Intambara ya Ukraine na Africa: Ingaruka ku bitoro, abanyeshure n'umukate

Russia's President Vladimir Putin (L) and South Africa's President Cyril Ramaphosa attend the first plenary meeting of the Russia-Africa Summit at the Sirius Park of Science and Art

Ahavuye isanamu, Getty Images

Intambara muri Ukraine ishobora kugira ingaruka zikomeye ku bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika, igahungabanya ubutunzi bwavyo, ibindi ikabituma kwerekana aho bihagaze muri uko kudacana uwaka hagati y'Uburusiya n'ibihugu vya Buraya na Amerika.

Ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo Daily Maverick canditse kiti intambnara y'i Buraya n'aho iri kuri "ingaruka zayo zizokora kuri Afrika y'Epfo n'ahandi kw'isi".

Kibandanya kiti : "N'igihe misire za mbere zitari bwaraswe, iyi ntambara yatwaye vyinshi: yatumye amafaranga aharurwa muri za miriyaridi z'ama dorari aja mu vyo gusubira kurondera ibigwanisho aho yofashije kurwanya ubukene, ibiza vy'indwara, amashure, kurwanya ubusumbane hamwe n'ihindagurika ry'ibihe muri uwu mwaka utoroshe".

Afrika ihagaze he kuri iyo ntambara?

Afrika y'Epfo - igihugu ca mbere giteye imbere muri Afrika - yasavye ko ingabo z'Uburusiya ziva muri Ukraine buno nyene, ivuga ko amatati atorerwa inyishu mu nzira y'amahoro.

Inyifato ya Afrika y'Epfo ni incamugongo ku Burusiya bubona ico gihugu nk'incuti yaco ikomeye muri Afrika.

Ivyo bihugu vyompi bifitaniye imigenderanire y'ubutunzi ikomeye cane, vyompi biri muri Brics - umugwi w'ibihugu biriko biraduga mu butunzi kw'isi.

Afrika y'Epfo ifise imitahe mu Burusiya ishika ku mafaranga angana na miriyaridi 5 z'ama dorari, mu gihe Uburusiya nabwo imitahe yabwo muri Afrika y'Epfo ishika kuri miriyaridi 1.5 z'ama dorari.

Kenya - igihugu ca mbere gitunze mu karere ka Afrika y'ubuseruko, kikaba no mu nama y'umutekano ya ONU mu mugwi w'bihugu bijayo mu buryo butamaho- nayo yarenze aho mu kwiyamiriza Uburusiya.

Mw'ijambo rikarishe yashikirije, uwuhagarariye Kenya muri ONU, Martin Kikani, yavuze ati: "Ubutavogerwa bw'igihugu ca Ukraine bwatewe. Amazezerano ya ONU aguma ahungabanywa no guhonyangwa na ntaryo n'ibihugu vy'inguvu".

Ghana na Gabon - ibindi bihugu bibiri navyo biri mu nama y'umutekano ya ONU, navyo nyene vyiyamirije Uburusiya.

Nta gihugu ca Afrika kirashigikira igitero c'Uburusiya muri Ukraine, naho na Mali canke Centrafrique, aho ingabo z'Uburusiya ziriko zirafasha ama reta y'ivyo bihugu kugwanya imigwi y'intagondwa z'aba Islam.

A statue of soldiers
Insiguro y'isanamu, Urwibutso rw'abasirikare b'abarusiya rwarubatswe ku murwa mukuru wa Centrafrique, Bangui, mu mwaka uheze

Ariko mu kimemenyetso c'uko intwaro z'umukazo zizoshigikira Uburusiya- umutegetsi wa gisirikare wa Sudan, Gen Mohamed Hamdan "Hemeti" Dagolo yashitse i Moscou ku munsi nyene intambara muri Ukraine itangura.

Urugendo rwiwe rwari urwo gukomeza ugufashanya n'Uburusiya mu gihe abo bigaruriye ubutegetsi muri Sudan ubu bahariwe ivomo n'ibihugu vya Buraya kubera ugusubiza inyuma inzira yo kugana intwaro ya demokrasi inyuma y'itembagazwa rya Omar al-Bashir yari amaze imyaka myinshi ku butegetsi muri ico gihugu.

Iyo ntambara izogira ingaruka ku munya-Afrika asanzwe gute?

Ibiciro vy'ibitoro vyaciye biduga birenza ama dorari 100 akagunguru, igiciro ca mbere kiri hejuru ubwa mbere kuva mu 2014.

Ibihugu vyimbura ibitoro muri Afrika nka Angola na Nigeria bishobora kuhatorera akajisho mu kwinjiza amafaranga menshi, ariko ibiciro vyo gutwara abantu n'ibintu bishobira kuzoduga cane ku mugabane wose.Ivyo buzogira ingaruka ku biciro vy'ibindi vya nkenerwa hafi vyose.

