Ukraine-Russia: Amb Edouard Bizimana avuga ko aba hariya bo babona ata ntambara ishoboka

Ahavuye isanamu, Reuters
Ingingo y'Uburusiya yo kwemera ubwigenge bwa Donetsk na Luhansk, zishaka kwiyonkora kuri Ukraine ishobora gutuma haba impande zibiri zitana mu mitwe bigatuma intambara ikomera, nk'uko Edouard Bizimana aserukira Uburundi mu Burusiya yabwiye BBC Gahuzamiryango.
Ambasaderi Bizimana abona ko "Ukraine iriko iraba nk'ikintu c'igikoresho bakoresha kugira ngo bamwe bamwe bashike ku nyungu zabo".
Imbere y'uko Vladimir Putin ategeka ingabo kwinjira muri utu turere turi mu minwe y'inyeshamba ku musi wa mbere, hari utwigoro twari tuhasanzwe two kugarura icuka ciza muri ako karere.
Utu twigoro twari dushingiye ku masezerano yo mu 2014 hagati y'Uburusiya na Ukraine, azwi nk'amasezerano ya Minsk, yari yerekeye guhagarika intambara hagati ya Ukraine n'izi nyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya
Ariko inyuma y'aho Putin yemereye ubwigenge bw'izi ntara zibiri zishaka kwiyonkora kuri Ukraine ku wa mbere, ibihugu vyo mu Burengero vyagirije umukuru w'igihugu c'Uburusiya ko yayahamvye, maze bica vyihutira gufatira ibihano Uburusiya.
Ubwoba bw'intambara y'Uburusiya n'ibihugu vy'Uburengero
Ambasaderi Bizimana avuga ko, ku bijanye n'umutekano wa Ukraine inyuma y'iyi ngingo ya Perezida Putin, "zirya ntara zishobora kwitabaza Uburusiya nk'uko nabwo nyene bwabitangaje ko buzorungika abantu gucungera umutekano".
Agira ati: "Urumva ico gihe, hazoca haba impande zibiri z'igisirikare ceruye, zishobora guhangana, ugasanga intambara iciye ikomera kuko urumva ko n'ibikoresho bizoca vyiyongera, vyongererezwe n'ubushobozi".
Nayo ku kibazo c'ibiganiro, Ambasaderi Bizimana abona ko hakiri amahirwe, kuko impande zompi ziremeza ko imiryango icuguriye.

Ahavuye isanamu, Sputniknews
Ukraine ni kimwe mu bihugu vyahoze bigize icitwa Reta Zunze Ubumwe z'Aba Soviet (URSS/USSR) yasambutse mu 1991, ivyari biyigize, harimwo Uburusiya na Ukraine, bigaca vyigenga.
Ukraine ntirinjira mw'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN/NATO, ariko ni "incuti yaryo" - ibi bigasigura ko hari umwumvikano izi mpande zompi zagiriraniye ko iki gihugu gishobora kwemererwa kwinjira muri iri shirahamwe muri kazoza.
Mu gihe Uburusiya buvuga ko ivya Ukraine vyo kwinjira muri OTAN ari umurongo utukura, Ambasaderi Bizimana abona ko iri shirahamwe ridashobora kwakira Ukraine ubu nyene muri bino bihe.
Abona kandi ko kugira ibintu birinde bigera aho bigeze, habuze ugushaka kw'impande zompi kwo kwumviriza ibibazo buri ruhande rufise.
Ati: "Buriya [...] iyo bumvikana bakumviriza ingorane Abarusiya babatura, hanyuma na Ukraine bakumviriza ibibazo ifise, nibaza ko tutari gushika hiyo".

Ahavuye isanamu, Sputnik
None Abarusiya n'abanya Ukraine biyumvira iki?
Hampande y'uko igice kitari gito c'abanya Ukraine bakoresha ururimi rw'ikirusiya, ibi bihugu bisangiye vyinshi harimwo n'imico n'imigenzo.
Ambasaderi Bizimana abona ko haba Abarusiya ubwabo, canke abanya Ukraine, bose babona ko ari abavukanyi, rero ko ata ntambara ishoboka hagati y'ibibihugu bibiri.
Ati: "Abanya Ukraine barasangiye ibintu vyinshi n'Uburusiya kandi na hano ubumvirije - ari Abarusiya canke abanya Ukraine - baravuga y'uko ari abavukanyi.
"Hariho benshi gushika ubu bavuga bati 'ntitwiyumvira y'uko Abarusiya bodutera, bakaturwanya bakatugirira nabi. N'Abarusiya na bo nyene baravuga bati 'ni abavukanyi […] ni abavandimwe mu bisanzwe'".










