Putin yatangaje agahengwe k'imisi itatu muri Ukraine kuva ku wa 8 Rusama, kabonwa gute?

    • Umwanditsi, Thomas Mackintosh
    • Igikorwa, BBC News, Londres
    • Umwanditsi, Vitaliy Shevchenko
    • Igikorwa, Umwanditsi mu gisata c'Uburusiya, BBC Monitoring

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yatangaje agahengwe k'imisi itatu mu ntambara yiwe muri Ukraine.

Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko aka gahengwe kazotangura mu gatondo ko ku wa 8 gushika ku wa 11 Rusama (5) - ikiringo gihuriranye n'ibirori vyo guhimbaza intsinzi y'icahoze ari Ubumwe bw'Abasoviyeti mu ntambara ya kabiri y'isi yose.

Mu kwishura, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire, Andrii Sybiha, asaba agahengwe "k'imisi nibura 30".

Mu gihe Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu twigoro twiwe two kurondera ko impande zompi zokwumvikana zigahagarika intambara, avuga ko yipfuza kubona zishitse ku masezerano arama, nk'uko bivugwa na Maison Blanche/White House (Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika).

Hagati aho, abatari bake baribaza nimba koko aka ari akigoro ko kurondera ko intambara yohagarara, canke nimba atari amayeri ya Kremlin yo kwiyeza imbere ya Perezida Trump.

Si bwo bwa mbere Kremlin itangaje agahengwe, aho mu misi mike iheze yatangaje agahengwe nk'aka mu ntumbero yo guhimbaza Pasika, ariko naho izo mpande zompi zatangaje ko intambara zagabanutse, zaragirizanije kugahonyanga incuro amajana n'amajana.

Haramaze kuba incuro zirenga 20 zo kugerageza gutanga agahengwe muri Ukraine – ariko vyaranse muri izo ncuro zose, mbere hamwe hamwe ugutana mu mitwe kukaba kwaduka inyuma y'iminota mikeya gusa gashizwe mu ngiro.

Agaheruka, kano ka Pasika, nta kintu kinini kamaze uretse gusa kugabanya kurasana, aho impande zompi zagirizanije kugahonyanga.

Mw'itangazo ry'ejo ku wa mbere, Kremlin yavuze ko Putin yatangaje aka gahengwe "ku mvo z'ubutabazi".

Rigira kandi riti: "Uburusiya burizeye ko n'uruhande rwa Ukraine ruzokurikiza aka karorero.

"Mu gihe uruhande rwa Ukraine rwohonyanga aka gahengwe, igisirikare c'Uburusiya kizokwishura mu buryo nyabwo kandi uko bikwiriye.

"Uruhande rw'Uburusiya rwongeye gutangaza ko rwiteguriye ibiganiro vy'amahoro ata kirinze gusabwa, mu ntumbero yo gutorera umuti umuzi w'ikibazo ca Ukraine, no gukorana neza n'incuti mpuzamakungu".

Inyuma y'iri tangazo, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Sybiha yagize ati: "Nimba koko Uburusiya bushaka amahoro, butegerezwa guhagarika intambara ubwo nyene".

Yanditse kuri X ati: "Kubera iki tworindira gushika ku wa 8 Rusama? Nimba amasasu ashobora guhagarara ubu no kuva ku musi uwo ari wo wose mu kiringo c'imisi 30 – rero birashoboka aya masasu ashobora guhagarara ubu no kuva kw'itariki iyo ari yo yose mu misi 30 – akwiye guhagarara vy'ukuri, atari guhagarara gusa ku bw'idefire".

Avuga ko Ukraine yiteguye gushigikira "amasezerano yo guhagarika intambara yuzuye kandi arama. Kandi iki nico tudahengeshanya gusaba, imisi nibura 30".

Karoline Leavitt ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche avuga ko Trump "arushirizaho gushavurira abarongozi b'ibihugu vyompi".

"Ashaka kubona amasezerano yo guhagarika intambara arama.

"Ndumva ko Vladimir Putin muri iki gitondo yemeye gutanga agahengwe k'akanya gato. Umukuru w'igihugu aratomora neza ko ashaka kubona amasezerano yo guhagarika intambara arama kugira ngo ubwicanyi bubanze buhagarare, amaraso areke guseseka".

