'Narakubiswe nsigara ndi inyama' – Myriam Ndayishimiye yakora muri Arabia Saoudite

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Abagore n'abakobwa b'abarundikazi baja gukora mu bihugu vy'abarabu bavuga ko bahura n'ingorane nyinshi, harimwo gufatwa ku nguvu, gukubitwa no guheranirwa amahera bakoreye.

Abaja gukora muri ivyo bihugu bavuga ko bagenda binyegeje baciye mu bihugu vya Kenya na Uganda.

Ubu reta iherutse kwemerera amashirahamwe y'abarundi azoza arakira abashaka kuja gukora mu gihugu ca Arabia Saoudite, akwongera akabakurikirana kugira ntibagire ibibazo, canke babigize na ho babafashe kubivamwo.

Imbere y'uko hashingwa ayo mashirahamwe, vyari bigoye kumenya aho abo bagore n'abigeme baca n'ababatwara.

BBC yagerageje kuvugana n'uruhande rwa leta ya Arabia Saoudite ku birego vy'aba bagore n'abakobwa, kugeza ubu ntibirashoboka.

Incuro nyinshi ku mbuga hwaniro hagiye hagaragara ubutumwa bwo gutabariza abarundikazi bagorewe mu bihugu vy’abarabu.

Abategetsi bavuga ko bigoye kumenya ivyabo kuko baca mu nzira zitazwi n’amategeko.

Hari n’inkuru zivuga ko hari n’abashikayo bahinduriwe amazina n’ibihugu bakomokamwo kugira ntibafatwe.

Bamwe bamwe amabi bahabonera ni menshi.

Gufatwa ku nguvu

N'aho bitavugwa cane, igitigiri c'abagore bafatwa ku nguvu bagataha kwibarukira abana b'abarabu mu Burundi kigenda congerekana.

BBC yarashoboye kumenya abashika batatu.

Bavuga ko bafatwa ku nguvu n'abakoresha babo canke abo mu miryango yabo.

Umwe muri bo, Mariya. B (izina ryahinduwe) avuga ko yagiye muri Arabia Saoudite agiye kurondera ubuzima afise abandi bana. Kandi yabana n'umugabo.

Ashitseyo avuga ko yafashwe ku nguvu na musaza w'umugore yakorera.

Mariya agira ati: "Barantwaye ngo bagiye kundungika mu gihugu canje c’Uburundi.

"Uwo musaza wa mabuja ni we yantwaye n'imodoka, aca ashaka kumfata ku nguvu.

"Turagwanira mu modoka, turagwana gushika n’aho menagura imodoka twarimwo, ibiyo vyose ndamenagura, ndakomereka ku maguru, inkovu n’ubu ndazifise."

Abandanya avuga ko yaruhiye gushika kuco yashaka (kumufata ku nguvu) amaze kumuhonyora mu gatuntu, aho n'ubu akibabara. Ico gihe yaciye asama imbanyi.

Agira ati: "Hanyuma amaze kumfata ku nguvu naciye ntwara inda. Natashe mu Burundi mfise inda y’amezi atanu, kuko maze kubona ngize ico kibazo naciye ntoroka.

"Barandondeje baca baramfungisha. Namaze amezi atanu mpfunze.

"Hanyuma narituye ambasade, barabinyirukiramwo, baramfasha, hanyuma ndateba ndataha.

"Ubu rero ndi mu gihugu c’Uburundi, umwana navyaye w’umwarabu ubu arakwije amezi icenda. Wavuye mu Burundi ufise umugabo n’abana, urumva ko atari ibintu vyoroshe.

"Ikintu nshimira Imana n’uko umugabo yanyakiriye, arantahura kuko yagiye arakurikirana ivyanshikiye. Ni na we yangiriye inama yo gutoroka."

Uwundi mugore, Matirida. G (izina ryiwe ryahinduwe) avuga ko yafashwe ku nguvu arabihisha umukoresha wiwe atinya ko bohava bamugirira nabi.

Agira ati: "Mabuja nahora ndamusaba ivyangombwa vyo gukoresha iyo ngiye mu kwezi (mu butinyanka/imihango), abona ukwezi kwa mbere kuraheze ntabimusavye,..ukwa kabiri.. arambaza ko ata kibazo mfise ndamuhakanira.

"Nanka y’uko bohava banyicirayo.

