Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel - Hamas: Umubabaro w'abana b'imfuvyi zakomeretse zisigaye ari zonyene muri Gaza
Dalia Haidar
BBC News y'icarabu
Abaganga bakorera mu karere ka Gaza babwiye BBC ko ubu basigaye bakoresha ijambo ryihariye ryo kwita umuce w'abantu bakozweko n'ingwano.
Muganga Tanya Haj-Hassan akora mu kigo c'abaganga batagira imbibe Doctors Without Borders yabwiye BBC News ko: "Hari imfunyapfunyo y'icongereza yihariye twita abagizweko ingaruka n'ingwano yo muri Gaza, ni WCNSF - wounded child, no surviving family - bisigura - abana bakomeretse, nta warokotse mu muryango - kandi ntirikoreshwa cane.
Ni ijambo ryerekana akaga k'ivyo abana benshi bo muri Gaza bariko baracamwo. Ubuzima bwabo burahinduka mw'isegonda- abavyeyi babo, abavukanyi babo, ba sekuru na inakuru barishwe, kandi ibintu ntibizosubira kuba nk'uko vyari bimeze.
Ingwano yatanguye inyuma yaho umurwi Hamas watera Israel ku wa 7 z'ukwa cumi, ukica abantu 1.200, wongera unyuruza abababa 240, Israel nayo ica itanguza isekeza ryayo. Muri izi ndyane abarenga 14.800 barishwe, harimwo abana 6.000, nk'uko umushikiranganji ajejwe ivy'amagara y'abantu muri Gaza abishikiriza.
Imfuvyi zitagira aho ziba
Ahmed Shabat ni umwe mu bana bazwi nk'uwakomeretse, atakigira n'umwe mu muryango yarokotse, igihe yazanwa ku bitaro vya Indonezia mu buraruko bwa Gaza yakomeretse kandi arira. Uyu mwana w'imyaka 3 yarokotse igitero c'indege cakozwe ku nzu yabo i Beit Hanoun, hagati mu kwezi kwa 11. Ariko se, nyina na mukuruwe bakiguyemwo.
Ku bw'igitangaza, yarakomeretse bukebuke. Haciye iminsi, vyaramenyekanye ko murunawe w'imyaka 2 nawe yarokotse ico gitero,barasubiye guhura inyuma yaho baronkeye incuti yabo ya kure.
Ibrahim Abu Amsha, inarume wa Ahmed yasiguye ati: "Inyuma y'ibitero vy'ibisasu, twaramenyeshejwe ko hari umwana ari mu bitaro vya Indonesia atari afise uwamuhekereje, hanyuma duca tujayo ubwo nyene.'' Ahmed yari kumwe n'uwundi muntu tutazi. Arongera ati:'' Ahmed yaterewe mu kirere n'ibisasu hanyuma bamutoye nko ku metero 20 uvuye ku nzu iwabo."
Ahmed na Omar ubu ni imfuvyi, ntibagira aho baba, ntibagira aho bikinga ibitero vy'urutavanako, Ibrahim yaciye afata ingingo yo kubarera hamwe n'umuryango wiwe. Yatanguye kubatwara mu gisagara ca Sheikh Radwan ariko naho nyene barahavuye inyuma y'aho Ahmed ''aguweko n'ibimanyu vy'ibiyo'' vyaturutse ku guturika kw'ibisasu.
Baciye baja mw'ikambi ya Nuseirat kuba baragumye mw'ishuri ryegukira ishirahamwe ONU. Ariko naho nyene hashasha bagiye, baratewe, ivyagize ingaruka zibabaje cane kuri Ahmed.
"Narirutse ngana ku muryango w'ishuri nca mbona Ahmed aryamye imbere yanje, amaguru yiwe yose yacitse. Yaravura aza aho ndi, asanza amaboko, arondera uwomufasha". Umwe mu baryango ba Ahmed yari kumwe nawe muri ico gihe igisasu giturika yarishwe.
Ibrahim yateshejwe ivyiwe ari kumwe n'umuryango wiwe n'abana ba mushikiwe avuga ko arota ashobora kurungika Ahmed kuvurirwa hanze ya Gaza.
Inarume avuga ababaye ati:'' Yashaka kuzoba ibintu vyinshi. Igihe twajana hanze kurorera umupira w'amaguru, yavuze ko yifuza kuzoba umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru.''
Arira ahamagara mama
Nka Ahmed, Muna Alwan nawe ni umwana azwi nka WCNSF igihe yazanwa ku bitaro vya Indonesia.
Uyu mwana w'imyaka 2 yaguma arira ahamagara ''mama'' ariko mama wiwe yarapfuye.
