Ukraine-Russia: Uganda yizera ko iyi ntambara izohagarikwa n'ibiganiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Leta ya Uganda ivuga yuko aho ihagaze mu ntambara hagati y'Uburusiya na Ukraine ari uko yizera ko iri tana mu mitwe rizoherahezwa n'ibiganiro hamwe n'inzira y'amahoro
Mu kiganiro yahaye BBC, umushikiranganji wa leta ajejwe imigenderanire n'amakungu, Oryem Okello, yavuze ko Uganda yibaza yuko buri ndyane uko zoba zimeze kwose zishobora gukemurwa biciye muri "diplomacy".
Haraciye iminsi ibiri gusa, imfura y'umukuru w'igihugu akaba n'umugaba w'ingabo zirwanira ku butaka, Lt-Gen Muhoozi Kainerugaba, yanditse ubutumwa bwa tweet ashigikira Uburusiya.
Yanditse ati "Ubwinshi bw'ibiremwa-muntu (abatari abazungu) bashigikiye igikorwa c'Uburusiya muri Ukraine. Putin ari mu kuri rwose!"
Ariko Oryem yavuze ko ivyavuzwe na Muhoozi ari ivyo yavuze ku giti ciwe kandi ko leta ya Uganda ihagaze aho ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu buhagaze.
Inama nshingamateka y'iki gihugu kuwa kabiri yasavye leta gushikiriza bitarenze kuwa kane aho igihugu gihagaze muri iyi ntambara hamwe n'umugambi wo gutahukana abanye-Uganda bashobora kuba baraheze muri Ukraine.
Oryem avuga yuko abenegihugu bakwiye guhamagara ambasade ya Uganda i Moscou ariko yongerako yuko abanye-Uganda benshi bafata ingendo mu mahanga batabibwira ambasade zabo.









