Samuel Eto'o: Rurangiranwa mu mupira w'amaguru yarokotse impanuka y'umuduga

Samuel Eto'o
Insiguro y'isanamu, Samuel Eto'o yagize impanuka y'imodoka avuye Bafoussam aja Douala

Samuel Eto'o, yatsindiye agashimwe k'umukinyi mwiza w'Umunyafrika inshuro zine, yararusimvye mu mpanuka y'imodoka ejo ku wa Mungu.

Bwana Eto'o w'imyaka 39, yari mu rugendo aja mu gisagara ca Douala, ca mbere mu bikorwa vy'ubutunzi muri Kameruni, nk'uko bitangazwa n'umuryango wiwe.

Yari avuye mu muji wa Bafoussam, mu burengero bwa Kameruni, aho yari yitavye ibirori vy'isabukuru mu mpera z'indwi.

Bivugwa ko umuduga wasovye umushoferi akagonga imiduga ibiri mu yari mu rukurikirane ruherekeje Eto'o.

Uyu mugabo yahoze ari rutahizamu wa Barcelona, ari kwa muganga, nk'uko bitangazwa n'umwe mu bo mu muryango wiwe.

Umuvugizi wiwe yabwiye igisata ca BBC gitangaza mu rurimi rwa Pidgin, yuko Eto'o ameze neza kandi yuko umuduga wiwe wononekaye.

Frank Happi, avugira Eto'o, yabariye kandi BBC Africa Sport ko Eto'o yanse kwitwarira uwo yari atwaye uwo muduga wundi, yari yabanje guhunga mu nyuma agafatwa akajanwa ku biro vy'igipolisi.

Mu nyuma, amasanamu yerekana Eto'o avugana n'uyo mushoferi, amusaba kuja atwara afise umwitwarariko gusumba.

Urashobora gushima gusoma n'ibi: