Intambara muri Ukraine ntiriko irahera 'ubu bwa vuba' - icegera ca Trump

    • Umwanditsi, James Chater
    • Igikorwa, BBC News

Icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika JD Vance avuga ko intambara yo muri Ukraine atari iyiriko "irahera ubu bwa vuba", hari mu kiganiro n'ikinyamakuru Fox News.

Vance avuga ko ikibazo gihanze ubutegetsi bwa Amerika ubu ari ukungene bwofasha Uburusiya na Ukraine "kwumvikana" mu ntumbero yo kurangiza iyi ntambara imaze imyaka itatu yiha inkumbi.

Ariko, Vance yongerako ati: "Bizova ku [Burusiya na Ukraine] ni baba bashaka gushika ku mwumvikano bagahagarika iyi ntambara y'ubugome".

Avuze aya majambo inyuma y'akanya gato Washington (ubutegetsi bwa Amerika) iteye igikumu ku masezerano na Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) yo gusangira inyungu z'ubutare bwa 'terre rares' bwa Ukraine hanyuma Amerika nayo ikayifasha mu vyo umutekano.

Vance yavuze ibi mu kiganiro ku bibazo bitandukanye, aho yashigikiye uburyo Trump ariko aravyifatamwo ku bijanye n'intambara yo muri Ukraine.

Ati: "Ni vyo koko, [Abanya-Ukraine] barashavuye kubona igihugu cabo caratewe. Ariko none, birakwiye ko twobandanya dutakaza ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo ku butaka butoya uku canke kuriya?"

Muri ino ndwi, Trump yavuze ko Ukraine ishobora kuba yiteguriye kurekura Crimée/Crimea, akarere Uburusiya bwihagiye mu 2014, mu ntumbero yo gushika ku masezerano y'agahengwe.

Ariko Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yari aherutse kuvuga ko atari gushobora kwemera ko Uburusiya bugenzura aka karere, afatiye kw'ibwirizwashingiro ry'igihugu ciwe.

Mu kiganiro kindi na Fox News ejo ku wa kane, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yavuze ko vuba iyi ntambara ikeneye "gutorerwa umuti", atari uko naho ko Trump "bizoba ngombwa ko afata ingingo ku mwanya azoza araha iki kibazo".

Igihe yariko yiyamamariza ikiringo ca kabiri, Trump yemereye Abanyamerika ko yari kurangiza iyi ntambara mu masaha 24. Hagati aho, imisi irarenze 100 kuva ashitse ku butegetsi, n'ubu nta n'agahengwe karashobora gushikwako, uretse ivyo kurangiza intambara.

Muri ino ndwi, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yatangaje agahengwe k'imisi itatu, kuva ku wa 8 Rusama (5), igihe gihuriranye no kwibuka irangira ry'Intambara ya Kabiri y'Isi yose.

Mu kwishura, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire, Andrii Sybiha, yasavye ko intambara ihagarara ubwo nyene mu kiringo c'imisi 30.

Ariko intambara hagati y'ibi bihugu bibiri irabandanya.

Mw'ijoro ry'ejo ku wa kane, igitero c'indege y'Uburusiya itajamwo umudereva mu gisagara ca Zaporizhzhia kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine cakomerekeje abantu 14, ariko ntabapfuye.

Ku ruhande rwayo, Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) yagirije Ukraine ko yakoze igitero kw'isoko riri mu karere kari mu minwe y'Uburusiya mu bumanuko bwa Ukraine, ejo ku wa kane nyene, aho abantu indwi bishwe abarenga 20 na bo barakomereka, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'Uburusiya.

Kyiv iriyamiriza ibi birego, ikavuga ko iki gitero cakozwe gusa ku basirikare b'Uburusiya.