwe.

Abategetsi b’ibi bihugu vyompi bemeje irekurwa ry’iki gisasu kiraswa kure mu gatondo ko kuri uno wa kane.

Cagiye ibirometero vyababa 1.000 imbere yo kugwa mu mazi mu burengero bw’Ubuyapani.

Ni igisasu kigize kane kirashwe na Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) mu ndwi imwe, kikaba kirashwe mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea y’Epfo ziri mu myimenyerezo rusangi.

Izindi misire zarashwe – ku wa kane no ku wa gatandatu w’indwi iheze, hamwe no ku wa mbere – zari iziraswa ku ntera ngufi.

Ukwiyongera kw’ibi bikorwa vya misire vya Korea ya Ruguru gushobora kuba mu bibazo nyamukuru biganirwako igihe Perezida Yoon Suk Yeol wa Korea y’Epfo aza kubonanira n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Fumio Kishida i Tokyo kuri uno wa kane – rukaba ari rwo rugendo rwa mbere rwo kuri uru rugero mu myaka 12.

Kuva ku wa mbere, Amerika na Korea y’Epfo biri mu myimenyerezo mu micungararo y’akarere ka Korea - ikaba ari yo myimenyerezo ya mbere ikomeye mu myaka itanu ihuje ibi bihugu bicuditse.

Korea ya Ruguru yamye yiyamiriza iyi myimenyerezo, ikavuga ko ari agasomborotso.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iki gisasu carashwe uno musi carekuwe isaha imwe n’iminota 10 mu masaha ya Pyongyang, ni ukuvuga isaha zitandatu n’iminota 10 z’ijoro mu masaha ya Gitega na Kigali, kikaba carashwe kiva i Pyongyang kirengana umweha w’ubuseruko bwa Korea ya Ruguru, nk’uko bivugwa n’abakuru ba gisirikare ba Korea y’Epfo.

Ubushikiranganji bw’Ubuyapani bujejwe kwivuna abansi bwemeje ko iki gisasu ari ico mu bwoko bwa ICBM, ni ukuvuga igisasu kiraswa kure cambukiranya imigabane, bukavuga ko cagurutse gushika ku birometero birenga 6.000 uja hejuru mu mwanya w’iminota 70.

Caguye hafi isaha zibiri n’iminota 20 hanze y’akarere k’ubukungu k’Ubuyapani, nk’uko bivugwa n’ubu bushikiranganji.

Abategetsi b’Ubuyapani ntibavuga nimba hari ivyononywe n’iki gisasu ca misire.

Inyuma y’iraswa ry’iki gisasu, Perezida Yoon yategetse igisirikare c’igihugu ciwe kubandanya imyimenyerezo rusangi na Amerika nk’uko iteguwe.

Avuga ko Pyongyang ari yo izokwishura aka "gasotoro kayo”.

Nta kwezi kwari bwahere Korea ya Ruguru irashe igisasu caheruka ca ICBM – igikorwa catumye hatumwako inama yihuta ya ONU, kikiyamirizwa n’ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi (G7).

Ibisasu vya ICBM birateye ubwoba kubera bishobora kuraswa kure. Abahinga bavuga ko ibisasu vya misire nk’ivyo birasiwe muri Korea ya Ruguru bishobora gushika ku butaka bwa Reta Zunze Ubmwe za Amerika.

Pyongyang izwi kandi ko imaze guhingura ibisasu vya ICBM bishobora kwikorera ibindi biturika vyinshi.

Ukwiyongera kw’agasomborotso ka Korea ya Ruguru mu mwaka uheze ni kimwe mu bibazo nyamukuru biza kuganirwako mu nama ya Tokyo yo kuri uno wa kane.

Benshi biteze ko iyi nama iza kuvamwo ugukomeza ubucuti bwa hafi mu vyo umutekano hagati y’ibi bihugu bibiri, na rirya yishimiwe nk’”intambwe ikomeye” mu kunywanisha Korea y’Epfo n’Ubuyapani.

Ibi bihugu vyompi bivuga ko bizotumako inama y’ibisata vyavyo bijewe umutekano inyuma ya kino gisasu co kuri uno wa kane.

Mu 2022, Korea ya Ruguru yarashe ibisasu vya misire birenga 90 – iki kikaba ari gitigiri ca mbere kinini c’ibisasu birashwe mu mwaka umwe gusa - n’aho isanzwe iri mu bihano yafatiwe na ONU, Amerika, Ubumwe bwa Bulaya hamwe n’ibihugu bibanyi vyayo.

Korea ya Ruguru yabandanije ishimangira umugambi wayo wa nikleyeri ku butegetsi bwa Kim Jong-un, umutegetsi yahagarariye vyinshi mu bikorwa biherutse gukorwa mu mugambi wayo wo guhingura ibirwanisho, harimwo bine muri bitandatu vyo kugerageza ibisasu vya nikleyeri gushika ubu.