Amajana y'abarondera ubuhungiro bishwe n'abacungera urubibe rwa Arabia Saudite - icegeranyo

    • Umwanditsi, Paul Adams
    • Igikorwa, Umunyamakuru ku bibazo vy'imigenderanire

Abacungera urubibe rwa Arabia Saudite bagirizwa ubwicanyi bw'ikivunga bw'abaja kurondera ubuhungiro ku rubibe bihana na Yemen mu cegeranyo gishasha ca Huma Rights watch.

Ico cegeranyo kivuga ko abantu amajana , benshi b'abanya-Ethiopia bajabuka Yemen irangwamwo intambara kugira bashike muri Arabia Saudite, bishwe barashwe.

Abo baja kurondera ubuhungiro babwiye BBC ko amaguru canke amaboko yabo yaciwe n'amasasu kandi ko babonye imivyimba isigaye aho baciye.

Arabia Saudite muri kahise yahakanye ibirego vyo kwica ikuzako.

Ico cegeranyo ca Human Righjts Watch (HRW), yise They Fired On Us Like Rain (Baturekuriyeko imvura y'amasasu) kirimwo ibintu biteye ubwoba bivugwa n'abo baja kurondera ubuhungiro bavuga ko barashwe kandi ko rimwe na rimwe bategwa ibigwanisho biturika n'aporisi n'abasirikare ba Arabia Saudite ku rubibe rwo mu buraruko Yemen ihana na Arabia Saudite.

Abarondera ubuhungiro BBC yarondeye ukwabo bavuze ibihe biteye ubwoba cane vyo kujabuka mw'ijoro aho imigwi minini y'abanya-Ethiopia, irimwo abana n'abagore benshi, barashwe bariko baragerageza kujabuka urubibe kuja kurondera akazi muri ico gihugu cimbura ibitoro vyinshi.

''Kurasa vyarabandanije, birabandanya,'' niko Mustafa Soufia Mohammed , w'imyaka 21, yabwiye BBC.

Yavuze ko bamwe mu mugwi wiwe w'abantu 45 bishwe igihe baraswa bagerageza kujabuka urubibe muri Mukakaro (7) mu mwaka uheze.

''Sinigeze menya n'uko narashwe,'' niko avuga, ''ariko ngerageje guhaguruka ngo ntambuke, igice kimwe c'ukuguru kwanje ntitwari tukiri kumwe.''

Yabaye amaherezo ababaje y'urugendo rw'amezi atatu rwaranzwe n'ingeramizi, kwicwa n'inzara n'amahano mu minwe y'abanya-Yemen n'abanya-Ethiopia bajabutsa abantu mu kinyegero.

Video yafashwe amasaha make inyuma y'aho yerekana ikirenge ciwe c'i bubanfu gisa n'icacitse cose. Ukuguru kwa Mustafa kwahavuye gucirirwa hepfo y'ivi none ubu, aho ari kumwe n'abavyeyi biwe kuva agarutse, agendera ku bibando n'ukuguru kw'uguterano kutamukwiye neza.

''Nagiye muri Arabia Saudite kuko nashaka guteza imbere ubuzima bw'umuryango wanje,'' niko uwo mugabo w'abana babiri avuga, ''ariko ivyo nifuza ntivyashobotse. None ubu abavyeyi banje nibo bankorera vyose.''

'Imirambi y'ubwicanyi

Bamwe mu bacitse kw'icumu bafise ibimenyetso vy'ihahamuka rikomeye .

Ku murwa mukuru wa Yemen, Zahra no kuvuga ivyamushikiye biramugora.

Avuga ko afise imyaka 18, ariko asa n'uwutarayishikana. Ntidukoresheje izina ryiwe kugira dukingire umwidondoro wiwe.

Urugendo rwiwe, rwari rumaze gutwara amafaranga hafi 2.500 vy'ama dorari yo kwibohoza hamwe n'ibiturire, rwarangiriye mu rubura rw'amasasu ku rubibe.

Rumwe mu masasu rwamutwaye intoke zose z'ikiganza kimwe. Abajijwe kuri ico gikomere, aca araba hirya ntiyishure.

.

Ku bw'ishami rya ONU riraba abimukira, abantu barenga 200.000 ku mwaka baragerageza urwo rugendo rubangamye cane, rwo kujabuka baciye mu kiyaga bavuye mw'ihembe rya Afrika baja muri Yemen hanyuma bagakomeza baja muri Arabia Saudite.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa zina nmuntu avuga ko benshi bapfungwa kandi bagakubitwa mu nzira.

Kujabuka uciye mu kiyaga vyonyene birabangamye. Abaja kurondera ubuhungiro barenga 24 barabuzwe irengero ku ndwi iheze igihe ubwato bwazama mu mazi ya Djibouti.

Muri Yemen, inzira bene abo bantu bakunda gufata zuzuyeko imva z'abantu bagiye barapfira ku rugendo.

Abantu baharurwa mu mirongo barishwe mu myaka ibiri iheze igihe umuriro waduka mu kigo co gupfungirwamwo ku murwa mukuru, Sanaa, kiri mu minwe y'abitwaje ibigwanisho b'aba Houthi bagenzura igice kinini c'uburaruko bw'igihugu ca Yemen.

Ariko amabi avugwa muri iki cegeranyo gishasha ca HRW aratandukanye mu bunini no mu buryo yakozwe.

''Ivyo twatohoje ahanini ni ubwicanyi bw'ikivunga,'' nk'uko uwanditse icegeranyo, Nadia Hardman, yabwiye BBC.

