Ukraine - Russia: Perezida Volodymyr Zelensky ararahira akarengwa ko adahunga igihugu

Ahavuye isanamu, @ZelenskyyUa
Ibinyamakuru vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bitangaza ko umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yanse icipfuzo yahawe na Washington co kumufasha kuva mu gihugu.
Vyandikwa n'ikinyamakuru Associated Press gisubiramwo umutegetsi w'igisata kijejwe igendereza ca Amerika yumvise ingene perezida Zelensky avuga ati: "Urugamba ruri hano. Nkeneye ibirwanisho, si nkeneye umunyenga".
Ikinyamakuru Washington Post naco nyene gisubiramwo abategetsi ba Amerika n'aba Ukraine bavuga ko reta ya Amerika yari yiteguye gufasha Zelensky guhunga.
Zelensky arashimagizwa cane ku mbuga hwaniro ku kungene avyifatamwo muri iki gitero c'Uburusiya.
Uyu mukuru w'igihugu yahoze ari umunyarwenya yashikirije ijambo ryo gutera intege aho yiyemeza kubandanya urugamba, akavuga ati: "Uramutse uduteye, uzotubona mu maso. Ntuzobona imigongo yacu".
Yasohoye ireresi yifashe we nyene ejo ku wa gatanu imwerekana ari kumwe n'abategetsi bakuru ku mugwa mukuru, maze ahagarika ibihuha vyariko birakwiragira ko yari yahunze umugwa mukuru Kyiv.
Ati: "Twese turi hano. Kandi bizoguma uku".
Zelensky yasohoye iyindi reresi kandi ku rubuga rwa Twitter ariko aratembera mu mabarabara ya Kyiv, mu twigoro two kubeshuza ibihuha bivuga ko yasavye igisirikare kwishikana ku ngabo z'Uburusiya.
Ari imbere y'inyubakwa izwi nka Maison aux Chimères canke Maison Gorodetsky/Gorodetsky House i Kyiv, Zelensky yavuze ati: "Hari amakuru menshi y'ibinyoma aca ku mbuga hwaniro abesha ngo nasavye abasirikare ko bamanika amaboko, kandi ko ngo hari igikorwa co guhungisha ababishaka".
"Ndi ng'aha. Ntidushobora gushira ibirwanisho vyacu hasi. Tuzorwanira igihugu cacu".
NI mu gihe ibirwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare biri mu nzira biva mu Bufaransa bija muri Ukraine, mu twigoro tw'ibihugu vyo mu Burengero two gufasha iki gihugu gihanganye n'Uburusiya buriko buragisatira.
Perezida Zelensky yanditse kuri Twitter ko yari yavuganye na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa mu gatondo ko kuri uwu wa gatantadu, mu rundi "rugamba rushasha rwa diplomasi".
Zelensky yanditse ati: "Urunani rwo kurwanya iyi ntambara ruriko rurakora".
Perezida Macron na we kuri uyu wa gatandatu yasohoye ireresi yifashe we nyene avuga ati: "Intambara igiye gusutama - dutegerezwa kuyitegurira".
Igisirikare ca Ukraine naco casohoye ubutumwa cacishije kuri Facebook kivuga ko kimaze kwica ingabo z'Uburusiya zirenga 3500 mu zateye igihugu, congera gifata mpiri abababa 200.
Kivuga kandi ko Uburusiya bumaze gutakaza indege 14, kajugujugu umunani, n'ibifaru 102, ariko BBC ntishobora guhinyuza ibi bivugwa n'igisirikare ca Ukraine.
Gushika ubu Uburusiya buvuga ko ata basirikare babwo burabura.
Ni mu gihe ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya butangaza ko ingabo z'iki gihugu zigaruriye igisagara gikomeye ca Melitopol kiri mu ntara ya Zaporizhzhya iri mu bumanuko bwa Ukraine, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya ryaraye rifatiye ibihano abategetsi bakuru bakuru b'Uburusiya, ibituma abajejwe imigenderanire babwo bibagora gufata ingendo.
Uburusiya nabwo bwaciye bufata ingingo zo kwihora kuri ibi bihano bwafatiwe n'ibihugu vyo mu Burengero, mu kubuza indege z'Ubwongereza guca hejuru y'ubutaka bwabwo, aha kukaba kwari ukwihora ingingo yo kubuza indege y'Uburusiya Aeroflot kuja muri ico gihugu.










