Ubwongereza, Canada na Australia vyatangaje ko vyemeye igihugu ca Palestina

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer yatangaje ko Ubwongereza bwemeye igihugu ca Palestina.

''Uyu munsi, kugira havyke icizere c'amahoro n'inyishu ishingiye ku bihugu bibiri, ndatangaje mu buryo butomoye - nk'umushikiranganji wa mbere w'iki gihugu gikomeye - ko Ingona Yunze Ubumwe[United Kingdom] yemeye ku mugaragaro igihugu ca Palestina,'' niko yavuze mw'ijambo ryasohotse muri video.

Uwo mushikiranganji wa mbere yavuze mu kwezi kwa Mukakaro (7) ko azohindura aho Ubwongereza bwari busanzwe buhagaze kiretse Israel hari vyinshi yubahirije, harimwo kwemera guhagarika ingwano mu ntara ya Gaza no kwiyemeza umugambi w'amahoro arama woshikana ku kubaho kw'igihugu ca Palestina impande ya Israel.

Abategetsi ba Israel ivyo bavyanse kuva intambara igitangura inyuma y'igitero ca Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu mu 2023 cahitanye abantu hafi 1.200 abandi 250 bagatwarwa nk'imbohe.

Ubushikiranganji bwa Israel bujejwe imigenderanire bwavuze ko kwemera igihugu ca Palestina ''ata kindi atari uguha agashimwe Hamas n'ingwano yayo ya jihad''.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yari yabineguye bigitangazwa ko bizokorwa co kimwe n'imiryango y'imbohe ziri muri Gaza na bamwe mu mugambwe w'aba 'Conservative'.

Keir Starmer yavuze ko kwemera igihugu ca Palestina atari uguha agashimwe Hamas kuko ''iyi nyishu ishingiye ku bihugu bibiri atari agashimwe kuri Hamas'' kuko bisigura ko Hamas ata kazoza ifise, ata kibanza muri reta kandi ata kibanza mu mutekano.

Ingingo yo kwemera igihugu ca Palestine ni impinduka ikomeye cane muri poritike y'imigenderanire y'Ubwongereza, inyuma y'amareta menshi yagiye arakurikirana avuga ko kwemera ico gihugu vyoza nk'ikigize inzira y'amahoro bigakorwa iyo nzira igeze mu kiringo vyogira ingaruka nini ishoboka.

Ariko, abashikiranganji bavuga ko hageze aho hagira igikorwa kugira hagumeho icizere ko amahoro arama azoruha akaboneka.

Utwigoro two gushika ku masezerano yo guhagarika intambara - ubaye urareka n'inyishu irama y'amatati hagati ya Israel na Palestina - twarananiwe. Israel yararakaje amakungu igihe yagaba igitero ku ntumwa za Hamas mu biganiro muri Qatar.

Inkuru ziva muri reta zivuga ko ibintu ku rubuga vyunyutse cane muri aya mayinga aheze. Afatira ku masanamu y'inzara n'intureka muri Gaza, ivyo Starmer yigeze kuvuga ko ''bitokwihanganirwa''.

Igitero ca vuba ca Israel ku butaka mu gisagara ca Gaza, umutegetsi wa ONU yavuze ko ari ''akaga'', catumye abantu ibihumbi n'ibihumbi bahunga.

Ni co gitero ca vuba ca Israel muri iyo ntambara imaze hafi imyaka ibiri yatumye benshi mu ntara z'Abanya-Palestina bateshwa ivyabo, ibikorwa remezo birasamburwa, abantu n'imiburiburi 65.208 baricwa, ku bw'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara.

Muri iyi ndwi, umugwi wa ONU ukora amatohoza washitse ku mwanzuro ko Israel yakoze ihonyabwoko ku banya-Palestina bo muri Gaza, ivyo Israel yiyamirije.

Abashikiranganji berekana ingene Abanya-Israel babandanya kwubaka ku butaka bw'Abanya-Palestina muri Cisjordanie bifatiye, ivyo bikaba biteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu, nka kimwe mu mvo nyamukuru zo kwemera igihugu ca Palestina.

Umukuru w'urwego rw'ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas yarashimye iyo ngingo igihe yagendera Keir Starmer muri uku kwezi, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Downing Street, bikaba vyavuze ko abategetsi bompi bemeranije ko Hamas ata kibanza ikwiye kuronka mu ntwaro izoza ya Palestina.

