Ubwongereza bwemeye ko butazi irengero ry'abantu 17.000 basaba ubuhungiro

Ahavuye isanamu, PA MEDIA
Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwemeye ko butazi irengero ry'abasaba ubuhungiro ubu ama dosiye yabo yahagaritswe kwigwa.
Ico gitigiri camenyekanye igihe abashingamateka bariko bariga ihangiro ry'umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak ryo kurangiza ama dosiye yose ahasanzwe imbere y'uko umwaka uhera.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwarahagaritse kwiga ama dosiye y'ibihumbi vy'abarondera ubuhungiro inyuma y'aho batitabiye isango baba bahawe ryo kuja kuyakurikirana.
Umutegetsi mukuru muri ubwo bushikiranganji yabwiye umugwi w'abashingamateka bajejwe ibibazo vy'intwaro yo hagat ati: ''Sinibaza ko tuzi iyo abo bantu bose bari.''
Abajijwe niba bamwe bamwe muri abo bantu barasubiye mu bihugu iwabo, Simon Ridley, umukozoi muri ubwo bushikiranganji yavuze ko atavyo azi.
Abategetsi babwiye abashingamateka ko ama dosiye ahagarikwa kwigwa iyo abarondera ubuhungiro bakwije kabiri gakurikirana batitaba canke ngo bishure urupapuro rw'ibibazo baba babarungikiwe.
Kuva mu kwezin kwa 12 mu mwaka uheze, ivyo bimaze gushika incuro 17.316. Mu 2021, ama dosiye 2.141 yaranswe canke arasokorwa, n'ubwo ayashika 20.403 yanswe canke agasokorwa mu 2004.
Iyo dosiye isokowe bisigura ko itaba ikiriko irigwa kandi nyeneyo agumye mu Bwongereza aba ahaba biteye kubiri n'amategeko kandi ashobora kwirukanwa.
Rwanda na UK bariko baraheraheza gusubiramwo amasezerano sentare yavuze ko ateye kubiri n'amategeko
Abategetsi bari ku gitutu co kugabanya ibirarane vy'ama dosiye mu gihe reta ibandanya umugambi wo kurungika abasaba ubuhungiro mu Rwanda.
Umukozi mukuru mu bushikiranganji bw'Ubwomgereza bujejwe intwaro yo hagati yabwiye abashingamateka ko abategetsi bari ku murwa mukuru w'Urwnada Kigali ''guheraheza'' ibiganiro inyuma y'aho Sentare Ntahinyuzwa y'Ubwomgereza iciriye urubanza ko uwo mugambi uteye kubiri n'amategeko.
Sentare yavuze ko hari ivyago ko abasaba ubuhungiro barungitswe muri ico gihugu bashobora gusubizwa mu gihugu bahunze , ivyo navyo bikaba vyoba bihonyanze amategeko mpuzamakungu n'ayo Ubwongereza yerekeye uburenganzira bwa zina muntu.
Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujewe intwaro yo hagati mu gihugu buriko burarondera amasezerano Rishi Sunak avuga ko azoba inyishu ku makenga ya Sentare Ntahinyuzwa ku kuba Urwanda ari igihugu co kwizera [co kurungikamwo abari bagiye kurondera ubuhungiro mu Bwongereza].
Reta ivuga ko uwo mugambi woca intege abantu bajabuka mu bwato buto buto ikiyaga ca Manche (English Channel). Ariko kuva ku wa 13 ukwezi kwa Munyonyo (11), abantu 27.284 baramaze kujabuka mu Bwongereza muri uyu mwaka wa 2023.
Hari ibibazo vyo kumenya igitigiri c'amafaranga Ubwongereza bumaze kuriha Urwanda , inyuma y'aho abashingamateka babwiriwe ko bizofata amezi imbere y'uko bamenya niba arenga miriyoni 140 z'ama pound [£, amafaraga y'Ubwongereza arenga miriyaridi 22 mu mafaranga y'Urwanda] nk'uko vyari vyamenyeshejwe ubwa mbere.
Sir Matthew yabaye nk'uwuvuga ko n'ayandi ashobora gutangwa, ariko ntiyavuga niba hari ayandi amaze gutangwa kuva ico gihe, ahubwo avuga ko abashikiranganji bafashe ingingo yo kudahishura ayo makuru gushika mu ci (impeshi) riza.
Umukuru w'umugwi w'abashingamjateka, umugore wo mu mugambwe wa Labour, Dame Diana Johnson, yavuze ko iyi ''nyishu ituma bigorana cane guzusuma uwo mugambi y'ubushikirangangi bw'intwaro yo hagati, no kumenya amafaranga ariko arawutangwako ingene angana, mu gihe turonka ivyo biharuro mu mpera z'umwaka.''