Ariko umukuru w'abandika ikinyamakuru Africa Confidential gishingiye mu Bwongereza, Patrick Smith, avuga ko intambara izozana amahirwe menshi ku bihugu vyimbura ibitoro na gaz.

"Ibihugu vya Buraya bitegerezwa kwihuta mu kurondera igisubirira gaz y'Uburusiya, kandi hamwe mu hashoka ko iva bitagoranye mi muri Afrika.

"Ni akaryo ku bihugu vyo muri Afrika ko gufatira aho, maze birondere amasoko mashasha, vyihuta".

An Egyptian man sells bread outside the al-Azhar mosque in Cairo on December 8, 2017

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hari impungenge ko ibiciro vy'umukate bishobora kuduga

Ikibazo gikomeye cane kuruta ibindi gishobora guhanga Afrika ni iduga rishoboka ry'ibiciro vy'umukate, mu gihe Uburusiya na Ukraine vyavamwo 30% y'ingano zigurishwa kw'isi.

Smith avuga ati: "Igiciro c'umukate caragize uruhara rukomeye mu bibazo vya poritike, kiba n'imbarutso y'iciswe Arab Spring/Printemps Arabe (imigumuko yo gusaba ko ibintu bihinduka mu Bihugu vy'Abarabu mu buraruko bwa Afrika).

Kenya nayo ifise ihagaritswe umutima n'ingaruka z'iyo ntambara- hamwe n'ibihano vy'ubutunzi ku Burusiya -bishobora kugira ku cayi cayo gifise ikibanza gikomeye mu butunzi bwayo.

Uburisiya buri mu bihugu bitanu vya mbere bigura cane icayi ca Kenya , bigatuma Kenya yinjiza amafaranga y'agaciro.

A Kenyan woman picks tea leaves at a tea plantation in Mathioya Constituency, Muranga, Kenya on August 20, 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kenya kiri mu bihugu bigurisha icayi cinshi

"Icayi ubundi gishirwa mu mugwi w'ivyo kurya gutyo ku bisanzwe nticategerezwa gukorwako n'ibihano ku rudandazwa" nk'uko bivugwa na Edward Mudibo, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'abacuruza icayi muri Afrika y'ubuseruko ( East Africa Tea Traders Association, EATTA).

Ariko, bamwe mu bagwizatunga bashobora kutarondera kwigerezako mu gihe Uburusiya bwovanwa mu buryo mpuzamakungu bwo kuriha.

Abanyeshure b'abanya-Afrika biga muri Ukraine bo gute?

Kubera amashure yaho azimbutse, kuva no mu gihe c'aba Soviet, Ukraine camye ari igihugu abanya-Afrika benshi baja kwigamwo muri kaminuza, na cane cane mu gisata c'ubuganga. Hari n'abandi banya-Afrika baba kandi bakora muri Ukraine.

Igihugu ca Ghana cahaye inama abanyeshure baco biga muri Ukraine kurondera aho bikinga mu mazu babamwo canke mu bibanza reta yagenye vyo kwikingamwo kuva Uburusiya buteye Ukraine.

Abantu barenga 1.000 baturuka muri Ghana bari mu mashure muri Ukraine canke bakorayo, nk'uko ubwo bushikiranganji bubivuga, bukabandanya buvuga ko butewe impungenge nyinshi n'umutekano wabo.

Ariko ishirahamwe ry'abanyeshure muri Ghana rishaka ko ico gihugu kigira intambwe irenze aho yo gutahukana abanyeshure b'abanya-Ghana kibakure mu bice birimwo intambara gushika umutekano uhagarutse.

Itangazo ry'ishirahamwe ry'abanyeshure muri Ghana ryavuze mw'itangazo riti: "Uko babikoze mu gutahukana abanyehure mu bihe bikomeye cane vya Covid n'ubu vyokora".

Umunya-Nigeria aba muri Ukraine, Olutobi Fatonade, yabwiye BBC ko benshi mu bantu azi bariko barategekanya ingene bova nuri ico gihugu kubera intambara n'Uburusiya.

Yavuze ko nawe nyene afise mushikiwe asanzwe ari umwenegihugu wo mu Bwongereza, none ko ategekanya kujayo "gushika ibintu bicureshe."

Fatonade yahejeje kaminuza mu 2017 mu gisata c'ubuganga. Ubu yatunganya umuziki ku murwa mukuru bwa Ukraine, Kyiv.

Yabwiye ikiganiro ca BBC Focus on Africa ati: "Abantu benshi mubo nzi bariko baragerageza gusubira muri Nigeria ariko hari n'abandi batagira iyo baja".

Fatonade avuga yamara ko abantu bizigiye ko ibintu bitazokwunyuka gusumba.

Reta ya Nigeria yamenyesheje ko yiteguriye gutahana abenegihugu bayo bifuza kuva muri Ukraine hamwe ibibuga vy'indege vyotangura gukora muri ico gihugu.