Lionel Messi: Barcelona 'mu biganiro' irondera ko uyu musatirizi wa PSG yosubira i Camp Nou

Ahavuye isanamu, Getty Images
Barcelona iri mu biganiro n’umusatirizi Lionel Messi kugira ngo irabe ko yasubira muri uwo murwi yakoreyemeo ibidasanzwe, nk’uko vyemezwa n’icegera c’umukuru w’uyu murwi Rafael Yuste.
Uyu musatirizi wa Argentina w’imyaka 35 ubu niwe mukinyi wa mbere yinjirije Barcelona ibitsindo vyinshi muri kahise k’uyu murwi, aho yinjije ibitsindo 672 mu nkino 778 akaba yavuye i Nou Camp (ikibuga ca Barcelona) mu 2021 kubera ibibazo vy’amafaranga.
Amasezerano y’imyaka ibiri afitaniye na Paris St-Germain azorangira mu ci riza, ariko bikavugwa ko yipfuza kubandanya akinira uyu murwi wo mu Bufaransa.
Yuste ati: "Leo n’umuryango wiwe barazi neza urukundo ndabafitiye”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imyaka ibiri iheze, Messi yavuye muri uyu murwi wo muri Espagne yamaze kwemera amasezerano mashasha na Barcelona y’umushahara ugabanijwe, ariko vyose bikaba vyategerezwa kuva ku kungene uyu murwi ushoboye kugurisha abakinyi kubera amabwirizwa mashasha ajanye n’ikoreshwa ry’amafaranga.
Ico gihe, ibi ntivyashobotse ku ku gihe cari gitegekanijwe, bica birangiza ibihe vyiza yari amaze muri uno murwi yatsindiyemwo ibikombe bine vy’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des Champions/Champions Leagues), ihiganwa rya Espagne, La Liga, incuro cumi – hanyuma hakiyongerako n’Imipira y’Inzahabu (Ballons d'Or) itandatu.
Yuste ati: "Nari muri ivyo biganiro bitashoboye gushika ku kintu kanaka ku gihamana kibi.
"Kubona Leo atashoboye kubandanya ari kumwe natwe mu murwi wacu ryagumye ari ihwa rinzibura mu kirenge.
"Messi arazi neza agaciro tumuha. Vyondyohera ari nka hamwe yogaruka. Nivyo, turacari mu biganiro nabo”.
Hampande y’igikombe c’isi yose aherutse guterura muri Kigarama (12) umwaka uheze, Messi amaze kwinjiriza PSG ibitsindo 29 mu nkino 66 amaze gukinira uyu murwi.
Aherutse kwinjiza igitsindo kigira 100 mu nkino mpuzamakungu hamwe n’ikigira 800 mu mwuga wiwe wo gukina umupira w’amaguru.













