Mark Zuckerberg yatangaje bishasha mu gukoresha WhatsApp

Meta yatangaje uburyo bushasha bw'ingene ushobora gukoresha Whatsapp.

Ubu uzoshobora kuva mu biyago vy'umugwi atawubimenye, kwemerera canke kwankira uwushobora kubona ko uri ku murongo no kubuza ko hari uwufata ifoto y'ivyo mwayaze (screenshot).

Umukuru wa Meta Mark Zuckerberg yavuze ko ivyo bizotuma ubutumwa bwo kuri Whatsapp buba "ubwo abariko barabuhana gusa kandi bukingirwa nka kurya kwo kuvugana amaso mu yandi. "

Whatsapp izotangura gusohora ubwo buhinga muri uku kwezi ihereye mu Bwongereza.

Kuvamwo winumiye

Ubwo buhinga bukoreshwa cane mu guhanahana ubutumwa ubu buramenyesha umuntu wese ari mu mugwi ko hari uwuwuvuyemwo canke ko hari uwuwukuwemwo.

Gushika ubu umuntu ari mu mugwi ntashobora kuwuvamwo yinumiye (atawumenye ko agiye canke akuwemwo).

Ariko ubu azoshobora kuvamwo abandi batarinze kubimenya uretse abasanzwe bafise ububasha bwo kwinjiza no kuvanamwo abanywanyi mu mugwi.

Uwujejwe izo mnpinduka Ami Vora yavuze ko ivyo biri mu ntumbero y'uko hashirwaho uburyo bw' uko "abakoresha Whatsapp baronka ububasha busumbirije bwo kugenzura ubutumwa bwabo".

Avuga ko gushika ubu ata bundi buhinga bwo kuyaga butanga urugero nk'urwo rwo kuyaga mu mutekano haba mu kwandikirana ubutumwa, kurungikirana ijwi, amafoto canke guhamagarana kuri video.

Ivyo bizotuma kandi abakoresha Whatsapp baronka uburyo bwo kwemerera bamwe bamwe -canke kutemerera n'umwe -kubona ko bari ku murongo, gutyo kumenya ko uri ku murongo bihure no kumenya ryari uhaheruka.

Janis Wong, umushakashatsi muri Turing Instutute, yabwiye BBC News ati: "Vyama ari vyiza guha abakoresha ubuhinga ububasha burushirije bwo kugenzura ivyo bacishako.

"Ariko mu gihe batamenyeshejwe ko hari ivyahindutse muri app, ingaruka zavyo zishbora kuba nto.

"Mu gihe bidashoboka vyikora vyonyene, canke abakoresha ubwo buhinga ntibashoke babwirwa ko bafise uburenganzira bwo guhitamwo ico bifuza, ico gihe nta kinini ibiundutse vyoba bimaze, mu gihe abakoresha ubuhinga batemenye ko ari ivyo bashobora guhitamwo."