Iran yoba yarashigikiye umugambi wo gutera Israel?

Ahavuye isanamu, EPA/EFE/REX
- Umwanditsi, Na Na Paul Adams
- Igikorwa, Umunyamakuru mu vyo imigenderanire
Ibibazo bijanye n'uruhara rwa Iran, umwansi akomeye wa Israel, vyaratanguye kwibazwa na benshi inyuma y'aho umuhari Hamas ukoreye igitero cahitanye abanyagihugu b'abanyisirayeli baba mu micungararo ya Gaza.
Inkuru y'ikinyamakuru ca Wall Street ivuga ko abarwanyi bo muri Hamas n'ab'umuhari Hezbollah wo muri Liban kitashatse kuvuga amazina, bavuze ko Iran yatanze uruhusha rwo gukora iki gitero mu ndwi iheze.
Ariko umwe mu bayobozi bakuru bo mu gisirikare i Washington yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ata "makuru ifise ubu'' afitaniye isano n'ibirego vy'uruhara rwa Iran muri ivyo bitero.
Uko biri kose, hari vyinshi vyerekana ko ibi ari ukuri. Bigaragaye ko Iran yari inyuma y'ibi bitero, birashobora gutera intambara yo mu karere.
Mu gihe abayobozi ba Iran bariko barahimbarwa no gushimagiza ibitero, baranihutiye guhakana uruhara rwabo muri vyo.
Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu wa Iran yavuze ati: "Ibirego bijanye n'uruhara rwa Iran... bifise imvo za poritike".
Umuvugizi w'umushikiranganji nawe yongeye ati: ''Iran ntiyivanga mu gufata ingingo z'ibindi bihugu''.
Ariko ibi vyose ntibisigura ko Iran ata ruhara ibifisemwo.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko ''zitararonka'' ivyemezo ko Iran iri inyuma yavyo. Yamara, umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu wa Amerika, Antony Blinken, abona ata nkeka ko '' hari isano rinini''.

Ahavuye isanamu, Reuters
Tehran yamye ari umwe mu baza imbere mu gushigikira Hamas kuva imyaka myinshi, ikabaha uburyo bw'amahera n'ibigwanisho vyinshi cane harimwo za roketi.
Israel yamaze imyaka igerageza kuzibira inzira Iran icishamwo imfashanyo zija muri Gaza, zirimwo Sudan, Yemen, amato mato yo mu Kiyaga Gitukura n'abacuruzi ba magendo b'ingamiya bo mu gace ka Sinayi.
Nk'umwe mu bansi bakomeye ba Israel, biraboneka ko Iran irajwe ishinga no kubona igihugu c'Abayahudi kiri mu ngorane.
Haim Tomer, yahoze ari umusirikare mukuru wo mw'igendereza ryo hanze, Mossad, yabwiye BBC ati: ''Novuga ko ntoba ndengeje urugero mu gihe novuga ko Iran ibifisemwo uruhara.''
"Iyi ni inyishu ya Iran ku makuru avuga ko hari amasezerano y'amahoro ari mu gusinywa hagati ya Israel na Arabiya Sawudite."
Hagati aho, Tomer avuga ko ic'uko Iran yatanze uruhusha rwo gukora igitero co ku wa gatandatu ''kiremereye bukebuke.''
Avuga ati: "Ego, ni vyo Iran ni iya mbere mu guha Hamas imfashanyo y'ibikoresho, kandi babagirishiriza imyimenyerezo muri Syria kandi biranavugwa no muri Iran".
Avuga ko mu mezi aheze, Israel yagumye ikurikirirana uruja n'uruza rw'abayobozi ba Hamas.
"Twabonye abantu nka Saleh al-Arouri (umukuru w'ishami rya gisirikare ry'uyu murwi) n'abandi bakuru ba Hamas bama bagira ingendo hagati ya Liban na Iran, bakora amanama, harimwo [n'indongozi kizigenza Ayatollah] Khamenei ubwiwe".
Ariko Tomer avuga ko ubu "bucuti bwa hafi'' budakwiye kugira ngo "tubufatireko mu gusigura integuro y'iki gitero.''
Avuga ati: "Hamas yari irajwe ishinga n'indyane ziri muri Israel."
"Iran ibandanya kandi iha Hamas imfashanyo y'uburyo n'ibikoresho vya gisirikare, ariko nibaza ko ingingo yari iya Hamasa ubwayo ku rugero nk'urwa 75%".

Ahavuye isanamu, Reuters
Raz Zimmt, umuhinga kuri Iran wo kuri kaminuza ya Tel Aviv, aravyemeza.
Yanditse ku mbuga hwaniro ati:" Iyi ni inkuru ya Palestina".
Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Wall Street, Irani yatanze uruhusha rwo gukora igitero mu nama yabereye i Beirut ku wa mbere uheze.
Amakuru ava muri Hamas na Hezbollah yatanzwe n'abantu batashatse gushira ahabona amazina yabo, yabwiye ico kinyamakuru ko indongozi zo mu gisirikare ca Iran zakoranye vya hafi na Hamas kuva mu kw'umunani kugira batangure ibikorwa vyo ku wa gatandatu bidasanzwe vyo mu kirere, ku butaka no mu mazi.
Amasanamu y'igitero ca Hamas yerekanye ubwenge bwo ku rundi rwego rurengeye izindi uyu murwi wari waragerageje muri kahise mu guca mu ryahumye uruzitiro rw'umutekano rwa Israel rukikuje Gaza.
Ugukoresha icarimwe amaroketi, indege zitagira abadereva (drones), imodoka n'imitaka yo mu kirere ifise utumoteri (hang-gliders/deltaplanes motorisés) vyerekana ko abateguye ibi bitero bize ubundi buryo bushasha buvanze bwo kurwana, kumbure harimwo n'ubwo muri Ukraine.
Ariko ku ngingo yo gukora iki gitero, Raz avuga ko yafashwe na Hamas, bishingiye ku nyungu zayo bwite, biturutse ku biba muri Palestine".
"Mbega Hamas yoba yarakoresheje uburyo yahawe na Iran? Ego cane. Iran yoba ifise inyungu muri iki gikorwa? Ego. Hamas yoba ikeneye uruhusha rwa Iran kugira itangure ibikorwa? Oya."
Haim Tomer, yahoze ari umuyobozi wa Mossad avuga ko Hamas imaze imyaka myinshi itegura abarwanyi karuhariwe.
Avuga ati:" Ariko bakora ibirengeye ivyo bahora bakora."
Abayobozi ba Israel ubu baraba mu buraruko no mu bumanuko mu gihe baciga intambwe izokurikira, banihweza kandi niba Iran yaragize uruhara rweruye.
Hezbollah, somambike wa Iran muri Liban, yamaze gukora ibitero bibiri bito mu karere ko mu misozi ya Golan kigaruriwe na Israel. Igisirikare ca Israel kivuga ko cakoresheje indege za kajugujugu mu gukora ibitero muri Liban.
Raz yavuze ati: ''Ibikorwa vya Hamas vyahinduye ibintu mu buseruko bwo hagati bishobora gutuma Iran iva ku rwego rwo gutanga imfashanyo no guhuza ibikorwa gusa ikaja ku rwego rwo kugira uruhara rutaziguye, cane cane mu gihe ibitero vya Israel vyo kwishura agasomborotso vyoteza ingorane zikomeye kuri Hamas.''













