Samuel Eto'o yahoze akinira Barcelona yemeye ko yanyereje ikori ry’imiriyoni 3.2 z’ama pawundi

Eto'o yarengutse imbere ya sentare Ciudad de la Justicia i Barcelona ku wa mbere

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Eto'o yarengutse imbere ya sentare Ciudad de la Justicia i Barcelona ku wa mbere

Samuel Eto'o yahoze ari umusatirizi wa Kameruni yemeye icaha co kunyereza umusoro ungana n’imiriyoni 3,2 z’amapawundi yakuye mw’igurisha ry’isanamu yiwe (droit à l'image /image rights) igihe yakinira Barcelona.

Uyu yabaye umukinyi wa mbere wa Afrika w’umwaka incuro zine yaciriwe umunyororo urindirijwe (suspended prison/sursis) w’amezi 22 igihe yarengutswa imbere ya sentare muri Espagne ejo ku wa mbere.

Ategerezwa kuriha aya mafaranga yose aheranye, hamwe n’ihadabu ry’imiriyoni 1.55 z’amapawundi.

Abashingwamanza bagiriza Eto'o ko yananiwe no kumenyesha amatungo yiwe yavuye mw’igurishwa ry’isanamu yiwe hagati ya 2006 na 2009.

Eto'o ni we mukinyi wundi aherutse gushirwa ku rutonde rurerure rw’abakinyi mvamahanga bakurikiranwa ku caha co kunyereza amakori muri Espagne muri ino myaka, harimwo Cristiano Ronaldo, Lionel Messi, Jose Mourinho na Neymar.

Uyu munya-Kameruni w’imyaka 41, ubu akaba ari we arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Kameruni, yinjiye muri Barcelona mu 2004 afise imyaka 23. Yarakiniye kandi Real Madrid, Inter Milan, Chelsea na Everton mu kiringo ciwe cose yamaze akina umupira w’amaguru, imbere y’uko akukuruka mu 2019.

Yarengukishijwe muri sentare Ciudad de la Justicia i Barcelona ari kumwe n’uwahoze ari umuhagarikizi wiwe, Jose Maria Mesalles, nawe akaba yahawe umunyororo urindirijwe w’amezi 12 hamwe n’ihadabu.

Sentare yabwiwe ko Eto'o yagurishije isanamu yiwe mw’ikompanyi ifise icicaro muri Hongrie/Hungary ariko yoyo ikaba yaramenyesheje amatungo yayo muri ico gihugu gifise amakori ari hasi.

Eto'o yabwiye sentare ati: "Ndemera ivyo nagirizwa kandi nzoriha ivyo nishuzwa, ariko reka menyeshe ko nari nkiri umwana kandi ko nakurikiza ivyo uwahoze ari umuhagarikizi wanje Jose Maria Mesalles, nafata nka dawe, yansaba gukora ico gihe”.