Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: Tutaronse imfashanyo ya gisirikare ya Amerika, ni ngombwa ko ingabo zisubira inyuma - Zelensky
Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ari nka hamwe Ukraine itoronswa imfashanyo ya gisirikare yemerewe na Amerika, ubu ikaba izibiwe n’impari zirangwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, ingabo zayo zizotegerezwa gusubira inyuma “bukebuke”.
Zelensky yabwiye ikinyamakuru Washington Post co muri Amerika ati: “Ata mfashanyo ya Amerika, bisigura ko ata buryo dufise bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, nta misire Patriot, nta buryo bwo kurwana intambara ya elektroniki, nta bisasu vya muzinga vya 155mm.
"Ibi bisigura ko tuzosubira inyuma, gusubira inyuma buke buke, intambwe ku yindi. Gusa turiko turagerageza kuraba ingene tutosubira inyuma”.
Avuga ko ubukene bw’amasasu busigura ko "utegerezwa gukora bike. Gute? Birumvikana ko ari ugusubira inyuma. Kugabanya urwasiro. Mu gihe vyokwanka rwose, Abarusiya bashobora guca basatira ibisagara binini".
Perezida Joe Biden wa Amerika asaba inama nshingamateka irongowe n’Abarepubulikana kwemeza integuro y’imfashanyo y’amahera na gisirikare igenewe Ukraine, ariko umukuru w’inama nshingamateka amaze amezi adadaza, kubera ibibazo avuga ko bitegerezwa kubanza kuva mu nzira.
Imyaka irenga ibiri iraheze Uburusiya butanguye intambara kuri Ukraine. Kuva mu mayinga aheze bwarongereje ibitero ku bigo vy’amasoko ntanganguvu no ku bindi bibanza nyamukuru.
Ingabo za Ukraine nta ntambwe zitera, Zelensky akavuga ko intego y’igihugu ciwe ari ukubandanya ibitero ku bibanza kanaka mu Burusiya, harimwo ibigo bihingura ibitoro.
Avuga ko Amerika itabona ryiza ibitero vya Ukraine, ariko ko Kyiv ikoresha indege zayo zitagira abadereva (drones).
Ati: "Dukoresha amadrone yacu. Nta n’umwe ashobora kutubwira ngo ntuzikoreshe. Nimba tudafise uburyo bwo gukingira amasoko ntanganguvu ibitero vyo mu kirere vy’Uburusiya, ikibazo canje ni iki: kubera iki tutobishura?”
‘Nta wundi mwanya dushobora gutakaza’ Zelensky ku mfashanyo ya Amerika izibiwe
Muri ico kiganiro yagiranye n’umunyamakuru David Ignatius wa Washington Post, Volodymyr Zelensky yavuze ko kubona inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zatebeje kwemeza imfashanyo y’imiriyaridi 60 z’amadorari y’Abanyamerika vyagize ingaruka mbi cane kuri Ukraine.
Ati: “Twatakaje amezi atandatu” mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka zari zishamiranye. “Ntidushobora gutakaza uwundi mwanya. Ukraine ntishobora kuba ikiraniro rya poritike hagati y’imigambwe”.
Ku bwiwe, abatumva ko Ukraine ikwiye kuronswa imfashanyo ntibatahura iyi ntambara ic’ari co. “Ari nka hamwe Ukraine yotsindwa, Putin azocanishamwo isi” hagati y’abagenzi n’abansi b’Uburusiya, nk’uko avuga asubirwamwo na Washington Post.
Zelensky yabwiye iki kinyamakuru ko ubushobozi bwa Ukraine ku rubuga rw’intambara buva ku ngingo inama nshingamateka na nkenguzamateka zizofata.
Ku bwiwe, gushika Ukraine ironse iyi mfashanyo ya Amerika, “tuzoguma aho turi ubu mu buseruko”. Ukraine irashobora gukora ibitero bito bito, ariko “kugira twirukane umwansi, dukeneye ibindi birwanisho”, niko Zelensky avuga.
Zelensky: Ingabo za Ukraine zarashoboye guhangana n’igitero c’Uburusiya
Mu kindi kiganiro n’ikinyamakuru CBS News, Perezida Zelensky avuga ko nubwo ziri mu bukene bw’amasasu n’ibindi bikoresho vya gisirikare, ingabo za Ukraine zashoboye kuzibira igitero c’Uburusiya, mbere ibintu birahagarara neza ku rubuga rw’intambara.
