Kurungika impunzi mu Rwanda: Sentare yabwiwe ko ONU yagabishije ko bidahuye n'amategeko

Ahavuye isanamu, PA Media
Sentare nkuru y'Ubwongereza yabwiwe ko ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi, HCR, ryagabishije incuro zibiri ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ko amasezerano bagiraniye n'Urwanda yo kurungika abasaba ubuhungiro muri ico gihugu adakurikije amategeko.
Umushingwamanza w'iryo shirahamwe yavuze ivyo igihe hariko haraba urubanza rugamije kubuza ko ayo masezerano ashirwa mu ngiro.
Abashingwamanza b’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mu Bwongereza bavuze ko umugambi wo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro udashobora guhagarikwa n’abawugwanya bishimikije amategeko – kubera uri mu nyungu z’abanyagihugu.
Reta ishaka guca intege abantu bajabuka Manche baja kurondera ubuhungiro mu gutomora ko menshi mu madosiye yabo azokwigirwa mu Rwanda.
Mu ntahe yo muri sentare, abo bashingwamanza basavye umucamanza kudaha agaciro ibirego vyashikirijwe sentare kw’izina ry’umwe umwe ku basaba ubuhungiro.
Abantu bashika 100 babwiwe ko bashobora kurungikwa mu ndege ya mbere, ku wa kabiri itariki 14 Ruheshi (6).
Imbere y’uko iyo ntahe itangura, vyamenyekanye ko nibura abantu batatu babwiwe ko batakiri ku rutonde rw’abazotwarwa n’iyo ndege.
Iyo ntahe ishingiye ku mwumvikano w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’Urwanda wo kurungika muri ico gihugu bamwe mu barondera ubuhungiro kugirango amadosiye yabo abe ari ho yigirwa – mu gihe mu nzira yabo yo kuja mu Bwongereza, baba baraciye mu kindi gihugu gitekanye bari kuba barondeyemwo ubuhungiro.
Mu gihe dosiye yabo izoba iriko irigirwa mu Rwanda, bazohabwa aho baba kandi bafashwe, bigenze neza, bashobore kuguma baba mu Rwanda bafashwa kwiga no gushigikirwa mu kiringo c’imyaka itanu.
Abo amadosiye yabo atazokwemerwa mu Rwanda bazohabwa amahirwe yo gusaba uburenganzira bwo kwinjira (visa) biciye mu zindi nzira n'iba bashaka kuguma muri ico gihugu, ariko kandi bazoba bashobora no kwirukanwa.
Mu ngiro, uwo mugambi werekeye abajabuka baciye muri Manche, ubu bagereranywa ku 10.000 uyu mwaka.
Mu nyandiko zashikirijwe sentare nkuru, abo bashingwamanza bavuze bati: “Kubarungika mu Rwanda biciye mu masezerano yo gufashanya mu vy’ubutunzi n’iterambere [n’Urwanda] hisunzwe ingingo zo kutemerwa zo mu mategeko yo kwinjira mu gihugu, kugamije ineza ikomeye y’abanyagihugu.
“Kuvana abantu mu Bwongereza bigamije guca intege abantu biheba mu gufata ingendo zo kuza mu Bwongereza kurondera ubuhungiro, babifashijwemwo n’inkozi z’ikibi zinjiza abantu mu kinyegero, kandi baba bamaze guca mu kindi gihugu gitekanye.
“Bw’umwihariko, ariko atari abo gusa, ivyo bigamije guca intege abashika baje mu bwato buto buto.”
Urubanza rwashingishirijwe ubushikiranganji n’urunani rw’abaharanira uburenganzira rufise intambwe zibiri.
Ubwa mbere bashaka kubuza ko hajanwa mu Rwanda abantu bamaze kumenyeshwa ko bazorungikwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwa kabiri bashaka guhinyuza niba irungikwa iryari ryo ryose rihuye n’amategeko.
Raza Hussain QC, aserukira bamwe muri abo bashingishije urubanza, yabwiye sentare ko ishami rya ONU riraba impunzi (UNHCR) ritewe impungenge n’ibibura mu ndinganizo y’ugusaba ubuhungiro mu Rwanda.
Yavuze ko mu biteye impungenge HCR harimwo ivyemeza ko abasaba ubuhungiro bashobora kwimwa urubanza, umushingwamanza n’uwuhindura indimi - kandi ko bashobora gusanga barungitswe mu bihugu bikora ivyo kuboreza igufa abantu.
ONU ntirashobora gukurikirana neza ubuziranenge bw’ingene ingingo zifatwa muri ico gihugu n’ubwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati Priti Patel yemeje ko Urwanda rutekanye, nk’uko yavuze.
Hussain yabandanije ati: “Aya n’amakenga yashikirijwe reta y’Ubwongereza ariko gushika ubu reta aho ihagaze n’uko ONU yemeye ko uwo mugambi ubandanya. Ivyo bavuga si vyo.
“Ivyo si vyo bibonwa n’ishirahamwe ritegamiye reta ryubashwe - ni ibibonwa na HCR kandi bitegerezwa guhabwa uburemere.”
Uwo mushingwamanza yashimangiye ko HCR ifise inshingano zo gucungera [amategeko mpuzamakungu agenga impunzi] no kuba umuhinga muri ico gisata.
Yavuze ati: “Ntituri ku rubuga mu Rwanda, umushikiranganji ntari ku rubuga mu Rwanda,” yongerako ati: “HCR yo ni ho iri. Vyoshoboka gute kurungikayo abantu HCR yavuze uko?”
Laura Dubinsky QC, aserukira HCR, yabwiye sentare ati “kubera hari ibintu bivugwa ukutari ko” ashaka gutomora ko iryo shami rya ONU ritigeze rishigikira uwo mwumvikano w’Ubwongereza n’Urwanda.
Yavuze ko HCR yabwiye umushikiranganji ko uwo mwumvikano udahuye n’amategeko.
Umucamanza Swift yabwiye sentare ko gusuzuma iyo poritike yose bishobora gufata hagati y’amayinga atandatu na munani.