Kemi Badenoch wo mu mugambwe w'aba Conservative yavuze ko yifuza kubona inyishu ishingiye ku bihugu bibiri.

Ariko uwo mugore yanditse muri The Telegraph mu mpera z'indwi ati: ''Biragaragara, kandi Abanyamerika barabitomoye, ko kwemera igihugu ca Palestina muri iki gihe imbohe zitarekuwe, kwoba ari uguha agashimwe iterabwoba.''

Hagati aho, mw'ikete ryuguruye barungikiye Sir Keir Starmer, abo mu miryango ya bamwe mu mbohe batwawe na Hamas basavye umushikiranganji wa mbere kudatera iyo ntambwe gushika 48 bagisigaye muri Gaza, 20 vyibazwa ko bakiri bazima, basubijwe.

Amasoko avuga ko reta ija kwerekana intambwe zikurikira z'ingene Hamas izofatirwa ibihano mu minsi iza.

Mu rugendo yagize mu Bwongereza muri iyi ndwi, umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump nawe nyene yaravuze ko atemera ivyo kwemera Palestina.

Keir Starmer yari yashinze igihe ntarengwa c'inama ya bose y'ishirahamwe npuzamakungu ONU izoba muri iyi ndwi, kugira Israel ifate ''intambwe ziboneka zo kurangiza amahano yo muri Gaza, yemere guhagarika intambara yongere yiyemeze kuja mu nzira y'amahoro arama, havyurwe umugambi w'inyishu ishingiye ku bihugu bibiri''.

Yavuze mu kwezi kw'indwi ati: ''Mu gihe iyo nyishu ubu igeramiwe, nico gihe ko haba igikozwe.''

Canada na Australia navyo vyemeye igihugu ca Palestina

Australia nayo yeme igihugu ca Palestina mu gihe Canada yari yabikoze imbere yayo gato kiba igihugu ca mbere c'ibihugu indwi vya mbere bikize kw'isi G7 cemeje Palestina.

Yaba Canada yaba Australia vyari vyamenyesheje ko bizotangaza ko vyemeye igihugu ca Palestina mu nama ya bose ya ONU izobera New York muri iyi ndwi.

Mw'itangazo yasohoye kuri X umushikiranganji wa Canada Marc Corney yagize ati: ''Canada yemeye igihugu ca Palestina kandi yemeye gufashanya mu kwubaka ukwiyemeza kwa kazoza k'amahoro k'ibihugu vyompi vya Palestina na Israel.''

Ibindi birimwo Portugal n'Ubufaransa navyo vyaravuze ko bizokwemera igihugu ca Palestina, mu gihe Espagne, Irlande na Norvege vyagize iyo ntambwe mu mwaka uheze.

Palestina gushika ubu yemerwa n'ibihugu 75% ku 193 bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ariko nta mbibe ifise zizwi mu makungu, nta murwa mukuru igira nta n'ingabo ifise - bigatuma kuyemera ari ikimenyetso gusa.

Inyishu y'ibihugu bibiri ihagaze ku gishinga igihugu ca Palestine muri Cisjordanie na Gaza, Yeruzaremu yo mu buseruko nayo ikaba umurwa mukuru. Israel gushika ubu niyo yifatiye Cisjordanie na Gaza, bivuga ko urwego rw'ubutegetsi bwa Palestina rutangenzura ubutaka bwayo bwose n'abanyagihugu bayo bose.

Ariko hari abanegura igituma reta y'Ubwongereza isa n'iyabwiye Israel ivyo yokora, ariko ntihagire ico isaba Hamas.

''Nta n'ukuvuga ko vyoba [kwemera igihugu ca Palestina] ari uko harekuwe abantu 48 bakigizwe imbohe'', vyavuzwe na Sir Ephraim Mirvis, indongozi nkuru y'ishengero ry'Abayahudi, asaba ko iyo ngingo yoba irabangaira.

Ariko abategetsi mu bushikiranganji bw'imigenderanire bavuga ko kugira igihugu ari uburenganzira bw'Abanya-Palestina, ko butofatirwa kuri Hamas, reta isanzwe ifata ko ari umuhari w'iterabwoba.