''Abantu bavuze ibibanza vyumvikana nk'uko ari imirambi y'ubwicanyi - imivyimba igandagaje ku musozi wose,'' niko avuga.

Ico cegeranyo, cerekeye igihe co kuva muri Ntwarante (3) gushika muri Ruheshi(6) uyu mwaka, gitanga ido n'ido c'ahantu 28 hakoreshejwe ibigwanisho biturika na 14 hakoreshejwe kurasa kandi uwurasa ari hafi.

''Narabonye amashusho n'ama video narungikiywe n'abacitse kw'icumu. Yerekana ibikomere n'inguma biteye ubwoba cane.''

Kubera aho abantu bajabukira hagoye gushika bikaba bigoye kandi kuronka abacitse kw'icumu, bituma bidashoboka kumenya neza na neza igitigiri c'abantu bishwe, nk'uko abanditse icegeranyo babivuga.

''Tuvuga ko bake ari 655, ariko birashoboka ko boba ari ibihumbi,'' Hardman niko avuga.

''Twishimikije ibintu bifadika twarerekanye ko amabi akorewa henshi kandi ari ugukuzako kandi ko ashobora kuba ari icaha gikorewe zina muntu,'' nk'uko avuga.

Ivy'ubwicanyi bukorwa n'abajejwe umutekano ba Arabia Saudite ku rubibe rwo mu buraruko vyatanguye kuja ahabona muri Gitugugu (10) mw'ikete abahinga ba ONU barungikiye Riyadh.

Berekanye ''ikigaragara nk'ingendo y'ikuzako yo ku rugero runini ata gutoranya muri ubwo bwicanyi bwo ku rubibe, hakoreshejwe vya muzinga n'inkoho nto nto ziraswa n'abajejwe umutekano ba Arabia Saudite ku barondera ubuhungiro.''

N'ubwo ivyavugwamwo vyari biteye ubwoba, iryo kete ahani ntiryigeze rimenyekana.

Uguhakana kwa Arabia Saudite

Reta ya Arabia Saudite yavuze ko ibivugwa yabifashe nkama ariko ihakana kuba ONU ivuga ko ubwo bwicanyi bukuzako kandi ari ubwo ku rugero runini.

Reta yishuye ko ''hafatiwe ku makuru make aboneka, abategetsi b'iyo ngoma ata makuru canke ivyemezo batoye yo kwemeza canke gushigikira ibivugwa.''

Ariko mu kwezi guheze, Mixed Migration Center, ikigo mpuzamakungu c'ubushakashatsi, casohoye ikindi cegeranyo c'ubwicanyi bubera ku rubibe, gishingiye ku biyago co nyene cakoranye n'abacitse kw'icumu.

Icegeranyo caco kirimwo amasanamu y'imivyimba iriko irabora ikwiragiye irya n'ino ku rubibe, abarondera ubuhungiro bafashwe n'abanya-Arabia Saudite bariko barabazwa ukuguru bifuza kuswako, hamwe n'ibikoho (machine guns) na vya muzinga biriko birakoreshwa mu gutera abantu batekewe n'ubwoba.

Ariko icegeranyo ca Human Rights Watach nico kirimwo ido n'ido gusumba, harimwo ibivugwa n'abantu batandukanye bavyiboneye hamwe n'amasanamu y'ibigendajuru vy'aho abantu bajaburkira ari naho havugwa ko bwinshi mu bwicanyi ari ho bwabereye, hamwe n'ibibanza abishwe bahambwemwo gihutihuti.

Ico cegeranyo kandi kirerekana ikigo co gupfungiramwo ahitwa Monabbih, muri Yemen, aho abarondera ubuhungiro bagumizwa imbere y'uko baherekezwa ku mupaka n'abanya-Yemen babajana mu kinyegero bitwaje ibigwanisho.

Ku bw'umwe mu barondera ubuhungiro yavuganye na HRW, abitwaje ibigwanisho b'aba Houthi nibo bajejwe umutekano kuri ico kigo ca Monabbih kandi bakorana n'abo batwara abantu mu kinyegero.

Isanamu y'ikigendajuru yerekana amahema y'ibara ry'umucungwe acucagiranye mu rupangu ruzitiwe.

Imva zikiri nshasha

Mu gihe icegeranyo ca HRW cokoze ku kiringo co gushika mu kwezi kwa Ruheshi (6) uyu mwaka, BBC yaronse ivyemeza ko ubwo bwicanyi n'ubu bubandanya.

Mu gisagara ca Saad co mu buraruko, video yabonywe na BBC yerekana abarondera ubuhingiro bakomerekeye ku mupaka bashikanywe mu bitaro ubu vuba cane ku wa gatanu. Mu kaburi katari kure, hariko haraba amaziko.

BBC yagerageje kurondera reta ya Arabia Saudite kugira igire ico ivuze ku bivugwa n'abahinga ba ONU, Mixed Migration Center na Human Rights Watch, ariko nta nyishu iraronka.

Isoko ryo muri reta ya Arabia Saudite ryabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ibivugwa ari ibintu ''bitagira ishingiro kandi bifatiye ku masoko atawokwizigira".

Mw'ikete yarungikiye HRW nk'inyishu kuri ico cegeranyo, reta irongowe n'aba-Houthi i Saaan yavuze ko izi ko haba ''ukwica n'ibigirankana abarondera ubuhungiro n'abanya-Yemen'' bikorwa n'abanya-Arabia Saudite bacungera urubibe. Ihakana kandi ko idakorana n'abajana abantu mu kinyegero, ivuga ko ibafata nk'inkozi z'ikibi.