Intambara ya Ukraine: Uruhinja rwavukiye mu mabombe i Bucha

- Umwanditsi, Na Abdujalil Abdurasulov
- Igikorwa, BBC News, Kyiv
Anna Tymchenko yari atekewe n'ubwoba. Hari haciye amasaha ari ku bise, ariko igisagara ciwe cariko kiraterwa amabombe inzu yabamwo ikanyiganyiga. We n'umugabo wiwe bari mu yabira ata muyagankuba, ata mazi, ata n'umuganga.
Aka gasagara gato ka Bucha kari ku birometero 30 uvuye ku mugwa mukuru Kyiv, kari kamaze imisi gaterwa amabombe y'urutavanako kuva iyi ntambara yadutse.
Anna w'imyaka 21 ari kumwe n'umugabo wiwe na musazawe, bari babanje guhungira mu cumba co mu kuzimu muri iyo nzu y'igorofa bari basanzwe babamwo.
Ariko umuyagankuba umaze gucika vya vyuma bishusha navyo bigahagarara, iki cumba co mu kuzimu caguye mu kizime, mu mbeho izura inzara.
Umugabo wa Anna Volodymyr yarabuze ico afata, hagati yo kuguma i Bucha canke kugerageza guhunga.
Bamaze gufata ingingo yo guhunga n'imodoka, vyabaye ngombwa ko basubira inyuma bamaze kwumva ko imodoka z'intambara z'Abarusiya zariko zibazako.
Anna yabwiye BBC ati: "Twaciye dufata ingingo yo kuguma muhira. Nahisemwo kwibarukira muhira hako nibarukira muri ico cumba c'ivumbi co mu kuzimu. Ntivyakunda ko mpema neza, narababara mu mahaha".
Amaze kuja ku bise ku wa 07 Ntwarante (3), yaciye atabaza ababanyi. Baraje, ariko nta n'umwe yari azi ivy'ubwakirizi.
Viktoria Zabrodskaya, umubanyi wa Anna w'imyaka 49, yabwiye BBC ko bari bafise ubwoba ko iyo hagira ikigenda nabi, batari kumenya ingene bari kuvyifatamwo.
Bakoresha amabuji kandi amazi yonyene yari ahari yari ayo mu macupa akanye cane.

Anna ati: "Si nari bwigeze nibaza ko nari kuvyarira mu bihe bigoye nk'ibi. Vyari ibisigabwenge. Yari we mwana wanje wa mbere, kandi nta kintu na kimwe nari nzi".
N'umwiheburo mwinshi, ababanyi ba Anna baragerageje guhamagara abajejwe ubuvuzi, ariko amaterefone ntiyari ameze neza.
Bagiye kuronka umuganga mu bijanye n'irondoka ry'abagore (gynaecologist) i Bucha babanje kuja ku rubaraza babona guhamagara. Yaremeye ariko ntiyigeze ashika.
Haciye amasaha menshi kuri uwo munsi, yahavuye arungika ubutumwa bwo gusaba imbabazi asigura ko yari mu nzira hanyuma ahagarikwa n'ingabo z'Uburusiya zamumeneyeko terefone.
Vyabaye ngombwa ko ababanyi ba Anna bamwibarusta bo nyene. Umwe wenyene - Irina Yazova - muri bo ni we yari azi ivy'ubuganga.
Viktoria ati: "Umutwe w'umwana umaze gusohoka, twaratekewe n'ubwoba. Ntitwari tuzi ngo dukore iki. Niho rero Irina yagerageza guhindukiza bukebuke umutwe w'aka kana k'agakobwa karashobora gusohoka. Muri ako kanya ntikarize - twaciye dutangura kugakubita, kabona kurira natwe duca turiruhutsa".
Umugabo wiwe Volodymyr yauzuye amarira y'umunezero abonye akana kiwe Alisa kavutse, hari ku wa 08 Ntwarante - ku musi mpuzamakungu wahariwe abagore.
Haciye imisi ibiri, Bucha yaciye itangazwa ko yari umwe mu mihora yo guhunga yumvikanyweko na reta ya Ukraine n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya.
Anna ati: "Twamaze ijoro ryose twiyumvira nimba twogenda canke tukabiheba".
We n'umugabo wiwe bahavuye bafata ingingo yo kugenda n'akana kabo kari gaherutse kuvuka.

Ku musi wakurikiye, imodoka 21 zavuye muri ico gisagara zija ku mugwa mukuru Kyiv. Viktoria yari yafashije Anna kwibaruka ni we yari imbere, imodoka yiwe iriko ibendera ryera n'icapa kivuga ngo "Abana".
Anna ati: "Turi mu nzira twabonye ibintu vy'agahomerabunwa. Sinibaza ko nari gushobora kubona ivyo nabonye mu buzima bwanje - uretse mu ma firime gusa. Ibiziga vyari vyuzuye ibarabara. Amazu yabomaguritse. Ibifaru vy'Abarusiya bihagaze ku ruhande, ibiringoti vyavyo biraba mw'ibarabara. Twari dufise ubwoba ko bari guhava baturasa tubiciye iruhande".
Inyuma y'amasaha atari make, abariko barahunga barashoboye kurengana amabariyeri yose yariko Abarusiya bahava barashika i Kyiv - aho niho bagiye gutandukanira.
Anna ati: "Tumaze gusohoka, akamwemwe karanyuzuye. Sinibaza ko koko twashoboye guhunga".
Anna araryohewe kubona ari nyina w'umwana akaba ariko arategura ingene azoja kwereka abavyeyi biwe umwuzukuru wabo. Ariko, mu gihe abenshi mu ncuti zabo bahunze igihugu, we n'umugabo wiwe ntaho bashobora kuja - Anna akavuga ko acumva y'uko adatekaniwe neza.
Ati: "Nguma niyumvira ibiriko birabera i Bucha no mu bindi bice vy'igihugu. Ni ibintu bigoye gutahura ariko ndizera ko vuba tuzoshobora gusubira muhira".
Amasanamu yose tuyakesha Anna Tymchenko










