Umupaka wa Gatumba-Uvira wuguruwe

Umupaka wa Gatumba na Kavimvira waraye wuguruwe, inyuma y’amezi makeya wari wugaye, inyuma y’aho inyeshamba z’umuhari M23 urwanya igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo ufatiye igisagara ca Uvira, mu ntango za Kigarama (12) umwaka uheze.
Igisagara ca Uvira mu ntara ya Kivu y'Epfo gihana urubibe n’akarere ka Gatumba k’intara ya Bujumbura, uruja n’uruza hagati y’ibi bisagara bibiri rukaba rukomeye, kubera abantu benshi n’ibidandazwa njabukambibe bitari bike bica kuri uno mupaka.
Ifatwa rya Uvira ryabonwa nk’akaga kuri Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi. Mu nyuma M23 yahavuye irekura Uvira ku gitsure c’amakungu, cane cane Reta zunze Ubumwe za Amerika.
Igihe uno mupaka wugururwa ejo ku wa mbere, nta ruja n'uruza runini rwahaboneka nk’uko vyari bimeze imbere y’uko umupaka wugarwa.
Abahaboneka cane bari cane cane abagore n’abana bafise intekera ku mutwe, basubira iwabo inyuma y’amezi arenga abiri bari bamaze mu buhungiro mu Burundi.
Mwavita Françoise, umwe muri aba bagore bariko basubira muri RD Congo, agira ati: “Twabonye vyinshi ariko turavyihanganira, ndashima Imana yatumye uyu mupaka wugururwa ngo nsubire iwacu”.
Abandi bari mu munezero ni abatunzwe n’uruja n’uruza rwo kuri uwo mupaka, baba abasumira canke abunguruza abantu ku mpande zompi z’umupaka.
Innocent Akimana arongoye ishirahamwe ry’abatwara imizigo bakoresheje udukinga tw’abagendana ubumuga, agira ati: “Ni ukuri ndaryohewe cane, ubuzima buca busubira kubandanya kuko bwari bwarahagaze. Twizere ko ibintu bigiye kugenda neza nk’aho ha mbere kuko twari tumerewe nabi”.
Jean Paul Ndayarwanije, umushoferi, na we agira ati: “Twebwe nk’abashoferi twatwara abantu n’ibintu biciye mu ma-agences ntitwaronka abantu dutwara kuko imipaka yari yugaye. Igihombo cari kinini cane.
“Nka twebwe abapangayi twari twirukanwe mu mazu y’abandi kuko nyen’inzu ntiyari kwemera ko uguma mu nzu yiwe utariha. Uyu musi ko akazi kagira gatangure, tugiye kandi kwiyungunganya, turondere ubuzi, turondere kandi uko dushobora gupanga, abana bongere kuryama heza”.
Uno mupaka wuguruwe nyuma y’uko mu ntango z’ukwezi kwa mbere umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi yabwiye Abarundiko batokwitega ko umupaka wa Gatumba wari ugiye kwugururwa ubu vuba.
''I Buvira [Uvira] hugarwa nk'i Gasenyi, hugarwa nko ku Ruhwa [imbibe n'Urwanda]. Ntimuze muravuga ngo ejo nzoja i Buvira, gukora iki?”, ni ko Reverien Ndikuriyo yavuze mu kiganiro n’abanyamakuru ari imbere y'abanywanyi benshi b'umugambwe CNDD-FDD, hari ku wa 2 Nzero (1) 2026.





