Zelensky yirukanye uwurongoye ingabo zimucungera inyuma yo guhakwa kwicwa

Serhiy Rud yari arongoye ingabo zicungera abategetsi kuva mu 2019

Ahavuye isanamu, Eugen Kotenko / Ukrinform/Future Publishing via Getty Image

Insiguro y'isanamu, Serhiy Rud yari arongoye ingabo zicungera abategetsi kuva mu 2019

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yirukanye umukuru w'ingabo zicungera umutekano wiwe, inyuma y'aho babiri mu bategetsi bo hejuru bo muri izo ngabo bafatiwe bakekwako gutegura kumwica.

Serhiy Rud ni we yari arongoye ingabo zicungera umukuru w'igihugu kuva mu 2019.

Mw'itangazo rigufi riri mw'itegeko ry'umukuru w'igihugu, nta mpamvu yatanzwe y'igituma yabogojwe,

Ariko urwego rujejwe gucungera inzego UDO rurahambaye cane ku mutekano, atari uwa prezida gusa, ahubwo no ku bandi bategetsi bakomeye ba Ukraine n'imiryango yabo.

Abo bakoroneri babiri bo mu rwego rucungera abategetsi bahagaritswe ku musi wa kabiri bakekwa kuba bari mu rukwegane rw'abantu barongowe n'urwego rujejwe iperereza mu Burusiya, FSB.

Zelensky yaravuze ko abarusiya bamaze kugerageza kenshi kumwica, ariko ibiherutse gushirwa ahabona birimwo abamwegereye, bitumbereye kandi uwujejwe iperereza rya gisirikare Kyrylo Budanov hamwe n'uwujejwe igisata kijejwe umutekano mu gihugu SBU, Vasyl Malyuk.

Muri iyi ndwi, Malyuk yavuze ko ako gaherere kategerezwa kuba "akaganuke ka Poutine" imbere y'uko yimikwa nka prezida w'ikiringo kigira gatanu ku musi wa kabiri.

Abantu begereye uwucungera ubuzima bwa prezida Zelensky bategerezwa kumunyuruza bagaca bamwica, mu gihe Boudanov yari gutegwa za rokete, drone n'amagerenade, nk'uko bivugwa na SBU.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nta kintu na kimwe cerekana ko Serhiy Rud w''imyaka 47, yoba afitaniye isano n'ivyo bivugwa, n'aho umwe muri abo bakoroneri bapfunzwe, Andriy Huk, afatwa nk'uko yari umugenzi wiwe bwite. Inkuru ziva muri Ukaine zivuga ko bize hamwe mw'ishure rya gisirikare ryo gucungera imbibe haraciye imyaka myinshi.

Maj Gen Rud yakoze akazi mu gisirikare ca Ukraine mu myaka yiwe yose, kandi kenshi mu kazi kiwe yakaranguriye mu nzego zijejwe gucungera abategetsi.

Kuva abasirikare bagwanira mu kirere b'abarusiya bagerageje gukorokera i Kiev no kwica prezida Zelensky mu masaha n'imisi vya mbere y'igitero mu kwezi kwa kabiri 2022, ivyo kugerageza kumwica vyama vyabaye.

Igitero c'Uburusiya kigitangura, uwo mutegetsi wa Ukraine yamenyesheje ko "ari we aronderwa ubwa mbere."

Prezida Zelensky yagumye ahindagura abategetsi bakomeye mu nzego zijejwe umutekano muri Ukraine, hanyuma yaramenyesheje ku musi wa kane ko uwurongoye ingabo zidasanzwe, Col Serhiy Lupanchuk, yavanywe mu mabanga yiwe amaze amezi make muri ico kibanza.

Umugabo yarongoye igisirikare ca Ukraine mu myaka ibiri ya mbere y'igitero gikomeye c'Uburusiya, Gen Valerii Zaluzhnyi, yasubirijwe mu kwezi kwa kabiri. Ubu yagenywe kuba uwuserukira Ukraine mu Bwongereza ahabwa n'iteka ryo kwitwa "Intwari ya Ukraine".