Ukraine - Russia: UK ibona ko iyi ntambara ishobora kuba ari intango y’isenyuka rya Putin

Imodoka ya gisirikare y'Uburusiya iriko irasha mu gisagara ca Kharkiv

Ahavuye isanamu, Ukrainian Armed Forces/Getty

Insiguro y'isanamu, Imodoka ya gisirikare y'Uburusiya iriko irasha mu gisagara ca Kharkiv

Umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Lizz Truss avuga ko igitero ca gisirikare Uburusiya bwakoze kuri Ukraine "gishobora neza na neza kuba intango y'isenyuka" rya Perezida Vladimir Putin.

Avugana n'umunyamakuru Trevor Phillips ku mboneshakure Sky News, umupfasoni Truss avuga ati: "Turiko turabona intwari zikomeye za Ukraine zihanganye n'umwansi" kandi Ubwongereza "buzobandanya bubaha ibirwanisho n'imfashanyo yo kubaho".

Ni mu gihe iyi ntambara igize umusi wa kane ibandanya mu bice bitandukanye vya Ukraine, aho ingabo z'Uburusiya zari zinjiye mu gisagara kigira kabiri c'igihugu kandi ko buriko burasugereza ibisagara bitari bike.

Umupfasoni Truss avuga ko iyi ntambara ishobora kumara "imyaka itari mike", akongerako ati: "Mfise ubwoba ko iyi ntambara itagiye guhera ubu vuba".

"Mfise kandi ubwoba ko iyi ntambara ishobora gusesa amaraso menshi, menshi cane".

Abajijwe ku bijanye n'ibihano Ubwongereza buriko burafatira Uburusiya, Truss avuga ko yateguye "urutonde rw'abatunzi bafashe mu mugongo ubutegetsi" akavuga ko hashobora kuba urukurikirane rw'ibihano.

Avuga ko iyi ntambara izogira ingaruka mbi ku butunzi bw'Ubwongereza, ariko ko ari ngombwa ko "abanyagihugu b'Ubwongereza batahura ingaruka mbi zari kutubako iyo tudahaguruka ngo duhangane na Putin".

Amakuru ava muri Ukraine avuga ko hari ibindi bitero biriko birakorwa ku bisagara n'inyubakwa za Ukraine.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi w'Uburusiya Igor Konashenkov avuga ko ingabo z'Uburusiya zazingurije ibisagara vya Kherson na Berdyansk kandi ko zateye igisasu ca misire ku kigo ca gisirikare.

Ukraine yari yisubije igisagara ca Kherson kiri mu bumanuko bwa Ukraine, mu buraruko bushira uburengero bwa Crimea.

Konashenkov avuga kandi ko igisagara ca Henichesk hamwe n'ikirindiro c'ingabo zirwanira mu kirere ca Chornobayivka kiri hafi ya Kherson vyamaze gufatwa.

Hari kandi n'ayandi makuru hamwe n'amareresi akwiragizwa ku mbuga hwaniro yerekana intambara ziriko zibera mu karere ka Bucha kari mu buraruko bushira uburengero bw'umugwa mukuru Kyiv.

Zelensky asaba abanyamahanga kuja kumufasha 'kurwanya Uburusiya'

Aciye ku mbuga hwaniro, Perezida Zelensky atera akamo uwo ari we wese kuja kwifatanya n'abanya-Ukraine kurwanya Abarusiya.

Ubu butumwa buvuga buti: "Umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky atera akamo abanyagihugu bose bo kw'isi, abagenzi ba Ukraine, abanyotewe amahoro na demokarasi.

"Umuntu uwo ari we wese yipfuza kuza gufasha Ukraine, Ubulaya n'isi yose arahawe ikaze kuza kwifatanya n'abanya Ukraine kurwanya izi nkozi z'ikibi z'abarusiya".

Ubundi butumwa buvuga ko abanyamahanga bose bahawe uburenganzira kwo kwifatanya na Ukraine kurwanya umwansi, kandi ko hariko harashingwa umurwi w'abarwanyi mpuzamakungu wiswe "International Legion for the Territorial Defence of Ukraine".

Umukuru w'igihugu ca Ukraine yari aherutse gushimangira ko igihugu ciwe catereranywe urugamba.

Ibihugu vyo mu burengero birarungika ibirwanisho ariko ntibirungika ingabo ku rugamba, imvo ikaba ari uko Ukraine atari umunywanyi w'ishirashamwe ryo kurwaniriza umwansi hamwe OTAN/NATO.

Ntidushobora kuja mu biganiro bibera muri Belarus

Uburusiya buvuga ko bwarungitse intumwa muri Biélorussie/Belarus - mu ntumbero yo gutegura ibiganiro na Ukraine.

Perezida Volodymyr Zelensky avuka ko yiteguriye kuja mu biganiro vyobera ahandi hantu atari muri Belarus

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Volodymyr Zelensky avuka ko yiteguriye kuja mu biganiro vyobera ahandi hantu atari muri Belarus

Ariko Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ntakeneye no kuvyumva, akavuga ko ibiganiro i Minsk vyari gushoboka mu gihe Uburusiya butari gutera Ukraine buvuye ku butaka bwa Biélorussie.

Avuga ariko y'uko imiryango yuguruye ku biganiro vyobera ahandi hantu.

Ati: "Iyo hataba igitero kivuye ku butaka bwanyu, twari kuganirira i Minsk...turashobora kuganirira mu bindi bisagara.

"Nivyo, turashaka amahoro, turashaka inama, turashaka ko intambara ihagarara. Twemereye Abarusiya ko dushobora guhurira i Varsovie/Warsaw, Bratislava, Budapest, Istanbul, canke Baku.

"Canke igisagara ico ari co cose - mu gihugu kidakoreshwa mu kudutera amamisire. Ni yo nzira yonyene ibiganiro vyizewe bishobokamwo kandi bikaba koko ivyo kurangiza intambara".

Amakuru ya nyuma y'ingene ibintu bimeze

Umukuru w'akarere avuga ko ingabo za ukraine zisubije iki gisagara gikomeye ca Kharkiv.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, Oleh Synyehubov avuga ari: "Ubu ni twebwe dufise igisagara cose mu minwe!

"Abasirikare, igipolisi n'ingabo zo kwivuna abansi bariko barakora uko bashoboye kwose kugira ngo batuze rwose umwansi".

Ingabo z'Uburusiya zari zashoboye kwinjira muri ico gisagara mw'ijoro ryakeye, aho amareresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana izi ngabo ziriko ziratana mu mitwe n'ingabo za ukraine.

Mu gihe amakuru yavuga ko ingabo z'Uburusiya zinjiye muri Kharkiv, igisagara kigira kabiri ca Ukraine, ibitero birabandanya no mu micungararo y'umugwa mukuru Kyiv.

Igisasu kimwe caguye ku bubiko bw'igitoro mu gisagara ca Vasylkiv kiri mu bumanuko bushira uburengero bw'umugwa mukuru.

Umukuru w'iki gisagara Natalia Balasinovich yavuze ati: "Umwansi ashaka gusambura vyose".

Abategetsi i Kyiv bategetse abayagihugu kuguma mu mazu gushika ku wa mbere mu gitondo mu gihe ingabo z'Uburusiya zibandanya zisatira iki gisagara.

Bagabisha bati: "Umuntu wese azoboneka hanze azofatwa nk'umunywanyi w'imirwi y'abatovyi ikorana n'umwansi".

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu baryama aho binyegeje ibibombe, mu gihe abandi nabo bafashe inkoho zatanzwe n'abategetsi mu ntumbero yo gufahsa gukingira igisagara.