Canada yakurikiye Ubufaransa n'Ubwongereza mu mugambi wo kwemera Palestina nk'igihugu

    • Umwanditsi, Nadine Yousif
    • Igikorwa, BBC News, Toronto

Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, avuga ko iki gihugu gitegura kwemera Palestina nk'igihugu muri Nyakanga (9), kikaba kibaye ica gatatu gitangaje iyi ngingo muri ino misi ya vuba.

Carney avuga ko iyi ngingo izovana n'impinduka zishingiye ku ntwaro rusangi, harimwo n'amatora y'ubutegetsi bwa Palestina yo mu mwaka uza Hamas itarimwo.

Atangaje ibi inyuma y'umusi umwe Ubwongereza butangaje ko buzokwemeza Palestina nk'igihugu muri Nyakanga kiretse Israel yemeye guhagarika intambara n'ibindi bisabwa, hakaba kandi hari haciye indwi Ubufaransa nabwo butangaje ingingo nk'iyi.

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire ariyamiriza iyi ngingo ya Canada, akavuga ko ari "ugukenguruka ibikorwa vya Hamas".

Ibihugu bitari bike - 147 kuri 193 bigize ishirahamwe ONU – biremera Palestina nk'igihugu.

Carney avuga ko Canada izokwemera Palestina nk'igihugu mw'ikoraniro rusangi ry'ishirahamwe ONU.

Avuga ko imvo zitumye Canada ihindura poritike mpuzamakungu yayo ari ingendo ya Israel yo kubandanya yigarurira uturere tw'Abanyapalestina muri Cisjordanie/West Bank, akaga kariko kabera muri Gaza, hamwe n'ibitero vya Hamas kuri Israel vyo ku wa 7 Gitugutu (10) 2023.

"Amarushwa abanya-Gaza bariko barabona ntashobora kwihanganirwa kandi ibintu bibandanya vyunyuka ku muvuduko", niko Carney yabwiye abanyamakuru nijoro ku wa gatatu.

Avuga ko ukwemera Palestina nk'igihugu bizovana n'ukungene ubutegetsi bwa Palestina buzozana impinduka mu vy'intwaro hamwe no kutaba ikiririmbiro ry'imirwi itera intambara.

Kuva kera, Canada yamye ishigikiye ko ishingwa ry'ibihugu bibiri riba kimwe mu vyoja mu mugambi w'amahoro, nk'uko Carney abivuga, ariko ko iyi nzira ata kibanza igifise.

Ati: "Umugambi wo gushinga igihugu ca Palestina uriko urazimangana turorera".

Carney yabwiye abanyamakuru ko yari yavuganye n'umukuru w'ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas imbere y'aho kuri iyi ngingo.

Ubutegetsi bwa Palestina bugenzura uturere twa Cisjordanie biciye ku mugambwe Fatah urongowe na Abbas, Hamas nayo ikagenzura Gaza. Kuva mu 2006, nta karere na kamwe muri utu karatunganya amatora.

Iyi ngingo ya Carney yaneguwe n'ubushikiranganji bwa Israel bujejwe imigenderanire.

Mu butumwa bwacishije ku rubuga rwa X, ubu bushikiranganji buvuga ko umugambi wa Canada "ubangamira utwigoro two kurondera guhagarika intambara muri Gaza hamwe n'inzira yo kurekuza abafashwe bugwati".

Umugambwe w'abanyaporitike ba Canada bagendera ku mico ya kera (Conservateurs) na wo nyene uriyamiriza iyi ngingo ya Carney.

Uno mugambwe utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi ugira uti: "Kwemera Palestine nk'igihugu inyuma y'igitero c'iterabwoba co ku wa 7 Gitugutu ni ugutanga ubutumwa butari bwo kw'isi".

Uyu mushikiranganji wa mbere yari amaze igihe ari ku gitsure asabwa gutorera umuti ikibazo kijanye no kwemeza Palestine nk'igihugu kuva Ubwongereza n'Ubufaransa – incuti za hafi cane za Canada – bisohoye amatangazo kuri iki kibazo mu misi iheze.

Abababa 200 bahoze ari abaserukizi n'abakora mu biro vy'ubuserukizi bwa Canada bateye igikumu kw'ikete risaba Carney kwemera Palestine nk'igihugu.

Ingingo ngenderwako za Canada, nk'uko iri kete ribivuga, "ziriko zirahonyangwa buri musi uravye abantu bateshwa izabo, ibibombe bicucagirwa mu rudavagi, inzara ibangamiye abasivire ba Palestina muri Gaza hamwe n'ibitero vy'ubugome bikorwa n'abansi b'amahoro bimukiye muri Cisjordanie".

Abajijwe nimba yabitumwe n'ingingo ziherutse gutangazwa n'Ubwongereza hamwe n'Ubufaransa, canke nimba yaravuganye na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Carney yishuye ko Canada yafashe ingingo zayo bwite za poritike mpuzamakungu.

Ari nka hamwe Ubufaransa n'Ubwongereza vyokwemeza Palestina nk'igihugu ku mugaragaro, Amerika – incuti pfa mpfe ya Israel – izoca iba igihugu kimwe conyene muri bitanu ntayegayezwa mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi kizoba kitarabikora.

Igisirikare ca Israel catanguye ibitero muri Gaza mu kwishura igitero ca Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu 2023, cahitanye abababa 1200, abandi 251 bafatwa bugwati.

Kuva ico gihe, abantu barenga 60.000 baramaze kwicwa muri Gaza, nayo 154 nabo, harimwo abana 89, bakaba bamaze gupfa bahitanywe n'inzara, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.