Hagati aho, nk’uko abivuga, Ukraine nta bushobozi ifise bwo kuzibira ikindi gitero gishasha gikomeye c’Uburusiya, gishobora kuba ku mpeshi canke mu ci, ata yindi mfashanyo ironse.
Iki kiganiro cabereye mu kibanza c’amazu yasambuwe ariko kitavuzwe ic’ari co.
Ati: “Dutegerezwa gushira ibintu mu buryo. Ubu vyopfuma ugereranije no mu mezi abiri canke atatu aheze aho twari mu bukene burenze urugero bw’amasasu n’ibindi birwanisho”.
Abajijwe nimba Ukraine ishobora gutsinda intambara mu gihe Vladimir Putin akiri ku butegetsi mu Burusiya, Zelensky yishura ko ari ikintu kigoye cane, ariko ko iyo hari akarere kabohojwe bituma ubutegetsi bwa Putin butakaza inguvu. Avuga ariko ko igihugu ciwe gishobora kunanirwa no kubohoza ubutaka bwose bwigaruriwe hakoreshejwe inguvu za gisirikare.
Zelensky ati: “Ndazi neza ko igihe Putin yotakaza ubutaka yigaruriye kuva mu 2022, yoca atakaza icizere mbere no kuri ivyo bihugu bigifise amakenga yo gufasha Ukraine.
“Yoca mbere atakaza n’ubutegetsi mu gihugu ciwe. Ibi biramutse bibaye, yoca yemera ibiganiro. Ubwo rero ikintu ca mbere cosabwa imbere y’amakungu kikaba ari ukudusubiza ubutaka bwacu bwose, no kwubahiriza ubusugire bwa Ukraine”.
Zelensky yahamagaye umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika igenzurwa n’Abarepubulikani
Perezida Volodymyr Zelensky yahamagaye umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Umurepubulikani Mike Johnson, amusaba kwihutisha amatora yo kwemeza imfashanyo igenewe igihugu ciwe, harimwo imiriyaridi 60 z’amadorari y’Abanyamerika.
Imfashanyo yari isanzwe igenewe Ukraine isa n’iyaheze, ibi bikaba vyatumye igisirikare cayo kirushirizaho gukehanirwa n’amasasu.
Iyi mfashanyo yaremejwe n’inama nkenguzamateka ku wa 13 Ruhuhuma (2), ariko inama nshingamateka aho Abarepubulikani bafise ubwiganze iracadadaza. Umukuru w’inama nshingamateka ni we afata ingingo yo gushira integuro y’iyi mfashanyo imbere y’inama nshingamateka kugira ngo yemezwe canke ihakanwe.
Ibinti ntivyoroshe. Johnson ari ku ruhande rw’umurwi ushigikiye Donald Trump, uwu nawo ukaba ushaka ko imfashanyo ihabwa Ukraine ihagarikwa, mbere ukaba ugabisha ko ushobora kubogoza uno mukuru w’inama nshingamateka ari nka hamwe yohirahira agashira iyi nteguro imbere y’inama nshingamateka kugira ngo habe amatora.
Nk’uko Zelensky abivuga, yasiguriye Johnson ibijanye n’ico yita “iterabwoba ryo mu kirere” ry’Uburusiya – bukaba bumaze gucucagira amajana n’amajana y’ibisasu vya misire, amadrone n’amabombe kuri Ukraine mu ndwi iheze yonyene.
Ikinyamakuru New York Times giherutse kwandika ko Johnson amaze kuvuga incuro zitari nke ku mugaragaro ko yipfuza kubona imfashanyo igenewe Ukraine yemejwe, ariko ko bigoye kwizigira ivyo avuga: muri kahise, Johnson yaratoye ahakana imfashanyo igenewe Ukraine incuro zirenga imwe, kandi agakunda kuvuga ivyo bagenziwe bipfuza kwumva kuri we.
Hagati aho, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi asubirwamwo n’ikinyamakuru La Tribune avuga ko Ubufaransa buriko butegura imfashanyo izorungikirwa Ukraine igizwe n’ibikoresho vya gisirikare bitandukanye, harimwo amajana y’imodoka z’intambara n’ibisasu vya misire birasa indege, muri uno mwaka wa 2024 no mu ntango za 2025.
Muri aya mayinga aheze, Perezida Emmanuel Macron w’iki gihugu yumvikanye incuro zitari nke avuga ko Uburusiya budashobora kwemererwa gutsinda ino ntambara.