"Mabuja yaciye anjana kwa muganga kumvuza. Hanyuma muganga nca ndamubwiza ukuri ko vyashitse bamfata ku nguvu. Na we yaciye abibwira mabuja.

"Dushitse muhira, yarambajije uwanteye iyo nda, ndamwishura ikintu kimwe gusa nti: 'Wibuke ko aho wahora uja hose, twahora tujana, ariko warigeze kunsiga ngaha muhira rimwe gusa, kandi aha muhira uhafise umugabo n’abahungu'. Nta kindi nongeyeko."

Avuga ko baciye bamubwira ko ikiringo co gukora kirangiye, baca baja kumuta mw’ishamba rinini hari ibintu binuka.

Matirida na we nyene ambasade y'Uburundi muri Arabia Saoudite yaramufashije arataha.

Ubu avuga ko ahanzwe n'ingorane z'ubukene ku buryo bimugora no kugaburira uwo mwana w'umwarabu.

Agira ati: "Ubu bwoko bw’abarabu na bwo buragoye ntapfa ivyo ariye.

"Aho ngize ngo ndaja gusaba akazi baca bambwira ngo hari umuntu avyarana n'umuzungu ashobora kuja gusaba akazi? Canke ngo hari umuntu yavyaye umuzungu ashobora kwicwa n’inzara. N’ukuri mumfashe birangoye."

Gukubitwa no guheranirwa

Abagore n'abigeme baja kuronderera ubuzima mu bihugu vy'abarabu, bavuga ko bakorerwa ibibi vyo gukubitwa no kwimwa umushahara.

Iyo bagize baravuga, ngo barakubitwa.

Kubera ko baba bagiye baciye mu nzira z'ibinywabi, barabura abo bitura, canke babaronka na ho, ugasanga barasinzikaye.

Ivyo ni vyo vyashikiye Myriam Ndayishimiye w'imyaka 26.

Avuga ko yabanje kuja muri Kenya amarayo amezi ane, kuko ngo vyabanje kugorana.

Agira ati: "Umu mama wo muri Kenya ni we aba afise ibitabo vy'inzira, nta n'umwe abikorako. Baba batinya ko ubonye ubuzima urimwo utoroka."

Myriam ashitse muri Arabia Saoudite ngo mu mezi abiri ya mbere yarafashwe neza baranamuhemba. Ariko ngo ibintu vyagiye guhinduka hanyuma.

Agira ati: "Ku kwezi kugira gatatu, ntibasubiye kumpemba, gushika n'umwaka urahera. Ntanguye kubishuza ni ho batangura kumerera nabi.

"Baranyima indya, banyima amazi ku buryo nari nsigaye nywa amazi yo muri WC (akazu ka surwumwe).

"Nagiye mfise iryinyo rimeze neza ariko ubu mfise igipande. N'aha ku gutwi n'aho nakubiswe."

Myriam avuga ko yakubiswe mu kiringo c'amezi atandatu.

Ati: "Buri musi nakubitwa inkoni 200 mu gitondo canke 150.

"Naratorotse nciye mw'idirisha, ndashimira Imana ko bikunze. Ndashikira kuri polisi, ariko gica kinsubiza hahandi.

"Ubwo nasubiye hahandi, noneho baca barugara gose ku buryo ntakironka aho nca ngo ntoroke.

"Bankubitisha inkoni baragiza inka hamwe n'ibirato bisongoye vy'abagore. Birya biba birimwo imisumani.

"Umubiri wose usigara uri inyama, kandi nuka cane."

Myriam avuga ko batinze baja kumuta, aza gutabarwa n'uwundi mwarabu, aramugaburira, amujana muhira iwe, aranamuvuza.

Ati: "Abarabu bose si babi. Uwantabaye yitwa Ali. Sinzopfa ndamwibagiye."

Mu nyuma, ambasade y'Uburundi muri Arabia Saoudite yaramufashije aratahuka.

Mu kwezi kwa kane mu 2021, abarundikazi 41 bari bugaraniwe mu nzu imwe i Kampala muri Uganda, bagomba kujanwa mu bihugu vy'abarabu hadakurikijwe amategeko, barabohowe.

Ivyo bikaba vyemejwe n'abajejwe iperereza.

Charles Twine, umuvugizi w'ibiro vy'iperereza vya Uganda yabwiye BBC ko abo bagore bose bavuye mu Burundi bazanwa muri Uganda, aho bashizwe mu nzu barindiriye kujanwa mu bihugu vy'abarabu.