Intambara ya Ukraine: "Abanya-Africa benshi nzi bariko bararondera ingene bavayo'' - Umunya-Nigeria

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunya-Nigeria aba muri Ukraine, Olutobi Fatonade, yabwiye BBC ko benshi mu bantu azi bariko barategekanya ingene bova nuri ico gihugu kubera intambara n'Uburusiya.
Yavuze ko nawe nyene afise mushikiwe asanzwe ari umwenegihugu wo mu Bwongereza, none ko ategekanya kujayo "gushika ibintu bicureshe."
Fatonade yahejeje kaminuza mu 2017 mu gisata c'ubuganga. Ubu yatunganya umuziki ku murwa mukuru bwa Ukraine, Kyiv.
'Rondera aho mwikinga'
Yabwiye ikiganiro ca BBC Focus on Africa ati: "Abantu benshi mubo nzi bariko baragerageza gusubira muri Nigeria ariko hari n'abandi batagira iyo baja".
Fatonade avuga yamara ko abantu bizigiye ko ibintu bitazokwunyuka gusumba.
Reta ya Nigeria yamenyesheje ko yiteguriye gutahana abenegihugu bayo bifuza kuva muri Ukraine hamwe ibibuga vy'indege vyotangura gukora muri ico gihugu.
Hagati aho, igihugu ca Ghana cahaye inama abanyeshure baco biga muri Ukraine kurondera aho bikinga mu mazu babamwo canke mu bibanza reta yagenye vyo kwikingamwo kuva Uburusiya buteye Ukraine.
Abantu barenga 1.000 baturuka muri Ghana bari mu mashure muri Ukraine canke bakorayo, nk'uko ubwo bushikiranganji bubivuga, bukabandanya buvuga ko butewe impungenge nyinshi n'umutekano wabo.
Ariko ishirahamwe ry'abanyeshure muri Ghana rishaka ko ico gihugu kigira intambwe irenze aho yo gutahukana abanyeshure b'abanya-Ghana kibakure mu bice birimwo intambara gushika umutekano uhagarutse.
Itangazo ry'ishirahamwe ry'abanyeshure muri Ghana ryavuze mw'itangazo riti: "Uko babikoze mu gutahukana abanyehure mu bihe bikomeye cane vya Covid n'ubu vyokora".
'Ntahatekanye hagisigaye': Umukuru w'igisata c'amakuru

Ahavuye isanamu, Marta Shokalo
Nari ndi maso mw'ijoro igihe naronka ubutumwa bw'uwo dukorana bwerekeye ijambo rya Vyadimir Putin amenyesha ko ateye.
Hanyuma buno nyene ibiturika bica bitangura kwasana.
Navyumva ndi muhira iwanje, hanyuma abantu mu bice bitandukanye vy'igisagara baca batangura kurungika ubutumwa mu mugwi wacu wa Whatsapp, ku bintu biriko biraturika hafi yabo.
Kwumva ko Kyiv ubwayo yatewe, atari ku rubuga rw'urugamba mu buseruko bw'igihugu, vyari incamugongo.
Ubu nta hantu hagitekanye muri Ukraine.
Ubwoba bukomeye bw'abantu basanzwe ngaha ni uko umuyagankuba na internet vyohagarara, kuko twoca dusigara mu karere twirebanga.
Ubundi bwoba ni uko ibiraro vyo ku ruzi Dnieper bizoterwa amabombe, bigatandukanya igisagara mu bice bibiri, ico mu buseruko n'ico mu burengero.
Ibiturika vyabandanije kwasirana ikiringo c'iminota 30.
Naciye nambika umuhungu wanje w'imyaka 10. Twaciye turaba ico turya co mu gitondo, twigiwe kure cane y'amadirisha uko bishoboka,
Ariko umwana yarafise ubwoba cane aca aradahwa.
Twaciye dufata ikimuri (buji) n'amazi tumanuka mu cumba co mu kuzimu ari naco kizoba ubuhungiro bwacu ibintu ni vyaba nabi gusumba.
Hari imirongo myinshi ku mangazini hafi y'aho mba hamwe no ku mashine zitanga amafaranga, nyinshi zikaba ata mafaranga asigayemwo.
Hari icuka c'ubwoba, mu gihe twamenye ko igihugu cose catewe.
Amabarabara ava mu gisagara ubu ntahita kubera urutavanako rw'imiduga, ariko ni urugendo rwo kwiheba - kwicara mu murongo muremure w'imiduga zigenda buke buke ushobora guheranwa n'ibitoro ugeze kure yo mu hira.
Gariyamoshi (itereni) zirakora, ariko abantu barondera kuzuzira ni benshi cane.
Ikirera ca Ukraine kurugaye, hisunzwe amategeko yo mu ntambara yafashwe na Prezida Zelensky.
Ibibanza vya gisirikare sivyo vyatumeberejwe mu bitero vyonye, turafise amasanamu y'inyubakwa zibamwo abantu basanzwe mu bibanza bitandukanye mu gihugu vyatumberejwe biragemwa.
Ibitero vy'Uburusiya nta ntara y'igihugu bitabayemwo.
N'aho na Lviv, hafi y'urubibe rwa Pologne, inzamba zavuze mu gitondo hanyuma umwe mu bo dukorana biba ngombwa ko ahungira aho kwikinga ama bombe.
Umwe mu bo dukorana yahungishije umuryango wiwe awuvana Kyiv yizeye ko uzoba wikinze ibitero vy'indege. Ibirere bitari ivyo mu gisagara bishobora kuba bitekanye gusumba igisagara, ariko mu gihugu catewe epfo na ruguru, mu buseruko no mu burengero, vy'ukuri nta hantu hatekanye hasigaye.