Muna yakuwe mu bihomoka vy'inzu inyuma y'igitero c'indege cagemye inzu y'umubanyi wabo mu gace ka Jabal Al Rais kari mu buraruko bwa Gaza. Abavyeyi ba Muna, basaza biwe na sekuru barishwe. Ijisho rya Muna ryari ryakomeretse cane n'urwasaya rwavunitse.
Muna yarungitswe mu bindi bitaro mu gihe yatorwa na nyinabo Hanaa.
Hanaa asigura ati:" Twamenyeye kuri interinete ko Muna ari mu bitaro vya Nasser. Twaciye tuza hanyuma turamumenya." Ariko avuga ko umwishwa wiwe ababara cane rwose.
Hanaa yongera ati:" Ashaka gukoma induru, aguma afise ubwoba, cane cane iyo hagize uwumwegera."
Muna afise bakuru biwe bakiriho ariko bari mu gisagara ca Gaza.
Hanaa avuga ati: "Baracari hariya kandi nta kuntu twoshobora kubazana mu bumanuko.''. Akongera ati:'' Nama nibaza, mbega nkore iki? Ni gute twosaba indishi y'akababaro ya nyina?''
'Naracitse ukuguru nca mbura n'umuryango'
Yicaye ku gitanda c'icuma kiri mu mfuruka y'ibitaro vya Nasser i Khan Yunis, mu bumanuko bwa Gaza, Dunya Abu Mehsen w'imyaka 11 araba ingene ukuguru kwiwe kwabaye, gufukishijwe ibifuko vyera
Uyu mwigeme, w'imishatsi miremire y'irende, yicaye ku mpera z'igitanda, yambaye umupira w'ibara ritukura, aguma ahoze cane, biboneka ko ababaye cane.
Dunya yarokotse igitero c'indege muhira iwabo ari kumwe na musaza wiwe Yusuf na murumuna wiwe baryamye, bose muri Al Amal mu micungararo ya Khan Yunis, mu bumanuko bwa Gaza.
Ariko abavyeyi biwe, musaza we na mukuru wiwe barahasize ubuzima. Nawe yacitse ukuguru kw'iburyo.
Dunya avuga ivyamushikiye ati: "Igihe nabona data, naragize ubwoba kubera yari yuzuye amaraso n'amabuye. Abantu bari badushengereye, kandi na murumunanje yaguma akoma induru. Nariravye mbona nta kuguru nari mfise. Narumva ububabare kandi iciyumviro nari mfise cari kimwe gusa, ni gute ukuguru kwanje kwacitse?''
Fadwa Abu Mahsen, nyinabo wa Dunya asigura ati:" Dunya ntiyibuka ingene n'igihe yashitse kwa muganga, gusa yibuka ko yari wenyene n'uko abakozi bo kwa muganga baguma bamubaza ibibazo kugira bagerageze kumenya umuryango wiwe". Yambwiye ati: "Narumvise umuforomakazi avuga, Mana bababarire. Naciye menya ko ariko avuga mama na papa"
Nyinabo, bicaranye mu cumba co mu bitaro, n'agakinga k'abagendana ubumuga kabaye uburyo bwonyene bufasha uwo mwigeme gusohoka hanze akaba arasama akayaga, avuga ati: "Imbere y'uko akomereka, yari umwana yakunda gukina, afise inguvu kandi akerebutse".
Dunya avuga ati: "Uno munsi, naracitse ukuguru ndabura n'umuryango ariko ndacafise indoto. Ndashaka kuronka ukuguru kw'uguterano, ntembere isi, nzobe umuganga n'uko iyi ngwano yohera abana bakabaho mu mahoro".
Guhararura imfuvyi zo muri Gaza
Gutanga igiharuro nyaco c'abana babaye imfuvyi mu karere ka Gaza ubu biracagoye uravye ''ukuntu intambara ziguma ziyongera n'ingene ibintu bihinduka ningoga ku rubuga'' nk'uko bishikirizwa na Ricardo Pires ajejwe gutanga amakuru mw'ishirahamwe Unicef.
Pires avuga kandi ko Unicef yagerageje gushika mu bitaro no kuganira n'abakozi bo mu bitaro vy'i Gaza kugira bamenye abo bana kandi babandike ariko ''utwo twigoro tugenda bukebuke cane bivuye ku bihe bigoye cane barimwo".
Pires asigura ko ibi "bisa nk'ibidashoboka" kumenya uburyo bw'imfatakibanza bwizewe bwo kubitaho bivuye ku "kajagari kari mu makambi y'impunzi n'ibitaro vyarengewe n'isinzi ry'abantu", ariko ko "uburyo bwari buhasanzwe bwo kuronka impapuro, kumenya iyo abana bari no kubahuza n'incuti zabo bukora nabi nabi".