Ukraine - Russia: Perezida Putin yategetse igisirikare gutegura ibirwanisho ruhonyanganda

Ahavuye isanamu, EPA
Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin yategetse igisirikare ko urwego rw'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara rwomera magabo mu buryo budasanzwe - urugero rwo hejuru cane rwo kugaba mu nteguro igenga ibisasu vya misire vy'Uburusiya.
Ni inyuma y'ico Moscou yise "amajambo y'agasotoro" ashikirizwa n'ibihugu vya OTNA/NATO.
Avugana n'abategetsi bakuru ba gisirikare, harimwo n'umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu, yavuze ko ibihugu vy'Uburengero biriko "bikora ibikorwa bibi" ku Burusiya mbere bikaba vyabufatiye "ibihano vy'akarenganyo".
Uyu mukuru w'igihugu c'Uburusiya yari yamaze gutangaza amajambo yo kugabisha ko ashobora kuzokoresha ibirwanisho vya nikleyeri igihe agomorera ingabo kuri Ukraine.
Mu ndwi iheze, yagabishije ko "umuntu uw'ari we wese yogerageza kwitambika imbere yacu" ashobora guhura n'ingaruka "atari bwigere abona kuva abaho".
Aya majambo yabonywe nk'iterabwoba ryo gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri mu gihe Uburengero bwomubera intambamyi.
Abahinga babona ko ubu ari uburyo bwo gutanga ubutumwa bwo kugabisha.
Uku kugabisha gusa no gutegura imitima ko ibi birwanisho bishobora gukoreshwa, ariko ntibisigura ko hari ishaka ryo kubikoresha ubu bwa vuba.
Uburusiya nibwo bufise ububiko bunini bw'ibirwanisho vya nikleyeri gusumba ibindi bihugu vyose kw'isi, ariko busanzwe buzi ko OTAN ifise ibikwiye vyo gusambura Uburusiya mu gihe vyoramuka bikoreshejwe.

Ahavuye isanamu, AFP
Ariko biboneka ko intumbero ari ukugerageza gutera igitsure OTAN ngo ireke guha imfashanyo Ukraine.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko iyi ngingo yo kwiyumvira gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri idashobora kwihanganirwa, nk'uko uwuyiserukira muri ONU Linda Thomas-Greenfield yabibwiye CBS News.
Ati: "Ibi bisigura ko Perezida Putin abandanya yunyura ibintu muri iyi ntambara mu buryo budashobora kwihanganirwa na gato, rero ni ngombwa ko tubandanya tuzibira ibikorwa vyiwe mu buryo bwose bushoboka".
Umunyamakuru wa BBC Frank Gardner ajejwe amakuru ajanye n'ivyo kwivuna abansi avuga ko ibi bivugwa n'Uburusiya vy'ukugabisha urwego rw'ibirwanisho vya nikleyeri ari ikimenyetso c'uko Perezida Putin ashavuriye ibihugu vy'Uburengero kubera ibihano vyafatiye igihugu ciwe hamwe n'ubwoba bubandanya ko igihugu ciwe kigeramiwe na OTAN.
Avuga ko iki ari co abajejwe gutegura imigambi muri OTAN bamye batinya kandi ari naco gituma iri shirahamwe riguma risubiramwo ko ridashobora kurungika ingabo gufasha Ukraine kwirukana Abarusiya bayiteye.
Umukuru wa OTAN avuga ko itegeko rya Vladimir Putin ryo gusaba ko urwego rujejwe ibirwanisho vya nikleyeri rwokwama rugavye ari akaga ko ku rwego rwo hejuru kandi ko ari ingendo "iteye isoni".
Yabwiye imboneshakure CNN ati: "Ni vyo, iyo ushize hamwe amajambo ashikirizwa n'ivyo bariko barakora ku rubuga muri Ukraine - gutera igihugu cikukiye, cigenga, ugakora intambara yeruye kuri Ukraine - ibi vyerekana ko ibintu bitoroshe".
Hagati aho, Amerika ivuga ko ata kintu na kimwe OTAN yakoze cotera ubwoba Uburusiya.
Avuga kuri ibi vyashikirijwe na Perezida Putin, Jen Psaki, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, avuga ko OTAN ata na rimwe yigeze ibangamira Uburusiya kandi ko na Ukraine ata na rimwe yigeze ibangamira Uburusiya.
Ati: "Ivyo turabimenyereye kuri Perezida Putin kandi ntidushobora kuvyemera".
"Turafise ubushobozi bwo kwivuna, ariko kandi ni ngombwa ko twiyamiriza ivyo turiko turabona kuri Perezida Putin".
Iri tangazo ry'Uburusiya ryibutsa icitwa misire za Cuba (Missiles de Cuba/ Cuban Missile Crisis) mu 1962 - igihe Washington na Moscou zihakwa kwinjira mu ntambara ya nikleyeri Imana igakinga.