Iri tangazo rije mu gihe Amerika ivuga ko ari indwi "ihambaye cane" ku biganiro vy'amahoro hagati y'Uburusiya na Ukraine.

Washington (ubutegetsi bwa Amerika) imaze imisi igerageza kurondera ingene impande zompi zoshika ku masezerano, ariko ubutegetsi bwa Trump buragabisha ko bushobora kwiyonjorora ari nka hamwe ata covamwo.

Putin aripfuza cane kwerekana ko Uburusiya bufise umutima wo kurondera amahoro - kandi arashaka cane ko Trump yumva ubu butumwa, mu gihe Ukraine yemeye iciyumviro ca Washington co guhagarika intambara mu kiringo c'imisi 30.

Ni inyuma y'uko Perezida Trump yerekanye ko ababajwe n'ibitero Uburusiya bubandanya gukora kuri Ukraine.

Ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022, niho Uburusiya bwatanguza intambara yuzuye kuri Ukraine, ubu bukaba bugenzura hafi 20% vy'ubutaka bwa Kyiv, harimwo n'akarere ka Crimée/Crimea bwihagiye mu 2014.

Bigereranywa ko abantu ibihumbi amajana n'amajana - benshi muri bo bakaba ari abasirikare - bishwe canke bakomeretse ku mpande zompi kuva mu 2022.

None koko aka gahengwe gasigura iki? – umwihwezo wa Rosenberg

Ibiringo vy'agahengwe biriko biraba umukino wa Kremlin.

Abanegura Kremlin bashobora kubona ko ari ukugerageza kwiyeza mu maso y'abantu.

Muri ca gihe c'agahengwe gato cane ka Pasika, Ukraine yagirije ingabo z'Uburusiya ko zitahengeshanije kugahonyanga.

Uburusiya bwakoresheje iri tangazo ry'aka gahengwe k'amasaha 30 mu kwereka Maison Blanche ikimenyetso: ko muri ino ntambara Moscou iharanira amahoro hanyuma Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) nayo ikaba umusotoranyi.

Bwagirije Ukraine ko yirengagije ico Uburusiya bwerekana nk'ikimenyetso c'uko bushaka amahoro, kandi ko ari yo ishaka kudindiza intambara.

Ariko amajambo aherutse gushikirizwa na Trump yerekana ko uno mukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika atavyemeye.

Mu butumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwiwe, Truth Social, mu mpera z'indwi iheze, Trump yanditse ngo "nta mvo n'imwe" Putin yari afise "yo kurasa amamisire mu bibanza vya gisivire, no mu bisagara [muri Ukraine], mu misi mike iheze".

Yongeyeko ati: "Ibi bituma nibaza ko kumbure adashaka amahoro, ariko arankinirako, rero ategerezwa gufatwa ukundi. Hariko harapfa abantu benshi!!!"

None aka gahengwe gatangazwa na Putin yoba ari ayandi mayeri yo kwereka Washington ko Kremlin igenzwa n'agatima keza gusa"? Ko Uburusiya bwobwo bwera muri iyi ntambara?

Nimba ari uko, inyishu ya Leavitt isa n'iyerekana ko bitashotse vyemerwa.

Iki ni ikimenyetso ko Perezida Trump ashobora kuba ubu ariko aratakaza ukwihanganira Kremlin, naho nyene mu mezi aheze yari akunze kunegura cane ku mugaragaro Perezida Zelensky.

Hagati aho, abategetsi mu nzego zo hejuru z'Uburusiya bamaze gutangura gukoresha aka gahengwe ka Putin k'imisi itatu mu kugerageza kwerekana ko Ukraine idashoboka.

Umukuru w'inama nshingamateka y'Uburusiya, Vyacheslav Volodin, yabwiye imboneshakure ya reta y'Uburusiya ati: "Nta wuzi nimba [Prezida] Zelensky azoshigikira ingingo y'umukuru w'igihugu cacu akemera aka gahengwe".

Amajambo nk'aya avuzwe inyuma y'akanya gato cane hatangajwe akandi gahengwe k'igihe gito, nta ndemesho na ntoyi atanga.