Israel-Hamas: Ingabo za Israel zirwanira ku butaka zisugereje Gaza, mu gihe amabombe ari urutavanako

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock
Intwazangabo y’umukukuruke afise ipete rya Liyetena-Jenerali mu gisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye BBC ko igitero ca Israel co ku butaka muri Gaza gishobora kuba kitaragera kubera gisaba imyiteguro ikomeye.
Liyetena-Jenerali Mark Schwarz yahoze ari umuhagarikizi wa Amerika mu vyo umutekano kuri Israel n’Ubutegetsi bwa Palestina, avuga ko imyiteguro y’igisirikare ca Israel ishobora kumbure kuba isigaje “imisi mike iri imbere, niba atari amasaha”.
Uburyo bukenewe mu gitero nk’iki – co kimwe n’abashobora guhitanwa canke bakagakomereka mu gisirikare ca Israel, ni ibintu bigoye kubona imbere y’igihe, nk’uko abivuga.
Igitero muri Gaza nk’iki kiriko kirategurwa gishobora gufata “amayinga atari make, ariko ndabona ko gishobora kumara amezi”, kuko intego Israel yihaye yo kwaka Hamas inguvu za gisirikare ishobora gufata igihe, nk’uko abivuga.
Hagati aho ingabo z’integabizoza za Israel zishika 300.000 zimaze kwiyegeraniriza ku rubibe rwa Israel na Hamas, zimeze magabo zirindiriye gusa ko zihabwa itegeko ryo kwinjira.
Hagati aho, umuvugizi w’igisirikare ca Israel avuga ko ibitero vyo mu kirere biheruka vyahitanye Billal Al-Qedra, umwe mu ntwazangabo za Hamas, mu gisagara ca Khan Younis kiri mu bumanuko bwa Gaza.
Israel ishimangira ko Al-Qedra ari we yateguye ubwicanyi bw’abanya-Israeli bwabereye i Kibbutz Nirim mu bumanuko bwa Israel ku wa gatandatu, w’indwi iheze igenekerezo rya 07 Gitugutu (10), mu gitero cabaye giturumbuka kivuye muri Gaza.
Abamaze kwicwa muri Gaza barenze 2300 – ubushikiranganji bw’amagara y’abantu
Igitigiri c’abantu bamaze kwicwa muri Gaza barenze 2.300, nk’uko abategetsi babitangaza.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bumenyesha ko Abanyapalestina bose hamwe bamaze kwicwa ari 2.329, nayo abarenga 9700 bakaba barakomeretse.
Ubu bushikiranganji kandi busubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters buvuga ko abababa 300 bishwe ejo ku wa gatandatu, benshi muri bo bakaba ari abana n'abagore.
Abandi 800 barakomeretse nk’uko bubitangaza.
Haraciye indwi irenzeko umusi umwe abarwanyi b’umuhari Hamas bakoze igitero caguyemwo abasivire n’abasirikare. Abarenga 1300 nibo bamaze kwicwa muri Israel.
Kuva ico gitero kibaye, ibitero vyo kwihora vyo mu kirere bikorwa na Israel kuri Gaza ni urutavanako, ubu hakaba hitezwe igitero co ku butaka, aho ingabo za Israel zimeze magabo ku rubibe rwa Gaza zirindiriye gusa uruhusha rwo kwinjira.
Reta ya Israel yagabishije abanyagihugu bangana n’imiriyoni 1.1 baba mu buraruko bwa Gaza gukura meza, ibihumbi n’ibihumbi bakaba bariko barahunga, bamwe bagenda n’amaguru, abandi n’imodoka, ariko ko Hamas nayo ibababuza.
Aciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, umuvugizi w’igisirikare ca Israel, Jonathan Conricus, yanditse ko “Hamas iriko igerageza kubuza abasivire kuva” mu buraruko bwa Gaza bakaja mu bumanuko – akagiriza uno muhari ko ata kantu na kamwe k’ubuntu ufise.
Hamas ibwira Abanyapalestina kwihoza itegeko bahawe na Israel. Conricus yerekanye isanamu yafatiwe mu kirere yerekana imodoka zibiri za Hamas zizibira abariko barahunga.
Iran igabisha ko ibintu 'bishobora kuyangara'
Ubuserukizi bwa Irani mw’ishirahamwe ONU buvuga ko "ari nka hamwe ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ihonyabwoko biriko bikorwa na Israel bitohagarara vuba bwango, ibintu bishobora kuyangara bikongera bikagira ingaruka zirenze urugero".
Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter), ubu buserukizi bwanditse ko mu gihe ibi vyogenda uku, “abobibazwa ni ONU, Inama nkuru y’Umutekano kw’isi hamwe n’ibihugu biriko bituma ata ngingo ishobora gufatwa".
Amerika yarungitse ubwato bwikorera indege bugira kabiri mu karere - Pentagon
Reta Uzune Ubumwe za Amerika itangaza ko iriko irungika ubwato bwikorera indege z’intambara bugira kabiri mu karere, mu ntumbero yo "kuzibira ibikorwa bibi bishobora gukorerwa Israel ", nk’uko biri mw’itangazo rya Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika).
Ubwato bwikorera indege z’intambara USS Eisenhower, buri mu nzira buja mu buseruko bwa Mediterane gufata mu mugongo ubundi bwa USS Gerald R Ford hamwe n’amato y’intambara yabuherekeje, vyose bikaba vyaramaze gushika mu karere, nk’uko iri tangazo ribivuga.
Uburusiya busaba inama nkuru ijejwe umutekano kw’isi kwemeza integuro yo guhagarika intambara ya Israel-Hamas
Uburusiya busaba Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi gutora ikemeza ku wa mbere integuro y’umugambi wo guhagarika intambara hagati ya Israel na Hamas, integuro y’ubutabazi kandi yiyamiriza ihohotera rikorerwa abasivire hamwe n’ibikkorwa vy’iterabwoba, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Icegera c’uwuserukira Uburusiya muri ONU Dmitry Polyanskiy avuga ko ata cahindutse muri ino nteguro kuva ihawe iyi Nama igizwe n’ibihugu 15 ku wa gatanu, kandi ko yiteze ko amatora ashobora kuba inyuma y’umutaga wo ku wa mbere.
Iyi nteguro isaba ko intambara zihagarara vuba bwango, hakubahirizwa ibikorwa vy’ubutabazi, abanyurujwe bakarekurwa hanyuma abasivire bakeneye guhungishwa bakagenda mu mahoro.
Amafoto y’ejo k uwa gatandatu
Ubu ni mu gatondo muri Israel na Gaza. Mu gihe Israel ibandanya ibitero vyayo vyo mu kirere muri Gaza, ng’aya amasanamu y’ingene vyagenze ejo ku wa gatandatu.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, Reuters













