Facebook yahinduye izina yitwa Meta mu ntumbero yo kwiyubaka gushasha

Facebook yahinduye izina ryayo yitwa Meta mu ntumbero yo kwubaka gushasha ishusho y'iyo kompanyi.

Iyo kompanyi yavuze ko bizofasha gukoraniriza hamwe neza gusumba ivyo ikora mu gihe iriko iraba kure y' ivyo ikora vy'imbuga hwaniro ikaja mu vya Virtual Reality (VR), [gukoresha ubuhinga bwa ordinateur ugakora ibisa n'uko kwoba ari ukuri kw'uko ibintu bigenda mu buzima].

Izo mpinduka ntaco zihindura ku mashami yayo rimwe rimwe ukwaryo nka Facebook, Instagram na Whatsapp, hahindutse gusa izina rya kompanyi iyaganza.

Iyo ngingo itewe n'uko hari haciye igihe haba amakuru atavuga neza Facebook, ashingiye ku mabanga y'iyo kompanyi yamenywe n'umwe mu bahora ari abakozi bayo mu gushira ahabona zimwe mu nyandiko zayo zari zigenewe kuguma mw'ibanga.

Nyene Facebook, Mark Zuckerberg, yatangaje iryo zina rishasha ku wa kane igihe yashira ahabona imigambi yo kwubaka ''metaverse" - isi yo kuri internet aho abantu bashobora kuja mu nkino, bagakora akazi kandi bagatumatumanako mu buryo bw'ubuhinga, nk'uko womenga n'ukuri.

Yavuze ko uko bahora bitwa "bidashobora gutanga ishusho yose y'ivyo basigaye bakora vyose, ubaye urareka muri kazoza", gutyo hakaba hari hakenewe guhindura.

"Uko umwanya uzohera, nibaza ko ariko tuzobonwa nka kompanyi ya metaverse kandi nshaka gushimangira ivyo dukora n'izina ryacu kuvyo turiko turubaka muri iyo nzira", nk'uko yabivugiye mu kiganiro ku buhinga bwa none.

"Ubu dushaka gukora nk'amashami abiri atandukanye, rimwe ry'ama apps yacu, irindi ku mbuga zacu za kazoza.

"Muri iyo ntumbero, harageze ko dufata izina rishasha rya kompanyi yacu kugira ivyo dukora vyose bijemwo, ryerekana abo turi n'ivyo twifuza kwubaka."

Iyo kompanyi yashize ahabona kandi ikimenyetso gishasha ku cicaro cayo i Menlo Park muri California mu gusubiriza logo yayo y'urukumu ya "Like" n'ikimenyetso co mu biharuro gisobanura ibitagira iherezo (infinity) kiri mw'ibara ry'ubururu.

Zuckerberg yavuze ko iryo zina rishasha rivuga ko uko umwanya uzohaca ariko abayikoresha batazokenera gukoresha Facebook mu gukoresha ibindi bitangwa nayo.

Impapuro zo mw'ibanga zashizwe ahabona

Izina rya Facebook rigize igihe ritosekara, kuri uyu wa kane ikinyamakuru Washington Post canditse ko Facebook yanyegeje amakuru akomeye ku binyoma bijanye n'incanco yatangwa n'abashinga imigambi mu gihe c'ikiza ca Covid.

Ni co ca vuba mu rukurikirane rushingiye ku nyandiko zagiye ahabona zitari zihagenewe bikozwe n'uwahoze ari umukozi w'iyo kompanyi Madame Haugen yazihaye ibinyamakuru.

Mu bindi vyinshi vyavuzwe, Facebook yagirijwe ko yanyegeje ubushakashatsi bwerekana ko Instagram yononye ubuzima bwo mu mutwe bw'abana b'imiyabaga (abangavu), kandi ko bitayoroheye kuvana ku mbuga zayo amajambo y'urwanko hanze ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Zuckerberg yavuze ko ivyavuzwe ari "igikorwa gihujwe co gukoresha amabanga yamenywe kugira herekanwe ishusho itari yo y'ikompanyi yacu".

Umwihwezo wa James Clayton, umunyamakuru akurikirana ivy'ubuhinga bwa none muri Amerika ya ruguru

Kugerageza guha izina kompanyi biragoye. Zuckerberg avuga ko yahisemwo Meta, kubera ico iryo jambo risigura mu kigiriki - "hirya y'aho". Ryerekeza kandi kuri "Metaverse", isi yo kuri internet ashaka kwubaka.

Aha ni ho Facebook ishobora kugira ikibazo c'uko izina rya Meta rifata.

Ubwa mbere, iyo ngingo isa n'uko Facebook iriko iragerageza gusamaza abantu ngo bibagire inkuru zitayivuga neza zimaze igihe zicanacanako. Abayinegura bavuga ko Facebook yabikoze kuko isigaye imeze nk'uburozi.

Turamaze kubona aho abakenguzamateka bagira nk'uko ata zina ryahindutse, umwe akaba yavuze ko uko ari uguhindura "urukoba" gusa.

Ubwa kabiri, "Metaverse" ntirabaho. Zuckerberg yarasiguye ko ari ibintu bizofata igihe. Gutyo gufata izina ataho rihuriye n'ivyo ukora kumbure ubiravye … ntibihuye. Hafi amafaranga yose Facebook yinjiza ava mu kumenyekanisha (kwamamaza) kuri Facebook na Instagram.

Ubugira gatatu, turazi ko ibindi bihangange vy'ubuhinga bwa none vyagerageje kwiyita ayandi mazina na vyo vyananiwe. Ubiravye nta n'umwe yita Google "Alphabet", izina rishasha yihaye mu 2015. Ukuri n'uko kuyobora Instagram na Facebbok bitakiri mu vyo Zuckerberg yiyumvamwo cane.

Ashaka gukora ibindi vy'isi zo kuri internet , yibaza ko bizohindura imibehero y'abantu. Ukwama ariko aranegurwa ku buryo ayoboye kompanyi z'imbuga hwaniro bitegerezwa kuba vyamusesereje.

Uko gusubiramwo ingene kompanyi itunganijwe bishobora kumuha uburyo bwo gushimikira cane ku mashami y'iyo kompanyi yiyumvamwo gusumba.

Muri iyo ntumbero birumvikana. Ariko tuzobanza kurindira turabe ko abantu bajana nawe muri iyo nzira.